I Bujumbura hari ubunywero bumwebumwe iyo amasaha amwamwe ageze usanga bwiharijwe n’abagore gusa. Hagati y’isaha icumi n’imwe z’umuhingamo n’isaha imwe y’ijoro, abavuye ku buzi batashe ndetse hataragera yuko abana bakora udukorwa tw’ishure babatekereye, harya imbere yuko abagabo basohoka kuraba agahita, abakenyezi bo mu gisagara bamwebamwe barahura bakaba baratera ryarenga.
Ntawuramenya neza ico baba bariko baraganira. Hari aho wosanga ikiyago cerekeye ukumenya ibijanye n’imvutano zigezweho, ingene umugore yo kwihanganira umugabo wiwe aguma ayebayebana n’abandi bagore, ingene abagore bokwiganzura igitsure c’abagabo babo, canke ingene bigisha abana babo ibiharuro…
Mu gutera ijoro ijambo, abo bose baba bateramiye ku rukanywa. Abenga inzoga na bo babihinyuye kera.
Ivyari imagera vyarageruye, ubu abakenyezi ntibakinywera inzoga mu kinywabi canke bazinyegeza munsi y’ibikwemu bambaye, ubu bazinywa ku mugaragaro.
Ubu icupa barinywera ahabona, bene umuramgo babona. Kandi ni ibisanzwe, uravye ibihe: kuberiki abakenyezi batwara amapikipiki yunguruza abantu, bari mu rudandaza, bakina guterana ingumu canke basigaye ari ba kimyozi na bo batokubahuka kunywera inzoga ku mugaragaro?
Iryo hinduka rero, ryatahuwe n’abakora urudandaza. Nkabenga inzoga barafashe nka nkama yuko umukenyezi ari inkingi y’iterambere ry’urugo, kandi ko igice ca kabiri c’Abarundi bagizwe n’abakenyezi. Nk’ishirahamwe Brarudi ryakenyuye neza: abakenyezi bikundira cane ka Amusiteri Boki, abenshi banywa bagacanze n’ifanta ya CocaCola.
Kandi, si ivya gusa kubona ubwoko bushasha bw’ikiyeri giheruka gusohorwa na Brarudi ciswe izina rya “Baju”.
Abafise ifaranga bobo barihereza akitwa « Simirnoff », gahuza cane abakenyezi. Aho rero ntushizemwo za « Amarula », n’ubwoko bw’inzoga bwinshi buganirwa hagati mu gihugu…
____________________________________________________________
Ivyanditswe ngaha vyakuwe mu gifaransa, ngaha.




