Mu gihe hasigaye amezi make ngo Abarundi bahamagarirwe kwitabira amatora yo mu 2025, bikaba bizohurirana n’uko igitigiri c’intara n’amakomine kizoba cagabanuwe hisunzwe indinganizo zishasha, kuva ku wa 7 ruheshi 2024, amakomine azova kw’119 akaja kuri 42, agengwa n’itegeko rishasha risubiramwo iryahahora kuva mu 2020. Bishasha muri iryo tegeko ni ibi:
1️⃣ Musitanteri ahamagariwe gutora buri mwaka intunganyo y’ibikorwa vya komine ndetse n’uburyo bizotwara, maze agaheza akabirungikira inama mpanuzwajambo ya komine kugira ivyemeze, imbere yo kubirungika kwa Buramatari mu kubigirira umwihwezo, bigaheza bikarungikwa imbere y’Ubushikaranganji mu vyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu, kugira bisuzumwe, maze birungikwe ku Mushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ubutunzi kugira ngo vyemererwe gushirwa mu ngiro (mu ngingo ya 48, akarongo ka 22)
2️⃣ Hambavu y’ivyo, urwego rwa komine rugiye kuronswa igisata gishasha kijejwe isuzumwa ry’ibikorwa n’uburyo bwayo (audit et contrôle). Abakozi b’ico gisata bazotorwa n’inama mpanuzwajambo ya komine, baheze binjire mu mabanga, imbere yo kwemezwa n’Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu, nkuko biri mu ngingo igira 57. Naho biruko, ibijanye n’ibikorwa hamwe n’uburyo bwa komine bizobandanya bisuzumwa ku gihe n’inzego zari zisanzwe z’ibijejwe, na cane cane urwego rugenzura uko amatungo ya Reta akoreshwa (Cour des comptes), nkuko biri mu ngingo igira 118
3️⃣ Nayo mu ntumbero yo kwegereza ibikorwa vya Reta abanyagihugu, Musitanteri afise uburenganzira bwo gutanga impapuro za nkenerwa, harimwo n’icitwa « bonne conduite, vie & mœurs » (ingingo ya 48, akarongo ka 26)
4️⃣ Kubw’iryo tegeko nyene, Musitanteri ntiyemerewe kwitabira ibikorwa vy’inama mpanuzwajambo ya komine, mu gihe atahawe ubutumire n’umukuru w’iyo nama canke icababa ciwe. Bivuga yuko kuva Musitanteri yinjiye mu mabanga yiwe, aheza agakurwa mu gitigiri c’abagize inama ya komine, aho haba hisunzwe ingingo ya 28. Inama mpanuzwajambo ya komine ikaba igizwe n’abantu 25, 30% muri bo akaba ari ab’igitsina gore
5️⃣ Yamara naho igitigiri c’abagize inama mpanuzwajambo ya komine congerejwe kuva kuri 15 gushika kuri 25, mu ngingo ya 13 biranditswe yuko kizira ko abayigize baba bafise ayandi mabanga y’igihugu, aho twovuga nko kuba uramutswa igihugu, canke uri icegera c’umukuru w’igihugu, kuba uri umushigamateka, umuhuza w’Abarundi, umushiranganji wa mbere canke uri mushiranganji wa Reta, Buramatari canke uwugize ibiro vyiwe (membres de son cabinet), umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine canke umuhanuzi wa Musitanteri, n’abandi bose bafise amabanga bajejwe mu biro vya komine
6️⃣ Itegeko rishasha rigenga amakomine rirerekana kandi impinyanyuro mu bijanye n’amazina ahabwa inzego zitandukanye. « Umunyamabanga ntayegayezwa nshingwabikorwa wa komine » agiye kwitwa « Umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine », nayo inzego zitandukanye zijejwe gutunganiriza abavyitura, vyahawe izina rya « départements ». Izo nzego zizoba zigera ku 11, hakazoba harimwo iziraba ibijanye n’imigambi yo kwiteza imbere, urudandazwa, amahinguriro, ivyo gutumatumanako amakuru n’ibindi (biri mu ngingo ya 55)
7️⃣ Abasitanteri bagiye kuronswa abahanuzi mu bijanye no gutanga amakuru, hamwe n’imigenderanire. Nayo abatwara ibisata bitandukanye vya komine (chefs de départements), hamwe n’abatwara uburere bw’ubuvuzi, bagiye kuba mu rwego nshingwantwaro rwa komine
8️⃣ Ku rwego rwa zone, abarurongoye bagiye kuronswa abahanuzi mu bisata bitandukanye, harimwo abajejwe ibijanye n’ubutungane, n’intwaro, ubutunzi n’iterambere, n’abahinga mu bijanye n’ibisata vy’amagara y’abantu, imicokama, ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, inkino, indero n’ibindi. Abo bahinga bategerezwa kuba bafise n’imiburiburi urupapuro rwerekana ko barangije ivyigwa vy’inyuma y’ishure shingiro




