Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze umuryango wa EAC kuva ku wa 25 Munyonyo gushika ku wa 01 Kigarama 2024

Ibice 33% vy’abanywa inzoga muri Uganda bazinywa iminsi yose. Ubu umuryango wa Afurika y’Ubuseruko uramutswa Perezida wa Kenya, haravugwa kandi muri Kenya umugore yishwe n’umugabo wiwe mu gihe hari hasigaye iminsi idashika 7 batandukane biciye mu butungane. Aha hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze EAC mu ndwi irangiye

Abanywi b’inzoga bavuye ku bice 53% baja ku bice 62,7% ku miriyoni 46 z’abaganda. Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Daily monitor , ibice 33% vy’abanywa inzoga bazinywa iminsi yose. Nayo abasigaye bazinywa gatatu mu ndwi.

Ivyo vyose rero nk’uko vyanditswe n’ico kinyamakuru, ngo biva kw’itunganywa ribi ry’ikori ritozwa ku binyobwa vyambiye. Mbere ko mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bavuga ko bazosaba inama nkenguzamateka igahinyanyura amategeko agenga ico gisata.

Mwomenya ko ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS rivuga ko buri mwaka, ku ngereranyo, umuganda anywa amaritiro 12,21. Umugabo aza imbere aho anywa amaritiro 9,93 nayo umugore anywa amaritiro 4.88.

Perezida Ruto ni we yatowe ngo arongore EAC inyuma y’aho Tshisekedi abuze

Perezida wa Kenya, Dr. William Samoei Ruto, yatowe kuba Umuyobozi Mukuru w’umuryango wa Afurika y’Ubuseruko(EAC), asimbuye Salva Kiir Mayardit wa Sudani y’Epfo yari amaze umwaka muri ayo mabanga. Uyo muryango wa EAC ukaba ukwije imyaka 25 ushinzwe.

Iyo ngingo ikaba yafatiwe mu nama ya 24 y’abakuru b’ibihugu vya EAC, bateraniye i Arusha muri Tanzaniya kuri uyu wa 30 Munyonyo 2024. Bikaba vyari bitegenijwe ko Perezida Félix Tshisekedi wa Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo ari we yari gutorwa kugira ayobore uyu muryango, ariko akaba atitavye iyo nama, kandi akaba ata n’intumwa imuserukira yarungitse nk’uko ikinyamakuru Igihe kivyandika.

Ikinyamakuru Actualite CD co kivuga ko umuyobozi mushasha wa EAC afise igikorwa kidasanzwe kuko Ruto abwirizwa kugerageza guhuza Urwanda na RDC mu matati abihuza

Ikindi kibazo gihambaye, nk’uko ico kinyamakuru kivyandika, gifatiye ku butunzi bw’uwo muryango. Mu kwezi kwa gatandatu 2024, harashizwe ahabona ibihugu nka RDC, Soudan n’Uburundi bifise ibirarane vy’interano biruta ivy’ibindi bihugu. Ivyo birarane bica bikwiza igihengeri c’imiriyoni 34 z’amadorari ya Amerika. Ivyo na vyo bigatuma uwo muryango udashika ku mahangiro wihaye.

Kenya: uwari yimirije kwahukana biciye mu butungane(divorce) yarishwe n’umugabo wiwe

Mu gihe hari hasigaye gusa iminsi mike ngo batandukane biciye mu mategeko, umukenyezi w’abana 2 Tima Shabani w’imyaka 29, yoba yacumiswe n’umugabo wiwe imbugita mu gikiriza bikabije, vyatumye ava amaraso menshi, aca arashengera, abantu babiri bari baje gutabara barakomerekejwe n’uwo yagirizwa kwica umugore wiwe, maze uyo mugabo aca arahunga. Uyo mukenyezi akaba yari yabaye arahunga umugabo wiwe maze aza gusaba gatanya mu mategeko kuko bari basanzwe babanye nabi, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru The Nation.

Abaharanira agateka k’abakenyezi muri ako karere baratera ivyatsi ubwo bwicanyi, bagasigura ko ari agahomerabunwa kubona ikintu nk’ico kibaye mu gihe isi iri mu minsi 16 yahariwe kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.

Tanzaniya: Ifuso yahitanye imodoka 6, babaji 4 n’imoto 1, abantu 3 barashengeye abandi 9 barakomereka

Ivyo vyabaye ku wa 27 Munyonyo 2024, mu gace ka Simike, komine ya Mbembela mu ntara ya Mbeya, aho imodoka itwara imizigo yo mubwoko bwa Fuso yahitanye imodoka 6, ihitana bajaji 4 n’imoto 1. Iryo sanganya ryoba ryavuye ku gusamara kw’uwariko aranyoga nya modoka, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi.

Abayobozi muri ako karere bahanura abagendesha imiduga kwisuga amategeko agenga ibarabara mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’amasanganya yama araba. Abanyagihu nabo basaba kwubakirwa amabarabara yagutse muri ako karere narirya vyibonekeza ko habera amasanganya menshi. Nko mu kwezi kwa Munyonyo 2023, abitavye Imana bashika 10 kubera amasanganya, nk’uko ico kinyamakuru kivyandika.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top