Mu Rwanda ngo hari abakobwa batacerekwa ikareso. Biyambarira uduhuzu tugufi, duhakwa kwerekana ibihimba vy’irondoka, ntibashiremwo agahuzu ko munsi, bagaca bihereza amabarabara, amabuno bagenda barahenura ku mvo zitandukanye… Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afirika y’ubuseruko mu ndwi yo ku wa 05 -11/06/2023.
Abakobwa biyita ko ari abanyamuji, abasirimu, ngo kuri style igezwe ho i Kigali, ni ugutembera munsi y’impuzu ata kindi kintu kirimwo. Ku ba kobwa batanu basohotse nko mu giteramo, n’imiburiburi ngo babiri baba batambaye ikareso n’isutiye kandi bambaye uduhuzu dusa n’utwerekana ibihimba vy’irondoka. Ngo usanga rero akenshi abo bakobwa batambara udukareso aribo bagenda bariminuza amabuno. Ugize ngo urababaza impavu batambara uduhuzu two munsi, ngo bakwishura ko n’ababikira batacamabara mugondo (amakabutura akomeye y’ikoboyi) canke ama surujipe (sous jupe).
Abandi bavuga ko ari ukujana n’ibihe. Eka hari n’abavuga ko ikareso kubera zitarekura akayaga ngo kinjire mu bihimba vy’irondoka, bituma bagwara ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (infections), bigatuma rero baterekwa amakareso.
Abandi ngo kubera amakareso meza usanga azimvye kandi bakaba batokwamabara amakareso azimbutse, abakobwa bamwe bamwe bavuga ko kwambara ikareso y’amahera make bimeze nko kunywa inzoga y’inkorano kandi uzi ko ishobora kuguhitana. Baca bahiatamwo kugenda amenya musi.
Uwuyiserukira Roumanie muri Kenya yagereranije Abanyafirika n’inkende
Ku mugwa mukuru wa Kenya, i Nairobi, mu nyubakwa y’ishirahamwe ONU, mu gihe hariko haraba inama, Dragos Tigau, aserukira Roumanie muri Kenya yagereranije abanyafirika n’inkende. Ngo uyo Tigau yaravye mw’idirisha abona inkende, aca avuga ngo:” Umugwi w’abanyafirika urifatanije na twe.”
Iyo ngendo ya Tigau ikaba yashizwe ahabona n’umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Kenya Kamau Macharia.
Igihugu ca Roumanie kikaba caciye gitumako uwo agiserukira muri Kenya, gica kigirako gisaba imbabazi congera kinahoza abo ayo majambo yagizeko ingaruka. Akanamenyesha ko iyo ngendo itazotuma imigenderanire Roumanie ifitanye n’ibihugu vya Afirika itosekara. Ariko, Reta ya Kenya nta co irashikiriza ku ngingo ya Roumanie yo gutumako Tigau, nk’uko tubisoma kuri BBC.
Museveni bamusanzemwo Covid-19
Perezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni, inyuma yo kuba yari yerekanye ibimenyetso bimeze nk’ibicurane, Diane Atwine umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu avuga ko, ku wa gatatu w’indwi iheze ari ho Museveni yatorwa Covid 19. Ariko ngo amagara yiwe ameze neza kandi yaciye aja ku miti.
Museveni, w’imyaka 78, imbere yuko atorwa covid 19 akaba na we nyene ubwiwe yari yivugiye ko akeko ko yanduye uwo mugera. Kuko mu gatondo k’uwo munsi yari yumvise akabeho, bituma aca asaba ko bamupima. Ariko ibipimo bibiri kuri bitatu bikaba vyari vyerekanye ko atawugwaye, mu gihe yari akirindiriye ikigira gatatu.
Mwomenya ko Museveni ari umwe mu bategetsi bubahiriza ingingo zo kwirind Covid 19, kuko incuro nyinshi aboneka mu bandi yambaye agapfukamunwa kandi abantu yakira akenshi bicara kure yiwe, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Monitor.
Ibitero vy’indege kuri kaminuza yo muri Sudani vyarahitanye abanyeshure ba RDCongo
Reta ya RDCongo ivuga ko abantu 10 mu banyagihugu bayo bapfuye inyuma yaho kaminuza bigako irashwe ku w’Imana mu bitero vy’indege ku murwa mukuru Khartum w’igihugu ca Sudani.
Umushikirangaji w’imigenderanire n’ayandi makungu Christophe Lutundula, yavuze ko ibimenyetso vyerekana ko ivyo bitero vy’indege vyakozwe n’igisirikare gisanzwe ca Sudani mu gace karimwo abanyagihugu batitwaje ibigwanisho, harimwo n’abanyamahanga, bikomeretsa n’abandi.
Akavuga ko yiteze ko Reta ya Sudani yiteze ko itanga umuco kuri ubwo bwicanyi. Kandi Lutundula yasavye ko Sudani ishiraho uburyo bwo gutuma imivyimba y’abaguye mu gitero itahukanwa muri RDCongo kugira ifubanwe iteka. N’uko kandi Sudani yotegekanya inzira ituma RDCongo itahukana abanyagihugu babayo bakomerekeye muri Sudani no gutahukana ababuze ingene bava muri ico igihugu.
Igisirikare c’Urwanda caratunganijwe gushasha…
Reta y’urwanda yarahinduye inzego mu gisoda c’igihugu aho mbere yatangaje ku wa gatatu w’indwi iheze ikurwa ry’intwazangabo (officiers de haut rang) ibahora ko batigenza neza, bafise inedro nke. Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’ihindurwa ry’umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n’umukuru w’igisirikare c’igihugu (Etat-major). Abo bakaba bakuwe ata mvo zitanzwe.
Muri ivyo bikorwa vyo guhindura inzego mu gisirikare c’Urwanda, Perezida Paul Kagame akaba yari yirukanye abasirikare bakurubakuru batandukanye, harimwo n’intwazangabo 14. Yaratanze uruhusha rwo kwirukana abandi basirikare 116 bafise amapeta akomeye, yongera yemeza ko hahagarikwa amasezerano y’akazi ku basirikare 112 n’abo nyene bafise amapeta, kandi ivyo vyose bikaba vyaciye bishirwa mu ngiro akibivuga.
Ariko kandi naho biri ukwo, RDCongo yagirije igisirikare c’Urwanda ku wa 30 Rusama, ko gifadikanije n’umugwi w’iterabwoba M23, kiriko kirategura ibitero ku gisagara ca Goma, kiri mu buseruko bwa RDCongo, nk’uko tubisoma kw’ijwi rya Amerika.
Tanzaniya: abavugabutumwa bafatwa bagirizwa kubuza abanywanyi kuja kwa muganga…
Hari abavugabutumwa 2 bafashwe n’igiporisi mu karere ka Misungwi mu gihugu ca Tanzaniya bagirizwa gutanguza urusengero batagira uruhusha hanyuma bakaja barasengera abagwayi bababuza kuja kwa muganga ariko bakabasaba amashiringi 30 .000 yo kubasengera ngo bakire. Abo bagirizwa ko babujije abayoboke (abakirisu) babo bashika 200 kuja kwivuza kwa muganga kandi bagwaye.
Umuyobozi wa karere ka Misungwi, avuga ko yabonye abagwayi barenga 200 aho baba mu nzu z’ivyondo zisakaje ivyatsi, aho abarenga 50 bari baremvye cane batanashobora gutambuka. Uyo muyobozi akavuga ko hari n’amakuru avuga ko hari abantu boba barapfuye mbere yasavye igiporisi kuraba ko atabahambwe mu kinyegero. Iryo shengero rikaba ryaciye rihagarikwa ubwo nyene, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi.




