Mu kirundi, bagira bati: « Indero y’umwana iva hasi ». Ntivyizana. Abavyeyi bamutoza ingeso nziza ataranamenya ico bamubwiriza, agakura azi ikizira n’ikitazira, akagendera indero runtu, akagendera akaranga n’akabanga. Umwana yarezwe nabi atukwa se na nyina yaba uwigenza neza bati irya ntore itaha mu rugo kwa nde…?
Aho hambere indero y’umwana w’umuhungu yitwararikwa na se. Iy’umwigeme ikabazwa nyina. Rero carazira ko umwana uwo ari we wese ariko aragera mu bigero yigenza nka se rugo, haba mu gutaha ijoro canke mu gukora ibindi vyose imico n’akaranga bitamwemerera. Vyoboneka ko atarezwe arinze abirenga ko. Ivyo navyo bikaba vyabonwa nk’iceyi mu muryango.
Nk’uko tubisanga mu gitabo Imigenzo y’ikirundi, 1978, canditswe na Ntahokaja Jean Baptiste, mu kurera neza umwana, bagomba ko akurana iteka. Bamuhoza ko ijisho. Bakaza baramuhanura, bamukangira, bakamubuza kuraraguza, kuja kwiramukisha incuti atarekuriwe n’abavyeyi. Bakamubuza kwibaraguza no kwireshangishwa. Baranamutuma udukorwa kugira amenyere kuzitunga. Mu kumwigisha kwubaha naho, umwana bamumenyereza ingene bitaba, ingene bifata imbere y’abakuru n’ingene bavuga.
Ingene barera abahungu rimwe na rimwe vyaratandukana n’uko barera abigeme kiretse ko bose bahurira ku gukundishwa ibikorwa no kwigenza runtu. Kera, umwana w’umwigeme yarezwe na yina na se, ntiyihetesha amabega, ntiyagendera isaya, ntiyarabira mu mbavu, yatambuka yitonda bunyambo. Mu kuvuga yaraniga ijwi, akirinda kwituragarisha. Ntiyerura canke ngo ayerere. Ntiyambarira impuzu mu mafyinga. Kandi kizire ko agenda amenya.
Umusore w’igikwerere ageze kwubaka, adakwije nk’imyaka mirongo ibiri n’itanu, se wiwe ntiyamusabira. Kuko babona ko atoshobora gutunga umugore. Bitabaye uko, ngo yohava aza arigenza ku mugore ngo aramukengera kuko akiri agasore. Ibijanye n’amahindagurika y’umubiri, canke ari mu gushinga urwiwe, aho hambere umwana w’umuhungu yabiyaga na inarume, na yo umwana w’umwigeme akarungikwa kwa inasenge kugira amuyagire uko azitwara nagera mu Burundi
Imico n’akaranga mu rwaruka rw’iki gihe…
Ubu ni mu bihe vy’amajambere. Aho urwaruka rugerageza kurahura imico ahandi. Ivyo ni ibisanzwe kuko imico igenda irahinduka bivanye n’ibihe abantu baba barimwo. Rero gufasha urwaruka kuba mu majambere batibagiye imico n’akaranga ndundi bituma urwaruka rubaho rwumva ko rwisanzuye. Ivyo birashoboka mu kureka imiyaba n’urwaruka rukidegemvya, ariko rukaronka impanuro zibereye mu nyifato ruba ruriko rurerekana.
Nk’akarorero, uri nk’muvyeyi urashobora kujana n’umwana mw’isoko. Ukamureka akicagurira impuzu. Ubonye ariko yigera uduhuzu tugufi cane, ukamushimira ko acaguye neza, ariko ukamwereka impamvu atari vyiza kugura impuzu ituma agenda ari gusa. Canke ari nk’umuhungu ukabona atanguye guhitamwo zimwe zitabaguye, yanazigera ukabona ayambarira hepfo y’ikiyunguyungu, uca uhera aho nyene umuhanura. Umwana ukamuhanura ufatiye ku nyifato umubonye ko. Canke umwana wawe ukamubwira azotumire abagenzi biwe basangire muhira. Aho kuba ari ukugira urabe abagenzi biwe uko bameze, ko atari abomukwegera mu ngeso mbi, nk’akaborerwe, ubuhumbu n’izindi ngeso mbi. Ivyo ni bike muri vyinshi woshobora kwigishirizamwo urwaruka utarukuye ku majambere kandi unarugumije ku mico myiza, nk’uko bivugwa na Vital yize ibijanye n’ivy’inyifato muri akaminuza y’Ububurundi.
Niyorugira Révérien yize ibijanye n’imico n’imigenzo muri kaminuza y’Uburundi nawe ati: « Indero bahabwa kera ugereranije n’ubu birashoboka ko iterana. Akaranga ntigapfe ariko kandi n’ibi vy’amajambere ntibibasige. Rero ntitwumire cane ku mico n’imingezo y’aho hambere ariko kandi tumenye yuko ibintu bihinduka bakabibamwo n’akaranga kadatakaye. »
Rero muri iki gihe, kumbure no muri kazoza, ikintu ciza kandi cofasha abayabaga n’urwaruka, nuko hokomezwa ikiyago hagati y’abana n’abavyeyi, bakabagira inama y’ingene bashobora kwitwara bihuye n’ibihe barimwo, kuko mu biyago bagiriranira n’abavyeyi ni ho bashobara gukura indero runtu.




