Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Kuber’iki impapuro z’imitsindo kuri Kaminuza y’Uburundi zidatangwa ku gihe kuri bose?

©Jimbere | Ikigo ca IPA, gikukira Kaminuza y'Uburundi

Mu gihe abanyeshure bamaze imyaka ibiri n’iyirenga bahejeje amashure yabo ya kaminuza y’Uburundi bidoga ko batararonswa impapuro z’imitsindo zabo, umuyobozi w’inyigisho mur’iryo shure ryisumbuye Paul Hakizimana aratanga umuco w’ico bivako ku bo zatevye gusohoka kuko ngo zidateba kuri bose.

Richard ni umwe mu bahejeje kwiga. Amaze imyaka itatu ahejeje amashure kuri Kaminuza y’Uburundi. Yidoga avuga ko yabuze amahigwe y’akazi inyuma yo gusimbira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya gupagasa kuko ngo agashomeri kari kamurembeje. Ico gihe yagenda, ngo yagiye yitwaje urupapuro ruhabwa abahejeje amashure ya Kaminuza ivy’imfatakibanza rwemeza ko yahejeje. Agira ati: « Nagize ntya aho nari mperereye numva bakeneye abakozi indwi. Twakoze ikibazo turi abantu ijana. Nabaye uwa kabiri. Badutumye impapuro z’imitsindo, nanje nikora kwa rwa rupapuro nitwaza, n’umunezero udasanzwe nibwira nti kiraciyemwo. Ariko siko vyagenze kuko nasanze hanze batarwerekwa. Akazi kaba kanciye mu myanya y’intoke. »

Pascal we ngo imyaka ibiri iraheze yiruka ku rupapuro rw’umutsindo, ngo yijabukire kubandaniriza amashure yiwe hanze. Ariko ngo uko aja kurondera urwo rupapuro yama abwirwa ko zitarashirwako imikono n’inzego zibijejwe, agasubira inyuma uko yagiye. Agasaba ko umugwi ubijejwe woshiramwo agatege ngo kuko ukudatanga impapuro z’imitsindo ku gihe bitesha amahirwe ababa bahejeje ndetse bikanabugarira imiryango kuko ngo urupapuro bahabwa rw’imfatakibanza hanze y’igihugu baruha agaciro gato.

Kuber’iki bamwe ?

Umuyobozi ajejwe ivyigwa muri Kaminuza y’Uburundi, Paul Hakizimana, avuga ko izo mpapuro zisohoka. Kimwe gusa, ngo hari aho kuri bamwe ziteba: « Umugwi ujejwe kwemeza ubwanyuma ko impapuro z’umutsindo zisohoka ni umwe mu gihugu cose. Uwo mugwi ugenda uraca kw’ishure rimwe rimwe, ku makaminuza ya Reta eka no mu yigenga ukagenda wihweza unemeza impapuro z’umutsindo zigiye gusohoka. »
Nk’uko uwo muyobozi abandanya abishikiriza, ngo bishitse uwo mugwi ugaca kw’ishure kanaka, ushobora gusiga usinye ku mpapuro z’imitsindo nke canke nyinshi bivanye n’umwanya uba wabonetse kuko ngo hejuru y’ico gikorwa, abagize uwo mugwi hari ayandi mabanga bajejwe.

Ariko naho biri ukwo, Uwo muyobozi yemeza ko izo mpapuro z’imitsindo zishobora gutangwa ivy’imfatakibanza ku wurukeneye vyihuta, akariha amafaranga y’amarundi angana ibihumbi 20.000 akaja mu kigega ca Kaminuza ariko akazorugarukana kugira ngo hashirweko ya mikono ya wa mugwi, agaheza akazogaruka kuyitora vyose vyatunganye. Yongerako, ati: « Hari n’abanyeshure batinya kuza kuzitora kuko hari ivyo basize badatunganije. »

Abahejeje amashure yabo rero ngo barakwiye guca aho bize bakaraba impapuro z’umutsindo zabo ko zoba zaratunganijwe, uwuyikeneye vyihuta nawe ayitore ivy’imfatakibanza aje kuyifotoza aheze ayigarukane kuko ngo birashoboka.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top