Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

«Berwa n’isuku mu gihe c’ubutinyanka»

©Jimbere | Udushimwe twaherekeje ibirori vy'uwo munsi

Umwigeme ari mu butinyanka ntakwiye kwikumira, nyabuna akwiye kumenya kwigirira isuku hamwe n’igikoresho yokoresha kugira yikingire indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka 2019. Vyavugiwe mu ntara ya Kirundo kuri uyu wa 28 rusama, mu gihe Ishirahamwe SaCoDe ryariko rirahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe isuku rijanye n’ubutinyanka, ku civugo «Berwa n’Agateka».

«28: iminsi abigeme muri rusangi bamara kugira bongere kuja mu butinyanka. 5: iminsi abigeme muri rusangi bamara bari mu gihe c’ubutinyanka. Nico gituma igenekerezo rya 28/5 ryashinzwe kugira ribe umunsi mpuzamakungu wahariwe isuku ryiza mu gihe c’ubutinyaka. Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe isuku mu gihe c’ubutinyanka ukaba washinzwe mu mwaka w’2014 ariko mu Burundi watanguye guhimbazwa mu 2019 kubera ko ibijanye n’ubutinyanka vyafatwa nk’ibitera soni». Vyashikirijwe n’uwaserukiye ikomine ya Kirundo Manariyo Pascal.

Kuri uwo munsi mpuzamakungu wahariwe isuku mu gihe c’ubutinyanka, Françoise Nibizi umukuru w’ishirahamwe SaCoDé ryishinze kwigisha isuku ryiza mu gihe c’ubutinyanka yasavye ko Abigeme bari kw’ishuri bakwiye kuronka aho bihindurira hameze neza, bakamenya igikoresho kibereye bokoresha kandi bakiga no kuganira n’abavyeyi babo ibijanye n’ubutinyanka. Kubahuka kuvugira ahabona ibijanye n’ubutinyanka batitaye ku mico ngo bizotuma imyitwarariko ijanye navyo iguma yibukwa gutyo abana b’abakobwa baja mu butinyanka bakaba bazi ingene bavyifatamwo n’isuku bijanye.

Tuyage ivy’ubutinyanka mu muryango

Niyonzima Pascasie ni umuyobozi w’indero n’amashure yimyuga mu ntara ya Kirundo. Mw’ijambo ryiwe yashikirije yavuze ko ibijanye n’ubutinyanka mu mico y’abarundi ari ibintu bitavugirwa ahabona. Agira ati: « Kubera isoni zitwikiriye ubutinyanka, abana b’abakobwa baraja mu butinyanka ntibamenya ingene bavyifatamwo. Ku bw’ivyo abavyeyi barakwiye kwiga kuganiriza abana babo bagakura bazi ibijanye n’amahindagurika yabo n’ingene bokwitwararika kugira isuku mu gihe bari muri ivyo bihe».

Ubutinyanka kw’ishuri

Mu gihe c’ubutinyanka, abigeme barakunda gusiba canke bagataha batamenyesheje umwigisha kubera isoni. Ivyo bikaba biterwa n’ukubura amazi n’aho bihindurira.Bagarutse, hari aho basanga harakozwe utubazo ntibemererwe kudukora nabo, gutyo ikaba intandaro yo gusibira canke guheba.

Françoise Nibizi abona ko umwigeme adakwiye kuburizwa amahigwe yo kwiga ngo n’uko ari mu butinyanka. Agira ati:«Kuja mu butinyanka ni agateka kabera umwigeme gakwiye kwubahirizwa». Yongera ko ati: «Abariko barubaka amashure bamenye ivyo umwigeme akenera, bubake utuzu twasugumwe twugarwa kandi turimwo n’ ikiyo co kwiraba mu gihe umwigeme ariko arihindura hongere hashirweho n’amazi meza yo gukaraba kugira bamenyere kwiyoza kenshi igihe bari muri ivyo bihe».

Hokoreshwa igikoresho kimeze gute mu gihe c’ubutinyanka ?

Abigeme batari bake baragwara impishwa, abandi bakagira uruziri runuka cu, eka hari n’abarwara indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka n’ubugumba budasigaye inyuma biturutse k’ukutamenya igikoresho bokoresha mu gihe c’ubutinyanka.

Béatrice Mukarurangwa ni umunyeshure w’imboneza mu mugambi wa SaCoDé ujanye n’isuku mu gihe c’ubutinyanka akaba yiga mu mwaka w’icenda afise imyaka 20. Agira ati: « umwigeme canke umukenyezi ari mu butinyanka ategerezwa gukoresha agatambara gasukuye neza kandi koroshe canke agatambara karimwo ipampa hejuru hariko ishashi ituma bitamena ngo bitembe». Yongera ko ati:«Agatambara «agateka» ni keza cane mu gihe c’ubutinyanka kanatsinda gakoreshwa imyaka itanu iyo kabungabunzwe kakamesuzwa amazi meza n’isabune kandi kakaja karakagororwa».

Ubutinyanka ni agateka ku mwigeme, ni ikimenyetso cerekana ko ashobora gusangwa umucisho i mugongo. Umwigeme ntakwiye kwikumira ahubwo akwiye kwitwararika isuku, akiyoza kenshi akitwararika gukoresha agatambara gasukuye neza kandi koroshe canke agatambara karimwo ipampa hejuru hariko ishashi kugira yikingire indwara zituruka ku mwanda mu gihe c’ubutinyanka.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top