Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amwe mu makuru yaranze akarere ka Afurika y’Ubuseruko mu ndwi iheze yo kuva ku wa 11 gushika ku wa 17 Munyonyo 2024.

Muri Kenya hari umugabo yagandaguye umugore wiwe abana barorera aca yishikana ku gipolisi

Ivyo ni ivyabereye mu kigwati Iravari mu ntara ya Embu iri hagati na hagati hashira ubumanuko muri Kenya. Ngo vyoba vyatanguye nk’ugushwana bisanzwe. Ariko mu kanya gato humvikanye amaborogo ya Gladys Thara w’imyaka 24, umuvyeyi w’abana 2(umwe w’imyaka 5 uwundi 10) ahejeje gucumitwa imbugita n’umugabo.

Ico kinyamakuru kibandanya candika ko ababanyi baje gutabara basanga ahubwo ariko yiruka ku mukozi wiwe nawe amukure kw’isi. Ivyo ntivyabaye bikiba. Umwe mu babanyi ba nyene gukora ibara avuga ko urwo rugo rwahora rutekanye. Gusa bigiye kugaragara mu minsi ya nyuma ko serugo yoba afise ikibazo mu bwenge, mbere ko yari asigaye atanakija ku kazi kiwe ka minsi yose. Nyene gukora ibara akaba yariyemere mu bucamanza icaha yakoze nk’uko tubikesha ikinyamakuru The Nation.

Muri Tanzaniya, abantu 13 barapfuye, 84 barakomereka bivuye ku nyubakwa igeretse 4 yasenyutse

Ivyo vyabereye ahitwa Kariakoo mu gisagara ca Dar-es-salaam kuri uyu wa 16 Munyonyo 2024. Nk’uko tubisoma mu kinyamakuru The Citizens, ngo iyo gorofa ishobora kuba itari ikwije amategeko mu buryo yubatswemwo.

Umukuru w’Igihugu ca Tanzanie Samia Suluhu Hassan yasavye ko hoba gutohoza neza ico iryo sanganya ryavuyeko. Yarongeye asaba ko haba vuba na vuba igenzura ry’amazu yose ari mu karere ka Kariakoo, kugira hasuzumwe ko amazu yubatswe hisunzwe amategeko y’inyubako.

Ikiza c’ingwara ya Marburg caratujijwe mu Rwanda

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Sabin Nsanzimana yemeza ko ikiza c’ingwara ya Marburg yatujijwe muri ico gihugu. Hari kuri uyu wa 14 Munyonyo 2024, mu kiganiro yagiriraniye n’ikigo kijejwe gusuzuma no gukinga ingwara CDC Africa. Uwo mutegetsi abishikirije inyuma y’aho haciye ukwezi ata wuhitanywe n’uwo mugera kandi hakaba haheze indwi zibiri ata n’umwe yanduye umugera w’iyo ngwara.

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Igihe yo ngwara yari yagaragaye ku wa 27 Nyakanga 2024, aho gushika ubu hari hamaze kumenyekana abafashwe n’iyo ngwara bashika 66. Muri bo, abashika 15 barapfuye, abashika 51 bararokoka.

Igihugu c’Ubuganda kirageramiwe n’umugera wa SIDA uguma urwirirana

Abantu bashika 38.000 baranduye uwo mugera mu mwaka wa 2023 gusa. Ni ukuvuga abarenga 730 nibo bandura buri indwi uyo mugera. Ivyo ni ibiharuro bishikirizwa n’ikigo c’igihugu UAC (The Uganda Aids Commission) kijejwe umugera wa SIDA. Hari mu nama ihambaye yabereye i Kampala ku wa 13 Munyonyo 2024, ikaba yitabwe n’abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu muri Uganda.

Muganga Vincent Bagambe ajejwe igenamigambi hamwe n’amakuru y’ukuntu ingingo zifatwa mu kigo UAC ashikiriza ko abagendana umugera wa SIDA benshi ari ab’igitsina gore ku bice 6,6%. Nayo abagabo ari 3.6%. Imiyabaga y’abigeme niyo yandura ku rugero runini arirwo rwa 80 kw’ijana.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Uganda muganga Jane Ruth Aceng avuga ko buri mwaka, kugwanya umugera wa SIDA bigenewe amadorari y’amerika imiriyoni 540. Ku bwiwe ngo ni amahera yokoze mw’iterambera ry’igihugu.

Abandanya agira ati: « Muri ino minsi dufise abantu barenga imiriyoni n’ibihumbi amajana ane bari ku miti yo gupfupfahaza. Abashaje barashengera, kwandura navyo bikabandanya. Gutyo tuguma dutegekanya amahera y’ubwandu ku rwaruka ruzoza, mu gihe ayo mafaranga yoba ari mu vyo guteza imbere Igihugu, twobaye tugeze kure ».

Nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru Daily Monitor, abashika 23.000 bahitanywe n’iyo ndwara mu mwaka wa 2020. Nayo abashika 20.000 akaba aribo bahitanywe n’iyo ndwara mu mwaka wa 2023.

Buri mwaka, amatoni arenga 50 y’inzahabu niyo adandarizwa mu binywabi, mu buseruko bw’igihugu ca RDCongo

Ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe DRC Gold Trading ricukura rikongera rikandandaza ivyerekeye inzahabu muri Congo. Hari mu mubonano n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Jean-Lucien Busa, kuri uyu wa 13 Munyonyo 2024 ku mugwa mukuru Kinshasa, nk’uko tubisanga kuri Radiyo Okapi. Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe avuga ko izo nzahabu zibwa zifise agaciro k’imiriyaridi 5 mu madorari y’abanyamerika. Akavuga ko iryo shirahamwe rihari kugira rirwanye urwo ruhombo Reta igira. Asigura ko abanyekongo ubwabo bashoboye gukora kuruta ivyo abofasha igihugu boza gukora. Akamenyesha ko iryo shirahamwe rikaba rifise umutahe ungana na miriyoni 50 z’amadorari ya Amerika

Iki gisomwa canditswe na Muhozi Carmel, ariko arimenyereza mu mwuga wo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru Magazine Jimbere..

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top