Kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi uko umwaka utashe, Uburundi bwama bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru waharihiwe umuziki. Ivyo biri ukwo mu gihe hari abavuga ko umuziki w’Uburundi woba uriko urata akanovera bivanye n’akamenyero k’abaririmvyi batari bake biharaje kuririmba indirimbo z’ikirundi mu mudiho w’ikizungu
Bamwe mu bakunzi b’umuziki bitereye mu myaka iyo bumvirije ingene urwaruka rw’ubu rwikora mu gahogo rugatako rugakoresha n’amajambo atabanyura ubwenge, hari aho bibanka mu nda bagaheza bakagira bati: ”Eweee rwaruka rw’ubu ! Akaranga kariko karatituka!”
Bizimana Claude, ni umwigisha kw’ishure shingiro afise imyaka 42. Uyu avuga ko akunda cane umuziki, ariko akanegura ingene bamwe mu rwaruka rw’ubu rwijukiye kuririmba, rutabigira nk’umwuga ahubwo rubigira kugira rwiryohere. Ku bijanye n’akanovera k’amajambo akoreshwa mu muziki, agira ati: ”Hariho abaririmba indirimbo zinyura amatwi, ariko hari n’abandi wumviriza indirimbo ikarinda ihera utumvise ico bashaka kuvuga”.
Ni kwo kuvunira akagohe urwaruka mu kuvuga ko ukuririmba atari ugushaka kumenyekana gusa, ahubwo ko ari ukwigisha, uguhanura biciye mu rurimi runoboye.
Abaririmvyi bo babibona gute?
“Nk’umuririmvyi w’umurundi, ikirundi ndagifata nka karangamuntu yanje. Bumvise jewe bumve ikirundi kandi bumvise ikirundi bumve jewe umurundi”. Ayo ni amwe mu majambo umuririmvyi w’umurundi akaba n’umunyeshure muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi, imico n’akaranga nyafirika Barutwanayo Carito batazira Bar C akoresha mu kwerekana ikibanza aha ikirundi mu muziki akora.
Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba… https://t.co/eV5LSBNQPd#Burundi #IndimiKama #JournéedelaLangueMaternelle #MotherLanguageDay pic.twitter.com/0gjjHHIiBk
— Jimbere (@JimbereMag) February 25, 2019
Bar C abona ko no muri iki gihe ikirundi gifise ikibanza kitari gito mu muziki nubwo ngo hacibonekeza agahaze mu bijanye no kwubahiriza inyubako yaco igihe bandika indirimbo canke bikora mu gahogo. Nikwo kubisobanura agira ati: « Erega akanovera k’indirimbo ntikari mu mudiho gusa, karanari mu gukoresha amajambo atyoroye afise ico asigura.”
Na yo ku kuvanga indimi mu muziki, ntatinya kwemeza atarya umunwa ko ari vyiza, ngo bisabwa gusa ko zivangwa mu mategeko maze zose zikubakwa neza kandi zigatanga ubutumwa ukwo buri bugashika no ku bo bwagenewe.
Ibintu vyarahindutse
Harabaye igihe ikirundi cari citwararitswe cane mu muziki nkuko vyemezwa n’umuririmvyi Bérénice Irumva. Ngo imbere y’1993, umuririmvyi yaririmba indirimbo zifise akanovera, zifise ico zisigura. Ariko ngo inyuma gato y’1993 haraje urundi rwaruka rw’abaririmvyi baririmba uruvangatirane rw’indimi, bakaririmba biryohera gusa.
Irumva agira ati: ”Twebwe abaririmvyi bo muri iki gihe ca none turakwiye kwegera abatwitangiye imbere mu muziki bazi vyinshi, tukabasaba impanuro, tugaperereza, kandi tukiyumvira cane ico tugomba kuvuga tukaraba ko kiri mu karanga k’iwacu.”
Freddy Kwizera batazira Botchum arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi we ati: ”Nta muntu akwiye kugira ico anegura ku bijanye n’ikoreshwa ry’ururimi mu muziki, kuko ushaka gutera imbere ukora ivyo abandi bakunda; kandi ukaraba abo ushaka kubwira. Ehe namwe ni murabe: abaririmvyi bazwi nka Kidum batanguye kumenyekana igihe batanguye kuririmba mu giswahiri. Erega niko, ni narwo rurimi ruhuza abantu benshi mu karere duherereyemwo”!
Burya mu bisanzwe nkuko Ferdinand Mberamihigo umuhinga mu rurimi rw’ikirundi akaba n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi abimenyesha, ngo mu muziki, iyo ari umuziki uhanitse, unoboye, aho harakenerwa ubuhinga bw’ururimi, impinyanyuro zigakoreshwa kandi n’amategeko y’ururimi agakurikizwa, ariko iyo ari imiziki isanzwe ngo hari igihe umuririmvyi akenera kuvanga indimi kugira umuziki wiwe uryohe ariko akabigira adataye iciyumviro c’ubutumwa ashaka gushikiriza.




