
Ishirahamwe ryitaho ubutungane no kunywanisha (IJR) rifise icicaro muri Afrika y’epfo rifatikanijre na Rema Burundi ryaratunganije uruganda rw’ikiganiro ku ngorane ziri ku mipaka mu karere k’ibiyaga binini, kuri uyu wa 15 Munyonyo 2024 i Bujumbura.

Nk’uko umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe Patrick Hajayandi yabisiguye ngo ico kiyago cari kigamije guterera ivyiyumviro mu gutahura ingene abanyagihugu bo muri ako karere boshobora gukorera hamwe mu gushigikira amahoro n’umutekano mu karere no kw’isi yose mu bihe bigoye nk’ivyo tubona kino gihe.
Mu cirwa yashikirije, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, Niteka Daniella, yasiguye ko ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko ibice 90% vy’abantu barengeje imyaka 30 mu Burundi bakozweko n’ikubagurwa rishingiye ku matati, kandi ko abarengeje imyaka 50 bahuye n’ayo matati mu bihugu bitatu harimwo n’Uburundi, Urwanda na RDC. Ati « amatati y’amatongo n’ay’imiryango niyo akunze kuboneka cane mu kibano. »
Yasiguye kandi ko kugira ngo turwanye ayo matati no kugira kazoza karangwamwo ubumwe n’amahoro, hakenewe kwigisha abanyagihugu ibijanye n’umutekano n’ugushimangira amahoro, nk’ibikorwa vy’ubumwe n’ubwumvikane mu guhangana na kahise no kurondera inyishu zihuza bose.
Yasozeye icirwa yerekana ko imico n’imigenzo myiza, inyigisho zo mu madini, hamwe no gukira ibikomere vyatewe na kahise kabi ari bimwe mu bintu bifasha kwihanganira ingorane zituruka ku matati no gukomeza amahoro n’umutekano mu banyagihugu kuko bifatwa nk’uburyo bw’ingenzi bwo kwigisha ukwiyumvamwo abandi no kugira ikigongwe, gushigikira ineza no kubana neza n’abandi.
Hokorwa iki ?

Dr Mbirigi Ferdinand yashikirije ubushakashatsi bwerekana ko gushika muri 2021, ata gihugu na kimwe co mu karere k’ibiyaga binini cari gifise ubwigenge burengeye urugezo rwa 3 ufatiye ku gipimo ca Freedom House (kuva kuri 1 gushika kuri 7). Ati: « Poritike z’ibihugu bikomeye, ubukene bukabije n’iterambere ridakwiye, hamwe n’intwaro ni ibintu bitatu bihambaye bibangamira umutekano n’amahoro vy’ abatuye mu karere k’ibiyaga binini. »
Agasaba ko ishirahamwe IJR ryokorera kuri ivyo bitagenda neza mu guterera kugira ngo abanyagihugu bo muri ako karere basubire kugira umwidegemvyo kandi bakingirwe bikwiye.
Bamwe mu bitavye ico kiganiro bakaba babona ko urudandazwa ndengambibe rufitiye akamaro abanyagihugu cane cane abakenyezi usanga batunze imiryango yabo. Bavuze ko vyoba vyiza imigenderanire hagati y’abanyagihugu batobato itohungabanywa n’ibibazo bituma kenshi imipaka yugarwa.
Ibindi babona vyokorwa ni nk’ibi: gushira imbere ugufashanya hagati y’ibihugu kugira ngo bikingire imbibe no kurwanya ivyaha bikaze mpuzamakungu mu karere k’ibiyaga binini; gutora abahuza b’ukuri kandi bigenga mu bijanye na guhagarika indyane; kurondera uburyo ubutunzi kama bwo mu karere k’ibiyaga binini bwofasha mu guhuza no guteza imbere abanyagihugu biciye mu bufatanye bw’akarere kandi harabwe n’inyungu z’igihugu cose.
Hoshirwa kandi imbere imigambi yo gufasha abanyagihugu gukira ibikomere vy’amarangamutima n’ivyiyumviro vyatewe n’amatati y’akahise n’ayabandanya kuba hamwe no kubanywanisha. Imigambi nk’iyo ifise ikibanza kinini mu buzima bw’abanyagihugu bo mu karere k’ibiyaga binini.




