Jimbere

ikirundi French English
IJAMBO RY'IBANZE

Erega na bo nyene baranyoterwa

Ku myaka indwi gusa! Espérance niho yatangura gusoma ubwa mbere ku nzoga bita Camudiho, iyo nayo ni imwe mu nzoga zengerwa hagati mu gihugu zibujijwe. Ntibitahuritse ariko ni ukuri. Eka noneho mu ntara ya Kirundo, iyo nzoga si yo yonye ibujijwe. Ku gutinya yuko izina ryayo rimenyekana hose bavuga ko ari inzoga gusa. Biratosekaza « agateka ku mukenyezi ». Vyinshi muzovyisomera mu vyo twabatorokanije.

Mu gisara ca Bujumbura, kunywa inzoga zirenze urugero vyarimonogoje kuri bamwe mu bakunzi bazo. Kurenza ni co cerekana ko uri umukunzi wayihebeye. Na Leslie ntavuga ibitandukanye n’ivyo.
Yatanguye kuja gukesha mu bunywero afise imyaka 17 gusa, uwo munyeshure uducupa tw’ ibiyeri tumutemba neza kandi kuba anywa ntaco bimutwaye. Aho rero ntihavugwa ingorane zishobora gushikira abakenyezi banywa inzoga igihe bibungenze. (Umwana ari mu nda ntakura neza, kugira ikibazo mu bwonko, kumugara ibihimba bimwebimwe,n’ibindi).

Ata gisabwe, hihwejwe ibijanye n’imico n’akaranga k’abarundi, ikinyamakuru Jimbere carashatse kumenya ingene umukenyezi yabona inzoga kugira barabe urugero rw’ingene ibintu bigenda birahinduka. Aho rero turavye ikibanza inzoga ifise mu kibano c’abarundi, birajana n’uruhara umukenyezi afise nk’umuntu atunganya ivyo mu rugo no mu kibano.
Uko umukenyezi yiyumva ariko arasoma agacupa biri mu vyerekana ko nawe ariko arikukira ku bijanye n’imico, dufatiye nko ku kibanza kigayitse yari afise mu bikorwa vya vugwa ko ari ivy’abahungu, ivyo na vyo ni nk’ivy’inyubako ivy’intwaro eka n’ivyo kuja mu bu nywero. Bivanye n’izoga : abagore ntibaheza ngo bagire ingaruka zimwe n’iz’abagabo, …

Ivyo vyose Jimbere yagiye irabibona.

 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top