Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Rwandair yaratanguje ingendo hagati ya Kigali na Paris…

Inyuma yaho ubutegetsi bw’Ubufaransa n’ubw’Urwanda bwari bumaze igihe kinini burabana nabi kubera Kigali yagiriza Paris ko yagize uruhara muri jenoside yo mu 1994, indege y’ikompanyi ya Reta y’Urwanda yaratanguje ingendo ku murwa mukuru w’Ubufaransa. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze indwi yo kuva ku wa 26 Ruheshi gushika ku wa 2 Mukakaro 2023.

Ku wa 27 Ruheshi 2023, indege y’ikompanyi ya Reta y’Urwanda ni ho yatangura kugera ku kibuga c’indege c’umurwa mukuru w’Ubufaransa mu ntumbero yo gutanguza ingendo zayo z’ubucuruzi zijayo. Ivyo rero bikaba bibaye inyuma yaho ubutegetsi bw’Ubufaransa n’ubw’Urwanda bwari bumaze igihe kinini burabana nabi kubera Kigali yagiriza Paris ko yagize uruhara muri jenoside yo mu 1994, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru BBC.

Umubano wongeye kuba mwiza ku butegetsi bwa Perezida Emmanuel Macron, kuba Rwandair izohora ijayo gatatu mu ndwi, ngo ni ikimenyetso c’impinduka zidasanzwe. BBC yandika ko urubuga rw’ikibuga c’indege ca Paris rwatangaje ko ari “umunezero udasanzwe kwakira i Paris urugendo rwa mbere rw’indege ya Rwandair”, ruvuga ko indege ya Airbus A330-300 ariyo izoja irajayo.

I paris rero ngo ni umurwa mukuru wa kabiri i Burayi indege za Rwandair zigiye kuja zijamwo inyuma ya Bruxelles na Londres. Rwandair ngo isanzwe kandi ija mu bindi bice birenga 20 muri Afirika na Aziya.

Ibihugu Angola, Sénégal na Gabon vyaratanze imiriyoni 2.5 $ ku ngabo za EAC ziri muri DRCongo

Inyuma y’uko Angola, Sénégal bitanze imiriyoni imwe imwe y’amadorari buri kimwe, Gabon nayo yaciye yiyemeza gutanga 500,000 USD, agamije gufasha ibikorwa vy’ingabo z’umuryango wa Afirika y’ubuseruko zarungitswe kugarukana amahoro mu buseruko bwa DRCongo.

Mu nama ku bijanye no kugarukana amahoro mu buseruko bwa DRCongo yahuje abakuru b’imiryango y’ibihugu vyo muri Afirika yo hagati, ubuseruko, ubumanuko, Ubumwe bwa Afirika, na ONU, ibihugu vya Angola, Gabon, na Senegal bikaba vyashimwe cane.

Itangazo ry’umuryango w’Ubumwe bwa Afirika ryerekeye ivyavuye mu nama yo kuwa kabiri yabereye i Luanda muri Angola rivuga ko risaba “n’ibindi bihugu bigize Ubumwe bwa Afirika gutanga intererano z’amafaranga ku bikorwa bijanye no gutsimbataza amahoro muri Afirika”.

Iyi nama yasavye kandi “imigwi yitwaje ibigwanisho yose gushira ibigwanisho hasi, canecane M23, ADF hamwe na FDLR”. Isaba M23 “kuva mu bice vyose yafashe ata co irinze gusaba”. Ariko M23 yo ivuga ko itazoshira ibigwanisho hasi igihe cose Reta ya Kinshasa izoba itaremera kuganira nabo. Ivyo Kinshasa nayo ikaba ivyamirira kure, nk’uko tubisoma kuri BBC.

