Amasengero arenga 4000 yarugawe mu Rwanda, muri RD Congo inyeshamba za M23 zarafashe umuji wa Ishasha uhana urubibe na Uganda na yo muri Kenya sentare isubiramwo imanza yarakuyeho itegeko ry’ubutunzi ryo mu 2023 kuko ryafatwa nk’iritubahiriza ibwirizwashingiro. Aya ni amwe mu makuru yaranze akarere ka Afurika y’ubuseruko mu ndwi yo kuva ku wa 29 Mukakaro gushika ku wa 4 Myandagaro 2024.
Mu ntara ya Mbeya mu gihugu ca Tanzaniya, hari umusore w’imyaka 24: umunyabuhingamvabwenge mu gushushanya (gucapa) yafashwe yagirizwa guturira ifoto ya Perezida Samia Suluhu Hassan no gutanga amakuru atariyo. Yaciriwe urubanza rwo kuriha ihadabu y’amashiringi imiriyoni 5 canke gufungwa imyaka 2. Ivyo bikaba vyabaye kuri uyu wa 4 Myandagaro 2024 inyuma yaho nyene kwagirizwa ikosa yemeye icaha.
Uyo musore nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi, uyo musore yifashe akavidewo gato ariko aravuga amajambo akarishe yagariza Perezida Samia ko hari ivyamunaniye mu guhagararira igihugu aca agirako aturira ifoto ya Perezida wa Tanzaniya, ivyatangaje abatari bake bakabona ko ari ingeso yo gutuza.
Uyo musore atashoboye kuriha ihadabu ry’amashiringi imiriyoni 5 yaciye ajanwa mu buroko aho azokora umunyororo w’imyaka 2.
Amasengero arenga 4000 yarugawe mu Rwanda…
Abajejwe intwaro mu gihugu c’Urwanda barugaye ibibanza vyo gusengeramwo birenga 4000 mu ndwi ziheze mu mukwabu wagizwe wo kuraba amasengero n’imisigiti bitubahiriza umutekano n’ingingo ngenderwako zishasha zisungwa mu ntwaro, nk’uko tubikesha ikinyamakuru RFI
Nk’uko ico kinyamakuru RFI kivyandika, ibibanza vyinshi vyugawe ni udusengero dutoduto tw’abapentikoti n’imisigiti myinshi. Ibibanza vyose hamwe vyugawe bikaba bishika 4223 kubera ko muri ivyo bibanza wasanga bitubahiriza amategeko ajanye n’umutekano nko kubura twa kizimyamoto(extincteurs), canke ugasanga zubatswe mu kajagari izindi zibarizwa mu mazu yo musi (caves) canke ziri hejuru y’inzuzi.
Ibindi vyisunzwe mu kwugara ayo masengero ngo ni amajwi y’ivyuma bakoresha usanga ari hejuru mu gihe bariko barahimbaza Imana ivyo navyo bikaba bimena amatwi ababa mu micungararo yubatswemwo ayo masengero.
RD Congo: abarwanyi ba M23 zafashe umuji wa Ishasha uhana urubibe na Uganda
Ifatwa ry’uwo mupaka ryabaye ku wa 4 Myandagaro 2024 ata ngwano ibaye, inyuma y’aho imigwi yo kwigwanaho ya Wazalendo n’abapolisi ivanywe muri ako karere. Ivyo bikaba bibaye inyuma y’umunsi umwe gusa habayeho amasezerano yo guhagarika intambara yabereye i Luanda mu gihugu ca Angola.
Ku mugoroba w’uyo munsi, abagwanyi ba M23 barahuye n’ababa muri ako gace ka Ishasha. Amakuru ava kuri umwe mu bajejwe umutekano ariko atashimye kwivuga nk’uko vyandikwa na RFI akavuga ko Urwanda ruriko rurasotorana.
Mwomenya ko ku wa gatandatu uheze abagwanyi ba M23 ari na bo bagenzura igisagara ca Nyamilima iri mu karere ka Rutshuru.
Kenya: sentare isubiramwo imanza yarakuyeho itegeko ry’ubutunzi 2023 kuko ryafatwa nk’iritubahiriza ibwirizwashingiro
Iryo tegeko ryari ryitezwe ko rizogabanya amadeni igihugu ca Kenya cari gifise, ryategekanya gushiraho amakori na matagisi mashasha ku bintu abantu bakunda gukenera cane hamwe no kuduza amakori mu bakora ivyo kurungika amahera hakoreshejwe terefone ngendanwa.
Ku wa 31 Mukakaro 2024 ni ho sentare isubiramwo imanza yo muri Kenya yakuraho itegeko ry’ubutunzi ridahurizwako na bose ryashizweho mu mwaka uheze wa 2023, iryo tegeko rikaba ryatumye Perezida William Ruto n’abayobozi biwe batakaza amafaranga. Abacamanza batatu bemeje ko iryo tegeko rifise uduhonzi, mbere ko rinyuranye n’ibwirizwashingiro kuko ridahuje n’ivyisungwa mu nama nshingamateka, nk’uko vyandikwa na Le monde .
Nk’uko ico kinyamakuru kivyandika, Perezida Ruto yari yatangaje iryo tegeko ry’ubutunzi muri Ruheshi 2023 mu ntumbero yo kugabanya amadeni agera ku miriyaridi 10, 000 z’amashiringi ni ukuvuga imiriyaridi 71 z’amayero ayo akaba angana n’ibice 70% vy’umwimbu w’ubutunzi wijira ku mwaka mu gihugu ca Kenya.
Mwomenya ko Perezida wa Kenya muri Ruheshi uyu mwaka yari yatangaje ko hakuweho itegeko ryategekanya amafaranga ico gihugu kizokoresha mu mwaka wa 2024-2025, iryo na ryo rikaba ryategekanya ko amakori n’amatagisi yiyongera cane ivyahavuye biba imvo y’imyiyerekano ikomeye yaguyemwo n’abantu.




