Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Tuyisabe Augustin « yazutse » Itaba, twamusanze ari kumwe n’umuvyeyi wiwe

Wa musore aheruka « kuzuka » wo muri komine Itaba mu ntara ya Gitega, Jimbere Magazine yaraye imwiboneye amaso mu yandi. Tuyisabe Augustin, afise imyaka 18 uharuriye aho yavukiye, yavutse ari umuhungu umwe mu bakobwa munani

Tuyisabe Augustin arikumwe na nyina wiwe ku rusengero rwa Méthodiste Libre ku mutumba Gisikara agacimbiri Rusange, aho bariko baramusengera

Tuyisabe yumvise umumenyeshamakuru wa Jimbere ariko araganira n’abavyeyi biwe hamwe n’abakozi b’Imana, ubwo nyene yaciye abaduka aho yarabaye araruhukira , n’akanyamuneza kenshi, ararukira kuri nyina aramuhobera yongera arahobera n’abandi bashitsi bari baje kumuraba.

Muti none « yarazutse » koko?
Bigirimana Angeline, umuvyeyi wiwe ntakekeranya: « Uno musore wanje yandurutse aja guca amafaranga muri sosumo mu ntara ya Rutana mu mwaka wa 2019. Inyuma y’umwaka, yaratashe, atubwira twebwe abavyeyi ko umukoresha yakorera yanse kumuhemba ». Niko kumuhanura gusubirayo akishuza, vyanse agataha.

Komine niyo yafashije ifubwa ryiwe

Mu mwaka w’2020, umuvyeyi ngo yagiye yumva bamuhamagara kuri terefone ko umwana wiwe Augustin yatwawe n’uruzi aca acikanira ku mutumba, ko bamurovye. Umuvyeyi yituye komine Itaba kugira imufashe gutahana ikiziga. Komine nayo ngo yaramwitavye, imuha umuduga, yongera imuronsa umuhanuzi ajejwe imibano n’akabahasha k’50.000 Fbu baragenda batora ikiziga ca Augustin, baramwoza, baramusiga, baramwambika, bashira mw’isandugu, barapfunga, bamufubana iteka.

None ngo minsi iheze yumvise abantu bamubwira ko babonye umuhungu wiwe mu Kayogoro mu ntara ya Makamba, muri Rutana hamwe no muri Itaba, ah’asanzwe avuka, ariko umuvyeyi arabura umuntu n’umwe yoja kumwereka ahari.

« Ni ibintu bishika »

Kuri uyu w’Imana 08/10/2023, abantu bagiye babona yinjira mu rusengero rwa Méthodiste Libre mu Rusange ku mutumba wa Gisikara. Abari ngaho niko guca bahamagara abiwabo. Abaravye yarashoboye kumenya mama wiwe na bamwe mu bo bavukana.
Gushika ubu, uyo musore aravuga ariko, yishura amajambo makemake. Uriko uramuganiriza bisaba kutamubazagiza ibibazo vyishi.

Bigirimana Angeline ati: « Ndanezerewe caaane kubona Imana yongeye kunyereka agahungu narimfise ari kamwe mu bakobwa 8. Sinumva uko noshima. »

Naho hari bamwe batangazwa no kubona « uwapfuye azuka », hari bamwe mu benegihugu bo kuri uyo mutumba bavuga ko bibaho: « Biva ku mangetengete y’abarozi bica umuntu bakamurabura maze bagaca bamuzura bakamukoresha ibikorwa mw’ijoro. Iyo rero bahuye n’uwo banganya ubuhinga canke bakisanga barihenze mu vyo bahinyanyuye, uwari yapfuye araheza akazuka. »

Sabikanya kuri
2 Comments

2 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top