Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Goreti, umukobwa w’intungane yahavuye atwarwa umutima n’inzoga

Ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, izina rya Goreti ryaramenyekanye nabi, ivyo bikaba vyatanguye kuva mw’ijoro riraho ryo mu kwezi  kwa myandagaro mu 2016. Uwo muzezwanzu w’imyaka 30 nta n’umwe yari bwigere yibaza ko yocitse iciro ry’umugani kubera utuyoga.

Goreti benshi bazi kw’izina rya Gogo, yaje mu Kirundo gukora mu bunywero avuye i Nyanza Lac. Uretse ubutekereji nta kindi kintu na kimwe abantu bari bamuziko gushika muri iryo joro rya myandagaro.

Imbere yuko yandagara, uwo munsi wari watanguye neza cane, uwari amufitiye amahera y’inzoga yamuhaye, yari yazindutse amuriha hanyuma n’umwe mu bo bakorana yari yemeye kumukorera uwo munsi wose na we akaba yategekanya guca aruhuka neza. Ariko nta co yari yigeze yikeka kuri wa mugabo yamuriha n’ubwo atashimye kumuvuga izina ngaha: “ Isaha zine z’igitondo nitavye iterefone y’uwo mugabo nakunda kubona aho nkorera ambwira yuko hari ico akeneye kumbwira. Naciye ngenda ndamusanga ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo.”

Ashitse aho bavuganye ko bahurira, Goreti yaratangaye asanze wa mugabo yambaye neza, asa neza, maze wa mugabo aca amubwira ko yipfuza ko bosangira akarahuri k’inzoga. Goreti mu ntango yumva ata vyo yokwemera ariko wa mugabo aguma amuryosharyosha ati ntiturenza akarahuri kamwe gusa. Mu mutima Goreti araheza yibwira ati : “ Iyo bija hose  nta kindi kintu nateguye gukora uyu munsi kandi n’agacupa kamwe nta we kishe”.   Ng’uyo wa mugabo amushize kw’ipikipiki bagiye berekeza ahitwa  Karobago ntihashikana ibirometero cumi uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo.

Bahashitse nta bunywero nk’ubwo yaramenyereye kubona yahasanze, ariko bahasanze inzu isanzwe bagiye mu kigo babona intebe nyishi zihari, hari ho n’abandi bantu babiri umugabo n’umugore bariko basangira inzoga mu bikombe.  Wa mugabo azananye na Goreti aca amubwira ati: ”Uno munsi, ntituywa inzoga zo mu mahinguriro (Brarudi), tunywa inzoga kavukire”. Naho akayaga ko kuri ya pikipiki kari kamuciyeko, Goreti amaze kubona yuko aho hantu ahasanze uwundi mukenyezi ndetse akaza abona na nyeneho ni umugore nta kintu na kimwe yasubiriye kwinona. Agize gutya, aza abona bamuzaniye icupa ryuzuye  no kubunwa inzoga isa n’umuhondo hamwe n’igikombe. Agize ngo arabaza ingene iyo nzoga yitwa, wa mugore nyene ubunywero aca amwishura ati: “ Iyi twebwe tuyita inzoga gusa nta rindi zina ifise”.

Goreti yumvise urwo rukanywa rusosagira, na we araheza ararukamagira ata co yinona kandi yumva rumuryohera. Ntiyigeze amenya yuko amaze kunywa amacupa abiri yose. Yaravye isaha aho zigeze asanga ni isaha icumi n’imwe z’umuhingamo, nta kindi kintu na kimwe yasubiriye kwibuka.

Akabi kabishe

Bukeye bwaho yikanguye isaha icumi na zibiri z’igitondo asanga  ari mu nzu iriko irubakwa ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, agahuzu kiwe ko munsi katabutse, ikanzu na yo idugije gushika haruguru y’ikibero. Ntiyamenye ivyo ari vyo, yavyukanye iseseme ntangere ntiyashobora no guhagarara neza. Aca arandara agenda ari kwega aja iwe kuryama , amaso y’abanyakirundo bazindutse nta co yamubwira kuko ntiyari bwatore akenge neza.   Mu nyuma yaricujije avuga ati : “Iyo mba nari mfise ubwenge bukwiye nari gutaha ndabundabunda”.

Kukaba nkako, iyo abimenya yari kwihisha mu gutaha kuko Kirundo ni hato kuburyo n’imbere yuko inzoga zimuvako abamuzi bose harimwo na sebuja bari bamaze kumenya ko yaraye mu nzu ikiriko irubakwa.  Yahamagawe kuri ngedanwa abwirwa ko yakuwe mu kazi akiri mu bitirotiro bivanze n’akaborerwe katari bwa muheremwo neza. Abonye  ukwezi kurenze atagiye mu butinyanka yahavuye yiyumvira  kuja kwisuzumisha kwa muganga ngo arabe yuko atoba afise imbanyi. Aronse inyishu y’igipimo, yasanze koko yibungenze ariko wa mugabo yaja kumugurira inzoga igihe aca afatwa, yamwamiririye kure  akibimubwira. Goreti ati: “ Uwo mugabo yari yarondeye n’ivyabona vyiwe vyaje kumusurira,  yaremeje  abantu bose ko uwo munsi nagiye nivumbuye kandi ko nagiye ntamusezeye. Siniriwe ndaharira kuko nta na kimwe nari ncibuka mu vyambayeko uwo munsi ”.

Haciye amezi munani, Goreti yaciye avyara akana k’agahungu  katigeze kamenya se ariko kabeshejweho na nyina akora akazi ko gufasha guhereza ibikoresho vyo kwubaka inzu aho ziriko zirubakwa. Mu nyuma, Goreti yagiye kumenya yuko ya nzoga yasororerwa na wa mugabo ari inzoga bita “Nindanyenze”. Iyo nzoga bayitaziriye uko kuko mu bakenyezi n’abigeme bose bayinyoye nta n’umwe yigera amenya ivyamubayeko uretse ko batora akenge bose impuzu zabavuyeko.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top