Kenya: isanganya rikomeye rimaze guhitana abantu 48

Abantu 48 ni bo bari bamaze ku menyekana mu mpera z’indwi irangiye ko baguye mw’isanganya ry’imodoka yabereye mu gisagara ca Londiani mu gace ka Kericho. Iryo sanganya rikaba ryabaye mw’ijoro buca ari ku wa gatandatatu igenekerezo rya 1 Mukakaro, aho imodoka nini yari ivuye ahitwa Nakuru, yananiwe no gukata neza ibarabara mu gihe yari igeze mw’ikorosi maze ica igonga imodoka zunguruza abantu, ijaniranya n’amamoto menshi hamwe n’abariko baragenda n’amaguru, nk’uko tubisoma ku kinyamakuri Igihe.

Muri iryo sanganya bimaze kumenyekana ko ryaguyemwo abantu 48, abandi benshi bakomeretse. Ibikorwa vyo gutabara abaguye muri iryo sanganya bikaba vyaciye vyihutirwa ariko hakaba hikekwako ibitigiri vy’abahasize ubuzima bishobora kwiyongera.

Uganda: harabonetse ku ncuro ya mbere imbwa zo mw’ishamba inyuma y’imyaka 40

Mu Buganda, bari bibaza ko izo mbwa zo mw’ishamba zitakibaho. Ariko zabonetse ku wa 26 Ruheshi mu buraruko bw’igihugu ca Uganda ku ncuro ya mbere inyuma y’imyaka 40. Zabonetse zitonze umurongo muri parake ya Kidepo Valley.

Uwujejwe kwakira abantu muri iyo parake avuga ko izo mbwa bazibonye mu gihe umwe mu bahakora yari aherekeje ingenzi ngo aze kuzereka ivyiza biharangwa. Abazibonye barahimbawe kuko ngo zaheruka kwibonekeza muri iyo parake mu myaka ya za 80, nk’uko tubisoma kuri RFI.

Ukuba izo mbwa zo mwishamba zarongeye kwibonekeza ngo ni igitangaro ku baganda. Ariko abajejwe ibikoko muri ico gihugu bakavuga ko kuba izo mbwa zo mw’ishamba zaragarutse vyerekana ko umutekano w’ibikoko ukingiwe muri iyo parake.

Bagira bati : « Twarabonye ibikoko vyinshi biva muri Sudani y’epfo biza mu ruhongore rwa Kidepo kubera ko mu Buganda ariho hari umutekano gusumba muri Sudani y’epfo. » bavuga kandi ko aborozi b’ibitungwa bahora hafi y’iyo parake bimutse batakiharangwa, kuko kera iyo aborozi babuze ibitungwa vyabo baca birara muri izo mbwa z’ishamba bakazihiga. Ubu rero ko zagarutse bemeza ko bazokora ivyo bashoboye vyose kugira zihagume.

Mwomenya ko imbwa zo mw’ishamba ari ibikoko bibangamiwe cane. Mu mwaka wa 2020, ikigo mpuzamakungu kijejwe kubungabunga ibinyabuzima cerekanye ko hari imbwa zo mw’ishamba 6.000 kw’isi yose.

Tanzaniya: umukoresha yarishwe n’umukozi wiwe wo mu nzu aca amuta mu kinogo c’akazu kasurwumwe

Uyo yishwe yaba mu gace ka Ubeta akaba yari afise imyaka 60. Bivugwa ko yishwe n’umukozi wiwe wo mu nzu amutemaguje umupanga mu mutwe hanyuma akamukororera mu kinogo c’akazu kasurwumwe. Uwutwara igiporisi mu ntara ya kilimanjaro avuga ko ivyo vyabaye inyuma yaho uwo mutama yari avuye mw’isoko kugurisha ingurube ziwe akazironkamwo amashiringi ibihumbi 800.000, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi.

Ikiziga c’uwo mutama kikaba cabonetse inyuma y’iminsi ibiri kiri mu kinogo c’akazu kasurwumwe. Uyo mukozi wo mu nzu yamwishe akaba yamwishe amaze kumenya ko avuye kugurisha ingurube kandi yazikuyemwo amafaranga atari make. Amaze kumwica akaba yaciye yiruka kandi akaba atarafatwa, ariko igiporisi kikizera ko impera n’imperuka azofatwa kuko uwakoze iryo bara camaze kumenya ko yari umukozi wo mu nzu w’aho nyene.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top