Ishure Nderabigisha ENS ryarateguye kuva kuri uyu wa 14 n’uwa 15 Kigarama 2023 mu kigo caryo kiri mu gisagara ca Bujumbura ikiyago gifise intumbero yo kurabira hamwe ubushakashatsi bwakozwe n’abahinga b’Abarundi hamwe n’abavuye mu bihugu bitandukanye vya Afurika (Côte d’Ivoire, Maroc, Sénégal, Afrika y’Epfo na RDC) kugira bafashanye kuryohora ubumenyi bafise gutyo basahirize mu gufasha Uburundi gushika kw’ihangiro ry’igihugu cifashe mu 2040 kandi giteye imbere mu 2060
Abashakashatsi 22 bose hamwe, akaba aribo bari bitabiriye iryo sango ryatunganijwe n’ishure nderabigisha ENS. Bumwe mu bushakashatsi bwerekanywe nk’uko bishikirizwa na Nusura Hassan arongoye ENS bwakozwe n’abahinga babinonosoye mu bisata vy’ubuhinga, nko kwubaka, gutwara imiduga, ubuhinga bwa none, ivy’uburimyi n’ubworozi, ivy’ibidukikije, n’ibindi bitandukanye.
Bimwe mu vyerekanywe bimaze kuva mu bushakashatsi bwakozwe harimwo ifumbire bamwe mu bahinga bakoze mu bidukikije nk’imisiba, ibishishwa vy’ibikaju, ivy’umuceri, ivy’ibitoki, n’ivy’ibindi bifungurwa abantu bata nk’imicafu. Bamwe mu bahinga bari aho bemeza ko bisunze umwimbu bakuye ku giterwa c’itomati bayikoreshejeko mu bushakashatsi bwabo, basanze iyo fumbire ituma umwimbu uba mwiza cane ku biterwa iba igiyeko.
Mbere nk’uko bivugwa na Eric Kazitsa umuhinga mu bijanye n’ubuhinga kama (Sciences naturelles) ngo iyo fumbire yonazana n’amafaranga mvamakungu kuko kw’isoko mpuzamakungu iri ku gaciro k’amadorari y’amanyamerika 1800 ku metero kibe (mètre cube).
Muri ubwo bushakashatsi harimwo n’iyindi imigambi myinshi ya kazoza nk’uko bivugwa n’umuyobozi Nusura Hassan: « Dutegekanya gukora ibikoresho vy’ishure bizokoreshwa mu mashure shingiro, ay’inyuma y’ishure shingiro n’aya kaminuza, gushigikira inganda n’abanyeshure bahejeje amashure kwironderera ubuzi no kubuha abandi ».
Ariko naho biri uko, avuga ko basanze uburyo butuma badashika ku bikorwa vyose bategekanya. Agatera akamo indongozi z’igihugu n’abarwizatunga gushiramwo imitahe kugira ibikorwa vy’ubushakashatsi bikorwe neza
Kwijukira ubuhinga n’imyuga: urufatiro rw’iterambere rirama
Bamwe mu bahinga n’abanyeshure bariko barakurikirana ico kiyago bavuga ko catumye bahanahana ivyiyumviro n’abashakashatsi bari bahari, bibashikana mbere ku kubona ko kuryohora inyigisho mu kujana n’ibigezweho, harimwo kuzishingira cane ku vyigwa vy’imyuga, ivy’ubuhinga, kuvyiga no kubikora, ari bimwe mu vyofasha abarundi gushikana Uburundi ku kuba igihugu cifashe mu 2040 kandi giteye imbere mu 2060.
Donate Nininahazwe, umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi yari muri ico kiyago, yagize ati : « Twabonye ko umunyeshure ari we shingiro ry’icigwa. Ko ayaga n’umwigisha kugira ngo atahure. Abanyeshure nibashira mu ngiro ubuhinga bagiye kwiga, nk’akarorero gukora umwavu w’agaciro kandi ukingira amagara y’abantu ntunahumanye ibidukikije, bizohindura imibereho y’abanegihugu, babeho batazera inze, kandi n’igihugu kironke ifaranga ry’agaciro kuko bazowushora mu makungu. »
Kubwa Éric Ndayisaba, umwe mu bahinga baronkejwe impamyabushobozi (certificat) ku bushakashatsi amaze gukora akaba n’umwigisha muri ENS, avuga ko guhanahana ivyiyumviro n’abashakashatsi bavuye mu bihugu bitandukanye vya Afurika nka Côte d’Ivoire, Maroc, Sénégal, Afrika y’Epfo na RDC vyabunguye ubumenyi buzobafasha kugira n’ibindi bahinyanyura mu bikorwa vyabo.
Nusura Hassan amenyesha ko muri ico kiyago bashimikiye ku gusuzuma uko ubushakashatsi buriko buratera imbere, guhanahana ivyiyumviro no kwungurana ubumenyi ku vyo abashakashatsi barondeye, kwisunga cane ivyigwa n’inyigisho zitangwa biciye ku karusho kavuye ku bushakashatsi abahinga bakoze hamwe no kuraba ingene ubushakashatsi bukorwa n’abahinga bwoshikira abenegihugu kugira ngo babwifashishe mu buzima bwa minsi yose.
Ubuyobozi bwa ENS bukaba bwasozereye ico kiyago butera akamo Abarundi ko kwama bitabira ku bwinshi ivyo biyago kuko bizotuma iterambere riduga. Bwaboneyeho n’akaryo ko gutanga impamyabushobozi (certificats) ku bahinga 22 harimwo abanyamahanga 4 (Côte d’Ivoire, Maroc, Sénégal, Afrika y’Epfo na RDC)berekanye ubushakashatsi bamaze kugerako.
Kino gisomwa canditswe na Irambona Willy Frid, yize kuri Kaminuza y’Uburundi, mu gisata cigisha ibijanye n’ugutumatumanako amakuru, umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru




