Kuri uyu wa 18 Nyakanga 2022, hakaba haratunganijwe ikibazo co gutora abigisha mu gihugu cose c’Uburundi. Ubushikiranganji bw’indero bukaba bushima uko vyagenze muri rusangi.
Abigisha 1000 nibo bitegekanijwe ko bazohabwa akazi inyuma yico kibazo. Ibirori vyo gutanguza icese ico kibazo bikaba vyabereye mu ntara ya Ngozi. Umushikiranganji w’indero François Havyarimana akaba yari yahishikiye. Yamenyesheje ko abazotora ico kibazo bazotangura akazi mu kwezi kwa Gitugutu muri uyu mwaka 2022. Abo mu gisata c’indero bakaba bavuga ko mu ma komine atandukanye y’iyo ntara ya Ngozi, ikibazo cakozwe neza mu makomine yose uko ari 9.
Ico kibazo cari kirindiranywe igishika cinshi mu ntara ya Makamba. Bamwe mu bakenyezi bagikora bariko baronsa abana abandi nabo babareze. Bikaba vyaraboneka ko bagishashaye.Kw’ishure ry’akarorero ry’i Makamba, hakoreye abagera ku 386, hakaba hasivye umwe wenyene. Ikibazo catanguye hafi igihe c’isaha zitanu z’umurango.
Mu ntara y’indero ya Bubanza naho, hari hitezwe gukora ikibazo abangana na 750 mu makomine yose y’intara, ariko hitavye 712, abandi 38 barasiba.Mpanda hasivye 1 kuri 57, Rugazi hasiba 4 kuri 155,Musigati hasiba 7 kuri 116,Gihanga hasiba 10 kuri 148,Bubanza hasiba 16 kuri 274.
Mu gisagara ca Bujumbura hoho bite?
Mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo cakorewe mu bibanza bitatu: Lycée Municipal de Ngagara, Ecofo Stella Matutina hamwe na Ecofo Kanyosha III. Kuri Lycée Municipal de Ngagara hoho gushika isaha zitanu nticari bwatangure. Aho hakaba hari imishwano. Abari baje gukora ico kibazo basanze barakuwe ku ntonde z’abakora. Imyidogo yari kandi ku baje gukora ikibazo bize kw’ishure nderabigisha ENS hamwe n’abize kuri IPA mu gisata ca Physique na Technologie. Basanze barakuwe ku ntonde z’abakora ikibazo. Tubabajije batumenyesheje ko abayobozi b’indro mu komine( DCE)bababwiye ko hakora abize igisata ca Physique gusa, kuko ngo nikwo ku ntonde bafise vyari vyanditse. Abo bankiwe gukora ikibazo, bobo ku bwabo bavuga ko igisata ca Physique et Technologie ari co kimwe n’igisata ca Physique, gusa bikaba bitandukaniye kuri ako kajambo Technologie.
Ikindi naco bamenyesheje n’uko ico kibazo ahanini caraba abize ibisata vya ENS hamwe na IPA ngo kuko nibo bize ingene batanga ubumenyi (méthode pédagogique). Nticaraba ahanini abize igisata ca Physique conyene. Ukwidoga nti kwari kur’abo bize physique et technologie gusa, abize igisata ca Biologie nabo nyene basanze ku ntonde barakuweko. Impamvu ngo hakenewe abize igisata ca Biochimie. Ariko bagatangazwa n’ukuntu abize Chimie bobo babaretse ariko bobo bakababuza.
Kuri Ecofo Kanyosha III, ikibazo cagenze neza. Catanguye igihe c’isaha zitanu n’iminota 45 (11h 45′), nk’uko twabishikirijwe na Juvenal Hakizimana, umuyobozi w’indero muri komine Muha. Uwo muyobozi yatumenyesheje ko kuri iyo centre hari hategekanijwe gukoreraho abagera ku 262 ariko hakaba hasivye 17.
Ku cerekeye ko hoba hariho ababujijwe gukora ikibazo, Juvenal Hakizimana yamenyesheje ko habujijwe gukora 3. Nabo nyene bakaba bari babizi kuva imbere y’igihe.Bapfuye kuza bafise icizere c’uko kumbure bashobora kubareka bagakora.
Kuri Stella Matutina umuvyeyi yagikoze avuye kwibaruka
Kw’ishure Stella Matutina hoho, ico kibazo catanguye igihe c’isaha 5 n’iminota 21 (11h 21′). Ikibazo cakozwe mu mutekano ntangere. Uwarujejwe ico kibanza yatumenyesheje ko hariho abatashoboye kuza gukora ico kibazo kuko hari hitezwe gukora 368 ariko hakaba hasivye 27. Hari umuvyeyi yari ahejeje kwibaruka isaha 2 (8h) ubwo nyene aca atera aza gukora ico kibazo. Yaciye ashirwa ahantu ha wenyene kugira ashobore gukora ico kibazo ata nkomanzi.
Muri ico kibazo nyene hari umwe yafashwe agire akorere uwundi ikibazo. Amazina yiwe y’ukuri ni Haziyo Ezéchiel Laure. Uwo yaraje gukorera nawe ni Nduwimana Olivier, umuyobozi w’ishure Lycée Technique Gitega afise urupapuro rw’umutsindo rwa BAC 3 muri Agronomie et Bio Ingénierie. Umushikiranganji w’indero akaba yamenyesheje ko uwagiye gukorera ikibazo uwundi azohanwa bimwe vy’akarorero.
Un article rédigé par Emmanuel NDAGIJIMANA, issu de la faculté des Sciences sociales et Politique à l’Université du Lac Tanganyika dans le cadre d’un stage au sein du Magazine Jimbere




