Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

REJA: «Urwaruka, rubonekera mu vyo rukora»

Alphonsine, Donatien, Helmenegilde ni abakiri bato batatu baboneka mu bikorwa bitandukanye. Babonekera cane mu bikorwa barangurira mw’ikomine yabo ya Rugazi, barabera urundi rwaruka rwo muri iyo komine akarorero keza.

 

Alphonsine Nsabimana, imboneza yitanga ibikunze

Niho agiheza amashure y’isumbuye, uwo mukorerabushake wo mu banyamuryango ba Croix-Rouge, amashure yiwe yayabangikanije n’igice c’ukubaho kwiwe mu kugerageza kuboneka neza mu benegihugu bo mu karere ka Muzinda muri komine ya Rugazi.Yama atanga amaraso ku gihe.

Umuraba gusa, ntiwokwibwira ko yoshobora kubanguka mu kurokora ubuzima bwabahohoterwa na ba ntahonikora. Alphonsine aranitanga kandi mu kwubaka inzu z’abatagira aho bakika umusaya.

Yungukiye ku nyigisho yaronkejwe mu mugambi wa SFCG ku bijanye n’uburongozi bwiza, Alphonsine yama yitanga kugira uwumukeneye wese ashobore kumuronka vyoroshe. Agira ati: «Harabaye igihe nitwaza ivy’amashure yanje kugira sindangure igikorwa canje neza», ni ubunebwe  ategerezwa kwikuramwo. Ababanyi biwe baragerageza kumutyetyeza ariko we aguma yumiye ku co yahisemwo. «Benshi bavuga ko tutagira urutonde dukorerako, ariko ivyo ntibinca intege».

Helmenegilde Nyunganira, afise umwitwarariko wogushikana abandi ku mahoro arama .

Umwigisha w’umukorerabushake mu mashure arenga ane, Helmenegilde ni umwe mu bakiri bato b’imboneza batanu bigisha bakanazana abandi mu gikorwa co kuba imboneza muri komine ya Rugazi. Yama ariko arazunguruka imitumba iri muri Komine Rugazi, yigisha urundi runganwe uburyo bwo gutatura amatati bidaciye mu ngimba.

Ku bwa Helmenegilde, iyo ikibano cose kiri mu ndyane, ni vyiza ko: «Ababa mu kibano kirimwo amatati bakwiye kwiga uburyo bwo gutatura amatati biciye mu nzira y’amahoro».

Anyuzwe n’inyigisho z’uburongozi bwiza, ugutatura amatati bidaciye mu ngimba, hamwe n’ubugabo nyabwo, Majiridi arakenyera zikaguma mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo yigishijwe. Yemeza ko ata gikorwa coroshe, «Bamwe bavuga ko ivyo dukora tubihemberwa», biramutangaza.

 Donatien Kubwayo: “Yita ku rutare kubw’ ineza y’abana»

Gukingira agateka k’abana yabigize umuhamagaro. Arongoye umugwi CPE (umugwi wo gukingira abana), Donatien mu vyo akora, yitwararika ibijanye n’abana baheba amashure, amahohoterwa akorerwa abana ku mashure canke ayakorerwa hagati y’urwaruka biciye mu buserukizi, ukurangira abahohotewe iyo boshobora kwitwara,…

Ku bw’inyigisho  yakuye muri SFCG, Donatien yarajijutse ko inyungu y’ivyo yoronka nk’amafaranga bidashobora kumubuza kurangura ivyo yigishijwe. « Ni na co kimenyetso kiranga imboneza, itegerezwa kwitanga». Nubwo atari igikorwa coroshe, Donatien ntari mu bantu badebukirwa ningoga: «Birakwiye kunyurwisha umuntu kandi mu kuri».

Urutonde rw’ibikorwa vyo gufasha abana kugira basubire ma masomero

Urwaruka rungana na mirongwine rwararonkejwe inyigisho zo mw’ishirahamwe SFCG. Abo rero bakaba barihaye igikorwa co kubarura abanyeshure bose bahevye amashure mu myaka yaheze kugira bagarukanwe mu masomero.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top