Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Ikimanga ku Mugoboka kirahagaritse imitima ya benshi

Abanyagihugu bo ku Mugoboka ya mbere barahagaritswe umutima n’ikimanga kidasanzwe giheruka kwaduka aho hantu. Carimburuye ibarabara, amazu y’ abantu asa n’ayahagaze kuri co gushika ubu abo gihanamiye bakaba batekewe n’ubwoba budasanzwe bibaza uko bagiye kubikika. Hari kw’igenekerezo ryo kuwa 27 rusama aho ikinyamakuru Jimbere catohoza ayo makuru.

Mugoboka ni umutumba uri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Bujumbura muri karatiye Mutanga – Sud, zone Rohero aho hakaba ari muri komine Mukaza. Urenganye gato ahari akaguriro muri Mugoboka ya mbere i ruhande y’uruzi Ntahangwa, uhasanga ikimanga cimburuye ibarabara n’amazu.

Ico kimanga ntigisanzwe na gato.Ugereranije coba gifise nk’imetero indwi z’ubujakuzimu kikaba cagutse cane. Caraseregese amazu y’abantu, kugera ubu akaba asa n’ayahagaze mu kirere nayo abahaca barengana, barasoboka bamwe bakagomba kwigabanya ibiro bitari bukunde ivyo vyose bakabigira kubw’ubwoba bw’uko bashobora gutibukirayo mu gihe bariko barajabuka. Harahomvaguritse ntiworaba. Mu kujabuka Batonda ku murongo nk’abajabukira ku mugogo.Uw’impungenge we abonye ageze hakurya ariruhutsa.

Ab’aho bo babivugako iki­ ?

Aline Miburo ni umukenyezi aba mu rupangu rwenena kuri iyo manga agira ati : « Imitima ntikiri mu nda kubw’ico kimanga kuko umwanya n’umwanya gishobora gutembana inzu na twebwe abazibamwo tukagiramwo …none ko atahandi dufise turibwimukire turi bugire dute? Nyabuna reta n’abagiraneza barakwiye kugira ico bakoze ahandi ho muzumva cihaye inkumbi,… ».

Révérien Niyibasumba ni umukuru w’iyo karatiye. Atumenyesha ko haheze imyaka ibiri ico kimanga gitanguye kwimburura aho hantu.Agira ati « Kikiri kure twibaza ko kitazoshikira amazu. Ariko kandi, uko catera cegereza niko nabimenyesha abankuriye nabo bakaza bakaraba hanyuma bagasubira inyuma. Mu mezi abiri aheze rero niho cateba gishikira amazu n’ibarabara riracika gose».

Nk’umukuru muri ako karere, avuga ko yabaye arafata ingingo yo gushira amabariyeri ku ntango no ku mpera y’ico kimanga kugira abantu co kimwe n’imiduga ntibibandanye bihaca nubwo batumva akamo baterwa.

Tubajije umuyobozi mukuru wo mu bushikiranganji bujejwe gukinga impanuka, aremera ko ico kibazo bakizi gusa akamenyesha ko atari ikibazo coroshe gutorera inyishu buno nyene kuko bisaba uburyo bwinshi n’ivyigwa bikomeye bizokorwa n’abahinga babinonosoye.

Hoba hari ingaruka zimaze kwibonekeza kuva caturuye aho hantu?

Nimbona Pierre, icegera c’umukuru w’iyo karatiye eka n’abandi baba muri iyo micungararo, bemeza ko abantu babiri aribo bamaze gukorokera muri ico kimanga barakomereka bikomeye, umwe akaba ari umusore yariyasamariye kuri « watsapu», uwundi akaba yari umukenyezi yari yaborewe. Abandanya avuga ko Utuzu tw’idandarizo turi hafi y’ico kimanga twugawe, imiduga itakirengana, eka ibikorwa vyose vyarangurirwa hakurya no hakuno y’ico gihomoka ngo bisa n’ivyahagaze.

Ngo hari n’abasigaye bahabunda kugira bagirire nabi abahita  nkuko vyemezwa na Aline: « Ejo bundi narinsohotse kumugoroba nsanga ibisare vy’ibihungu vyavutiriwe bihibunze bivuganira mu bwongoshwa ngo bintangatange binsunure ngwemwo maze bamwe bo muri bo bace bashungurukiramwo bamfate ku nguvu mba na vyumvise nihinda inyuma gato ndabivuza iminana y’amabuye niko kumva inyuma ahandi ho kari kabaye,… »

Kubw’abegereye aho hantu ico kimanga kiri, ngo ico kibazo kirakwiye gufatwa mu minwe n’ababijejwe bakagira ico bakoze mu maguru masha ahandi ho ngo bazohava bibuka kuyora basheshe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top