Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Timoteyo Nicoyangereye, umurundi wa mbere akoze « imbabura nyabwonko »

©Jimbere | Timoteyo Nicoyangereye, umurundi wa mbere akoze "imbabura nyabwonko"

Yataye uruzogi ku mutumba Mahonda wa zone Kavumu ya komine Ryansoro mu 1994, abura se muri uwo mwaka nyene, nayo nyina yitaba umuremyi mu 1999, amaze imyaka itanu ashikanwe kw’isi. Ni we yaraye ashize ahabona « imbabura iciye akenge » kandi ikwega umuriro muke…

Uwo musore afise impano idasanzwe. Ico bikoze yayimenye kare, arayibagarira, arayivomerera. Timoteyo avuga ko imbere yo gushika kuri iki gikorwa c’imbabura nyabwonko, yabanje gukora insamirizi ifise ubushobozi bwo kurungika amajwi ku birometero Umunani (8Km). Aho hari mu 2012, imbere y’uko arangiriza igisata c’Ubuhinga ‘’Scientifique B ‘’, kuri Lycée Gishubi mu 2014.

Mu mwaka wa 2016 atanguye kaminuza y’Uburundi mu gisata c’Ubuvuzi yakoze itara ryumva ivyo uribwiye n’umunwa rigaheza rikabishira mu ngiro, imbere y’uko amaze gutangaza benshi, mu mwaka wa 2018 yahawe amahirwe yo kuja gukurikirana igisata co gukora indege mu gihugu c’Uburusiya, amahirwe atamuhiriye kuko atashoboye kumarayo n’amezi abiri kubw’ubugwayi, amashure ayagarukiriza aho.

Nuko rero, mu 2018 nyene, amaze kugaruka mu Burundi, yaciye ashirako, atangura gukora vya bikoresho bibundikira amagi, yimenyereza ibijanye no gukora ibikoresho biyungurura amajwi, ama ‘robot’ (ivyo ubu ngo ni akaravyo abuze uburyo gusa bukwiye kugira arondere ibikoresho bigezweho maze yerekane ivyo ashoboye vyose). Yongera ko kandi uno munsi ata cuma ca ‘électronique’, mu vyo amaze kubona abazungu bakora, atoshobora guterateranya ahereye ku busa. Mwomenya ko uwo musore aherutse gushinga ishirahamwe SGEC (Société Safe Guard for Electricity Company) muri Karitiye Karera ya mbere y’intara ya Gitega, ari na ho avumburiye iyo mbabura.

Isoko ry’iciyumviro c’imbabura nyabwonko

Timoteyo asigura ko iciyumviro camujemwo inyuma yo kubona ingene mu Burundi ibidukikije na cane cane igiti bigeramiwe cane, ndetse n’amakara akaba azimba cane, mu gihe amikoro y’abenegihugu muri rusangi abayabaye. Icigwa cakozwe n’ishirahamwe PNUD Burundi cerekanye ko ibice 95% vy’ingo zo mu Burundi zitekesha inkwi canke amakara y’ibiti, amahegitari 64 y’ibitara akaba yicirwamwo ibiti ku munsi ku munsi, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Iwacu.

Nikwo gukora iyo mbabura nyabwonko ngo akureho umutwaro abantu bafise wo kubura inkwi, basigare bagwana no kurondera utwo batamira. Uno musore amenyesha ko inyuma yo kugendereza iyo mbabura mu kiringo c’amezi atanu (kuva muri kigarama 2023) ayikoresha mu gukinjika, yasanze ibiro bibiri vy’ibiharage bikwega umuyagankuba uhura n’amafaranga y’amarundi angana 43Fbu. Si ivyo gusa, n’umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba urayishitura. Ategekanya kuzoyishira ku giciro kiri musi y’ibihumbi ijana.

Kuki ari imbabura iciye ubwenge ?

Iyi mbabura yayihaye ubushobozi n’ubwonko bwo kutazigiza ivyo itetse. Amazi aheze mw’isafuriya canke ivyo watetse bihiye ica yizimya yo nyene. Bisigura ko ushobora gusiga utetse ibifungurwa ugiye ku kazi ukagaruka warura kandi bigishushe. Ni nk’uko ushatse uyiha umwanya igateka gushika amasaha wayibwiye igaheza ikazima. Nta myotsi, nta mivyiro. Uwuguze iyo mbabura ahabwa garanti y’amezi 15, igize ico iba akayisubizayo igakorwa kuri gusa. Nkakwo, ishingiro ry’igikoresho ‘electronique’ ico ari co cose ni umutima waco ari wo ‘carte électronique’ benshi bazi kandi nka ‘carte mère’, izo na zo ni izo uwo musore yikorera.

Naho biri ukwo, bivanye n’uko ibikoresho Timoteyo avuga ko yatumyeko hanze bitarashika, ivyo yarondeye ku bushigikizi bw’ikigo PAEEJ ari na vyo bizomufasha kugwiza ivyo aba yakoze mu bushobozi buke afise, uno munsi akora imbabura zitatu ku munsi. Ariko akizeza abarundi ko kuva mu kwezi kw’indwi 2024, azoba afise ubushobozi bwo gukora imbabura zirenga 15 ku munsi.

Ahamagarira urwaruka ruri ku ntebe y’ishure gukura rukunda ibiharuro, kuko ivyo vyose yabishikanweko n’ukubikunda. Ariko rero ngo biba vyiza kurusha, igihe umuntu agiye ararondera ingene yobivyaza umusaruro yisunze ivy’ikibano gikeneye, vyankenerwa umuntu yokwikorako.

Reta na yo ayisaba ko yomufata mu mugongo ikamuronsa uburyo bukwiye, Ikigo PAEEJ kikamwongerereza uburyo cokimwe n’amashirahamwe yandi, akinjiza amamashini menshi, agaha akazi urwaruka rwinshi, agafyatura ibikoresho vyinshi bishoboka, agashora hanze y’igihugu no ku yindi migabane ibamwo abazungu izo mbabura zigashikayo ‘’kuko izikoresha umuriro muke nk’ukwo kw’iyo ata ho zari bwaboneke, nabo bahitamwo gukoresha gaz kuko izo bafise zikwega umuriro mwinshi ‘’.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top