Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

« Ko ya miduga minini yunguruza abantu yatanguye gushika, bene mito tugiye kuba abande? »

Umuzo w’imiduga minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura urahagaritse imitima abasanzwe bakoresha imiduga mitomito yo mu bwoko bwa ‘Hiace’. Ni mu gihe ku biyunguruza ho akanyamuneza ari kose. Hari ico mu bushikiranganji bw’ukwiyunguruza babivugako?

Vyarivyaravuzwe ko hagiye kuza imiduga minini minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, imiduga ishobora gutwara abantu bagera kw’ijana, none vyaraye bishizwe mu ngiro. Itatu muriyo iramaze gushika, mbere ibiri ikaba yaratanguye no gukora. Si iyo gusa. N’iyindi ngo iracaza. Ni mu gihe imiduga yo mu bwoko bwa ‘Hiace’ yahahora, isanzwe ifise ibibanza 18 gusa.

Abashoferi bakira gute uyo muzo?

Karabasya. Yajinyitse, Nyandwi asanzwe akoresha umuduga wo mu bwoko bwa ‘Hiace’ agira ati: « We wonezerwa gute ubona aho wahora ukura umukate w’abana ugiye kubura burundu? Nako twokwemererwa kubandanya dukora ho… »

Si Nyandwi gusa, nka bose karaniga. Minani agira ati: « Ntakundi nyene uko zivugijwe niko zitambwa, tuzorya utwo badusigarije. None aho imodoka itwara abantu ijana iciye, ntiwumva ko isiga ikumakumye abakiriya bose? Twebwe ab’imodoka ntonto ntibizotworohera na gato, nta ngere y’aho bukera bazana iyindi ».

Abo batwara imiduga yo mu bwoko bwa ‘Hiace’ bagasaba ko n’iyo miduga yindi yimirije kuza yoshika yisunga amategeko asanzwe ku mbuga nk’ay’ugutonda ku murongo eka mbere bagatoza n’amahera amwe nk’abandi, gutyo umukiriya yinjire muyo ashaka.

Mu bushikiranganji bw’ukwiyunguruza barashima

Ego cane. Consolateur Nitunga, umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji agira ati: «Iyo miduga, ntije gutera akajagari mu gisagara ca Bujumbura nyabuna ije nk’umuti w’ikibazo c’ukwiyunguruza cari kimaze iminsi cibonekeza aho wasanga abantu batonda imirongo bakarara barataha ijoro bivanye n’uko hakora imiduga mitomito».

Ngo si ivyo gusa, uwo muyobozi nyene yibutsa ukuntu abanyagihugu bari bamaze igihe bataka incuro nyinshi kubw’impuzu zabo zaguma zitabagurwa n’imiduga ishaje iriko irakorera mw’ibarabara. Iyo miduga iheruka kuza rero n’iyindi iri inyuma, ngo ije nk’inyishu y’ivyo bibazo vyose.

Ngo nta gitigiri c’imiduga yitezwe kizwi. Eka n’ikiguzi c’umwumwe ngo kizwi na beneyo, kuko ngo atari iya reta, ari iy’abagwizatunga b’Abarundi nyene. Nayo ivy’uko iyo miduga yoba yose izoza ari ubwoko bumwe, kubw’uwo muyobozi ngo vyoshika canke ntibishike, ngo bizovana n’aho beneyo bazoba bashimye kuyigurira.

Abiyunguruza na bo?

Buzuye urweze. Akanyamuneza ni kose, eka ntiworaba. kubw’abo ngo zari zaratevye. Mariya twasanze ku murongo atwiganira atwengatwenga uko yayumvise, we ngo aheruka kuyihonja: « Yemwe, eka ni indege yibereye aho. Wicara wisanzuye, irahagurutse, eka iranaryosha umunyenga. Naherutse duhaguruka, Sinamenye ukuntu twashitse. Ahubwo baribakwiye kuyigwiza nukuri».

Abasanzwe bakoresha imiduga yo mu bwoko bwa ‘Hiace’ bafise iyigikomeye, ngo nibahumure. Ariko inkuru y’ab’izishaje, ngo ni hanyuma. Iyo miduga ngo izisunga amategeko ahasanzwe nk’iyindi mu ntumbero yo kworohereza bose nk’uko tubikesha ubuyobozi bukuru bwo muri ubwo bushikiranganji.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top