Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

ANAGESSA-2022: 87.500.000.000 Fbu niyo ategekanijwe mu kugura umusesekara w’umwimbu

Mu mwaka wa 2021, vyari bitegekanijwe ko ikigo ANAGESSA gikoresha imiriyaridi 34 Fbu mu bikorwa vyose bijanye no kugura no kubika umusesekara w’umwimbu w’ibigori ariko hakaba hasigaye imiriyaridi 13 Fbu. Muri uwu mwaka wa 2022 na ho hategekanijwe gukoreshwa imiriyaridi 87 ni miriyoni 500 Fbu, mu kugura intete z’ibigori, ibiharage n’umuceri.

Kugira umwimbu w’umusesekara w’abenegihugu ntusesagurwe, Reta y’Uburundi yaratanguje kuva kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza umwaka wa 2021, igikorwa co kwegeranya no kugurira umwimbu abenegihugu ihereye ku ntente z’ibigori ku mafaranga 680 Fbu ku kiro. Ico gikorwa cahawe ikigo ca Reta kijejwe kwegeranya no gutunganya umwimbu w’integabizoza ANAGESSA.

Déo Guide Rurema, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi, mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa 21 Ntwarante 2022, yamenyesheje ko amahera Reta y’Uburundi yari yategekanije muri iryo sekeza rya mbere yangana n’imiriyaridi 34 Fbu. Ayo nayo yari ategekanijwe gukora mu bijanye no kwegeranya no kugura umwimbu w’umusesekara mu gihugu cose, kugura ibikoresho bikenewe nk’iminzane minini, amahema, utwo baterekako imifuko kugira ntije hasi, intaro zo kugosora, imifuko (sacs pics), ivyuma vyo gupima ko umwimbu wanikiwe neza, n’ibindi vyari bikenewe kugira ico gikorwa kigende neza.

Uwo musesekara rero ukaba wegeranirijwe mu bibanza 203 biri mu ma komine yose kandi ukaba washitse ku matoni 14.000, mu gihe hari hitezwe amatoni 28.000. Biteranye n’ibikoresho vyose vyaguzwe mw’ico gikorwa, haciye hasigara imiriyaridi 13 Fbu. Déo Guide Rurema ati: « Umwimbu wegeranijwe wose waragurishijwe. Havuyemwo amahera angana n’imiriyaridi 11.872.278.740 Fbu akaba yose yashinguwe kuri konte ya Reta iri mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB Nº: 1110/336. »

None hari akarusho koba karavuye muri ico gikorwa?

Umushikiranganji ati:« Ego cane akarusho ni kenshi. Amakori n’amatagisi birinjira mu kigega ca Reta no mu bigega vy’amakomine. Muri Reta hinjiye 1.898.000.000 Fbu. Mu makomine hinjiye amatagisi angana imiriyoni 130 Fbu. »

Yongera ati: « Akandi kunguko gakomeye ni uko uwo mwimbu wegeranijwe na Reta ugaruka kw’isoko bikenewe kandi ukadandazwa ku giciro Reta yashinze, gutyo abenegihugu bakamana imfungurwa mu gihe abadandaza babibagurira ku dufaranga tw’intica ntikize canke bakabigurira mu murima mu nyuma bagaca babinyegeza, imfungurwa zigakena ku masoko, bagaca babigurisha ku giciro c’umurengera. » Déo Guide Rurema anavuga ko uwo musesekara w’ibigori wagarutse kw’isoko aho abenegihugu baciye babigura ku 970 Fbu ku kiro.

Imyiteguro y’isekeza rya kabiri nayo…

Mu kwitegurira igice ca kabiri co kugura umusesekara, Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi yaratangaje ibiciro umwimbu uzogurirwa abenegihugu aho intete z’ibigori zumye zizogurwa amafaranga 800Fbu ku kiro, ibiraya bigurwe amafaranga 700 Fbu ku kiro, umuceri usanzwe 1200 Fbu ku kiro, umuceri mwiza w’intete ndende uzogurwa 1300Fbu. Ibiharage vya joni bizogurwa ku 1400 Fbu, ibiharage vy’ubwoko bumwe atari ivya joni 1300 Fbu, nayo ibiharage bivanze bikaba bigurwa 900 Fbu.

Umushikiranganji Rurema ati:  ‘ »Akandi kunguko gakomeye ni uko uwo mwimbu wegeranijwe na Reta ugaruka kw’isoko bikenewe kandi ukadandazwa ku giciro Reta yashinze« 

Rero, Déo Guide Rurema avuga ko ubu bazoba barakoresha imiriyaridi 13 zasigaye, kubera umwimbu wari witezwe mw’isekeza rya mbere utabonetse wose. Ariko kandi avuga ko baravye uko abenegihugu bose bijukiye kurima n’ukuntu bashize mu ngiro umugambi wa Reta wo gushira amatongo hamwe, integuro y’uburyo buzokoreshwa kuri uno mwaka wa 2022 angana n’imiriyaridi 87.500.000.000 Fbu kuko hatazokwegeranywa ibigori gusa ahubwo haziyongerako umuceri n’ibiharage.

Ayo mafaranga bitegekanijwe ko azokora mu kwegeranya no kugura umwimbu w’intete z’ibigori ungana amatoni 30.000 ku mafaranga 24.000.000.000Fbu, kwegeranya no kugura umwimbu w’ibiharage ungana amatoni 35.0000 ku mafaranga 31.500.000.000 Fbu, hamwe no kwegeranya no kugura umwimbu w’umuceri ungana amatoni 20.000 ku mafaranga 32.000.000.000 Fbu, nk’uko bishikirizwa na Déo Guide Rurema

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top