Ibice 44% vy’abana ngo bamara iminsi 4 batoze kandi bambaye impuzu zicafuye, mu gihe ibice 49% ngo aribo bashobora guheza amashure matomato abandi vyankira mu nzira. Nayo ibice 32% bikaba bigizwe n’abana batandikishijwe mu bitabo ndangamuntu biturutse ku bavyeyi, ikibano, … bafata minenerwe abana. Ni ivyashikirijwe mu ruganda rwatunganijwe n’urunani rw’amashirahamwe yitaho ineza y’ibibondo Fenadeb mu ntumbero yo kwemeza agatabo karimwo ingingo ngenderwako zubahiriza agateka k’ibibondo.
Urwo ruganda rwatunganijwe kur’uwu wa 27 ruheshi n’urunani rw’amashirahamwe yitaho ineza y’ibibondo Fenadeb, inyuma yo kubona ko abana bafatwa minenerwe n’abavyeyi, ikibano hamwe n’inzego aho usanga amategeko abakingira yarashizweho ariko akaba atubahirizwa. Ferdinand Simbarakiye, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Fenadeb, avuga ko ukwo gufata minenerwe ibibondo bituma rimwe na rimwe bateshwa amahirwe y’ivyo bari bafitiye uburenganzira: « Umwana wese ategerezwa kugira izina. Ni ukuvuga kwandikwa mu gitabo ndangamuntu. Ariko ikibabaje nuko hacibonekeza abana mu gihugu bavuka ntibandikishwe muri komine, maze ivyo bigatuma uwo mwana ahura n’ingaruka mbi zitamuturutseko kuko aca abaho atazwi n’amategeko bigatuma adashobora kuronka uburenganzira bwo kwiga, kuvuzwa, eka mbere akanabaho atagira se, kuko bene abo bana bakunda kwihakanwa bakarerwa na ba nyina gusa. »
Epimaque Buterere wo mw’ishirahamwe Wold Vision Burundi yerekanye ko mu matohoza bakoze mu ntara zose zigize igihugu, basanze ibice 44% vy’abana bamara iminsi 4 batoze kandi bambaye impuzu zuzuye umwanda, ibice 49% navyo bikaba ari ivy’abana bashobora guheza amashure matomato kuko abandi vyankira mu nzira, mu gihe ibice 32% bigizwe n’abana batandikishijwe mu bitabu ndangamuntu eka mbere ngo n’amatohoza bakoze mu ntara zitandatu akaba yerekanye ko ibice 98% vy’abana bakoreshwa ibikorwa biruhisha, akaba ari nabo bavamwo abomokera mu bisagara.
Ivyo vyose rero bikaba bituruka ku kwigira ba sindabibazwa kw’abavyeyi, ikibano eka mbere n’abandi bose bafise uruhara ku bana ariko bakabifata minenerwe bakibagira ko naho biri ukwo umwana afise amategeko amukingira akamusubiza agateka kiwe.
???? "Iyarara ryo ku #Buterere rirakwiye kujanwa kure y’igisagara, kuko abana bo mw'ibarabara baza baryisunga". Ico ciyumviro cashikirijwe kur'uyu wa 18 Ruheshi, aho mu #Burundi bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafirika. @UNICEF niho yari https://t.co/WqiWBLPcWM pic.twitter.com/QuivpAAsYN
— Jimbere (@JimbereMag) June 19, 2019
“Gira so, gira izina, gira iy’uja kibondo”
Nk’uko Ferdinand Simbarakiye abimenyesha, ngo baratanguje isekeza mu 2016 ryiswe ‘Humura Kibondo’ ryahariwe kurwanya ukutitwararika ibibondo, aho berekana ko umwana ari uwa bose akwiye kwitwararikwa igihe cose, aho ari hose n’ukwari kwose. Mu ntumbero yo gusezerera ugufatwa minenerwe kw’ibibondo, Fenadeb yifadikanije n’umugwi w’abacamanza bakaba basohoye igitabo cokwisungwa kirimwo ingingo ngenderwako zikingira ibibondo.
Bizimana Bernard, yaserukiye ubushikiranganji bw’ubutungane, yamenyesheje ko bafatiye ku bintu vyose bihanze umwana basanze akwiye gukingirwa akaba arico gituma Reta y’Uburundi yifadikanije n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu biragiriranira amasezerano akingira agateka k’abana, amasezerano y’ibihugu vya Afirika araba ineza y’abana.
No mw’ibwirizwa shingiro ryo mu 2018 hakaba harashizwemwo amategeko yubahiriza agateka k’umwana kuva akivuka gushika akure, aho umwana wese afise uburenganzira bwo kwiga, kuvuzwa, kwandikwa mu bitabu vya komine, gufungurirwa, kwambara, kugirirwa isuku, akitwararikwa akarindwa ibikorwa biruhisha, eka mbere akarindwa gukubagurwa mu bijanye n’igitsina. Bizimana akaba yanamenyesheje ko hariko harategurwa igitabo gikubiyemwo amategeko yose akingira agateka k’umwana (Code de Protection de l’Enfant).




