Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Master rusangi y’igifaransa muri UB na ENS : ryari bazohuriza ku mwaka w’ishure ?

Abanyeshure bari bipfuza gutangura umwaka wo mu wa mbere muri Master y’igifaransa (Didactique du Français Langue Étrangère DFLE) Kaminuza y’Uburundi (UB) isanzwe isangiye n’ishure Nderabigisha ENS, batanguye kwibaza nimba iyo master itazakira abanyeshure uyu mwaka. Ivyo rero bakabivuga bisunze ko abiyandikishije kwiga muri iyo Master muri UB, bigeze gutumwa ko kuza gukora ikibazo ariko bakankirwa, bivanye n’uko ENS itari bwatume ko abanyeshure bayo, ariko abandi bo mu yandi ma masters ayo makaminuza adasangiye bagakora

Mu mezi y’impera y’umwaka wa 2021, harakozwe ibibazo bitandukanye bitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’inyigisho za Kaminuza(Masters). Ariko bigeze muri Master rusangi y’igifaransa Didactique du Français Langue Étrangère (DFLE), Kaminuza y’Uburundi (#UB) isangiye na ENS, Kaminuza y’Uburundi yaratumye ko abanyeshure ariko ENS ntiyabatuma ko. Gutyo abatumwe ko  ntibaba bagikora kubera abari kuva muri ENS batari batumwe ko.

Abanyeshure rero bari kwiga iyo Master co kimwe n’abavyipfuza bo kuri ENS bakibaza nimba yarafuswe canke yoba yarahuye n’ibindi bibazo. Eka n’abahejeje umwaka wa mbere muri iyo Master bakibaza nimba batazokurikirwa ubona ko ubu barindiriye amanota ngo baje mu mwaka wa kabiri.

None hoba habaye ikihe kibazo catumye badakora?

Burya iyo ibintu bitevye hama havugwa vyinshi.  Kuri iyo Master y’igifaransa « Didactique du Français Langue Étrangère », hari abavuga ngo abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi n’abo kuri ENS  ntibahuza, ngo n’ikimenyamenya iyo hageze ko bahinyanyura indinganizo z’ivyigwa bijanye n’igihe ngo biragorana kwumvikana. Abandi ngo ayo makaminuza ngo yipfuza ko iyo Master yokwegukira Kaminuza y’Uburundi, abandi ngo  ahibambewe ni iya ENS.

 Eka mbere hari n’abavuga ngo abigisha bahigisha boba bahora baronka agahimbazamusyi kuko yahora ifashwe mu mugongo na « Coopérations Française », ubu ikaba yarakuyemwo akarenge bigatuma ka gahimbazamusyi kabura mu bigisha gutyo bagaca badebukirwa

Ivyo rero biri uko mu gihe ama Masters yose haba kuri #ENS canke kuri #Rumuri izo badasangiye indinganizo y’ivyigwa abanyeshure bakoze ibibazo mbere bamwe batanguye kwiga ukuri kwamye.

None rero ko ibivugwa ari vyinshi, ukuri ni ukuhe?

Dr Adelin Mperejimana arongoye iyo Master y’igifaransa, agira ati: »Nta bukene bw’abigisha dufise, ahubwo turindiriye gusa ENS batume ko abanyeshure baze gukora ikibazo.Nta kindi. Kaminuza y’Uburundi iriteguye, kukaba nkako baratumye ko abaza gukora ikibazo, ariko kubera ENS itari bwitegure ntivyakunze ko gikorwa. Rero Kaminuza y’Uburundi ntiyokoresha ikibazo yonyene kuko isanzwe ari Master rusangi. Ikijanye n’umushahara naco nta Master n’imwe abigisha bahembwa ukwabo. Bose basanzwe bahembwa na Reta. Ibivugwa si vyo. Kuba ari Master yari ifashwe mu mugongo na « Coopérations Française » na ho, ni vyo. Ariko  ntibigeze batanga amafaranga yo kuyishigikira barayagumanye »

Umuyobozi ajejwe ivyigwa vy’akaminuza (Directeur des Affaires Académiques) muri ENS avuga ko kuba bataratunganya ikibazo atari intambamyi ikomeye. Agira ati: »Vyatewe n’uko muri kaminuza y’Uburundi batumye ko abaza gukora ikibazo twebwe muri ENS tutaritegura neza. Ubu turiko twitegura tugiye kuzovugana na n’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi turabe ko twotuma ko abanyeshure bakora ikibazo

Na we umuyobozi ajejwe ivy’akanovera k’inyigisho( Directeur d’Assurance Qualité) muri ENS ati: » Abigisha bariho kandi bahembwa na Reta, kuko bakora ibikorwa vya Reta. Nta kibazo c’abagisha gihari. Gusa iyo muriko murangura umugambi rusangi, birashika ntimwitegurire rimwe. Ariko ico kumenya iyo Master ntiyabaye rusangi kubera yananiranye.Ni ko bitunganijwe. Mbere nk’ama masters tudasangiye na UB ari ku kivi. Ariko turiko turisuganya n’ababijejwe baguma bategura ibikenewe. Vuba cane abayobozi babijejwe muri ayo makaminuza bazohura batange intumbero »

Umuyobozi ajejwe akanovera k’inyigisho muri Kaminuza y’Uburundi na we ati: » Nta gifashi gihari. Gusa ni bimwe iyo hari ibintu bitevye, uwo ari we wese abivuga uko ashaka. Rero nta kibazo gihari kiretse ko ari « Agenda » zitahuriranye. Rero turiko turabitunganya. N’ayo ku bijanye n’uko Coopérations Française yari ifashe mu mugongo iyo master, ni vyo. Kandi « projets » zifise umwanya zimara. Ziraza hanyuma zigahera. Kandi ntizibuza ko ibikorwa bibandanya, iyo zaheze. Na yo ivyo kunyinyurana hagati y’abigisha, si vyo. Master bayisangiye ntivyokunda ko baja mu mpari. Erega ni nka kurya ata mugabo yohava anyinyurana n’umugore wiwe ngo ashaka kwisangiza umwana bavyaranye ». Abanyeshure bashaka kwiga iyo Master y’igifaransa DFLE borema, kuko haba muri UB canke muri ENS bose bariko bariga ku kuntu bohuriza ku mwanya w’ibikorwa ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top