Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Ibibanza bengeramwo inzoga biri mu kinyegero

I Burundi inzoga nyinshi zikozwe mu buryo bwa kavukire. Kandi zica zija kudandarizwa ahabona. Izo nzoga canecane zikozwe mu bitoke nk’isongo canke urwarwa. Ariko hari ho n’izindi zibujijwe n’amategeko ugaca usanga zica zinyobwa mu kinyegero. 

Turi ku mutumba NyangaBushaza mu Kirundo. Ciza Superasi  atangura arunguruka mw’ibarabara hamwe no hafi y’inzu yiwe kugira ngo arabe neza yuko ata nyamiramabi ziri hagufi ngo zihave zimuta muri yompi.  Mu kigo iwe hari hateretseyo ibidumu bibiri vyuzuye inzoga ubona ko ata nkeka birindiriye abaza kubinywa. Superasi tumubajije ingene iyo nzoga yitwa, imbere yuko atwishura agatwengo karahatswe kumwegura araheza atubwira ati: “Iyi nzoga yitwa Camudiho kuko wayisomye ikagushika ubibwirwa n’uko utanguye gutamba”.  Superasi ni umugore mugufi afise imyaka nka 30, ariko umuravye yaramaze kuba umutamakazi.

Umubajije igituma, yishura ati: “ Nsa nk’uwushaje kuko nanyoye Camudiho nyinshi nkiri muto cane”. Nko mu mwanya ungana n’iminota nka 10  hari haje abantu babundabunda ariko baje gutwara ibidumu birimwo iyo nzoga. Ntawirirwa arabaza igiciro bashika bariha birukanga basubira inyuma. Superasi ati : “Bava kure baza kuyindangura kuko bazi neza yuko ndayenga neza cane”.

Inzoga ikorwa bidaciye mu mategeko

Superansi yatanguye kunywera mu kinyegero iyo nzoga ibujijwe n’amategeko agifise imyaka 7 itarenga ntirenguke. Mu myaka indwi ikurikira ageze kuba umuyabaga ni ho yaciye atangura na we kuyenga. Ati ivyo bimutuma agira uburambe bw’imyaka 15 akora ako kazi. None Camudiho ni iki? Superasi amaze imyaka 15 yenga  iyo nzoga yaratubwiye muri make ico ari co: “ Ni inzoga ikozwe mw’ifu y’amasaka, isukari nyinshi hamwe n’umwambiro. Kugira ngo ishe, imara imisi ibiri” .

Superasi ntatinya kubwira abandi yuko ayikora kandi ntanatinya ko n’abandi bayikora kuko azi yuko afise abama baza kuyimugurira kandi ko atoyiheba. Ico atinya ni inyamiramabi gusa.
Ntiyibagiye kuvuga yuko abajejwe intwaro bamaze igihe bataborohereza kuko bamwe mu bagenzi biwe benga iyo nzoga benshi barataye baromoka abandi na bo baratawe mu mvuto.  Macumi Daniyeri umuhanuzi wa buramatari ati: “ Tugerageza kurwanya no gutuza izo nzoga kubera yuko zonona amagara y’abantu hanyuma zikanabakurako ubuntu”.  Aremeza ko ibikorwa bigenda neza kandi ko abazenga batorohewe na gato.

Abakora iyo nzoga bavuga ko baba bariko barondera icorirenza

Urwo rugamba ntirwigeze rworohera Superasi, ubu avuga yuko ata co acunguka: “ Ubwambere ni je nigurishiriza icupa ku mafaranga 250 ariko ubu ndaranguza gusa bagaca baja kwiyungukira. Ndabikora gutyo kuko ntinya ko inyamiramabi zimfata zikanjana mw’ibohero.”

Nk’uko abajejwe intwaro baguma basemerera yuko iyo nzoga ifise ingaruka mbi nyinshi ku magara y’abantu, Superasi ntabihakana  na gatoyi ariko avuga yuko  abayenga babigira kugira bashobore kurondera ico bagaburira imiryango. Superasi  aheraheza agira ati: “ Jewe ndubatse kandi mfise abana bane mbwirizwa kurera. Abajejwe intwaro aho gutuza burundu ikorwa n’idandazwa ry’ico kinyobwa bari bakwiye kudufasha tukaja hamwe tukaraba ukuntu twogikora twisunze amategeko”.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top