Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Akaranda mu butumwa buhinyitsemwo urwanko

Ni gute umwana yokwirinda gukoresha amajambo abiba urwanko n’umwikeko mu kibano mu gihe yama ariko ayabwirwa n’abavyeyi biwe, akama yayumvise mu muryango, mu kibano n’ahandi ? Patrice Sabuguheba, umuhinga yanonosohe ivy’imibano aratwiganira inyifato ibereye mu gihe uno mwana yagiwe muri ubwo buryo

Nta nkeka ko abatari bake mu runganwe rw’uno munsi twagiye turahura n’ibihe aho abo tudasangiye ibi canke biriya batabura ivyo batwagiriza kumbure tutaniyiziko canke na ho tugatunga agatoke abandi.  Ivyo hari aho twavyoshwa n’abavyeyi bacu bwite bashobora kutubuza nko kugendera imiryango kanaka ngo kw’urya muhana bararoga, ngo ntugafungure mu gahinga, n’ibindi.

Hari n’igihe usanga imiryango yacu itagize amahirwe y’ukwisununura nk’ikiyindi igaheza igashira agashavu ku kibano canke ku bo badasangiye ubwoko, abavyeyi bacu bakagenda baravuga izuba riva ngo iyo igihe kinaka kibabaje kititamwo kikatwononera, uno munsi tuba tubayeho neza nk’abandi

Ikiri ukuri co, nuko akenshi amajambo nk’ayo usanga akomoka ku matati aba yarigeze kuba hagati y’imiryango ariko akaba atigeze yicarirwa ngo atorerwe inyishu. Canke na ho bikava ku mbuto mbi yagiye irabibwa n’umugwi w’abantu kanaka bafise ivyo bashaka gushikako ari ubutegetsi canke ibindi

Jean Nasoro, umwe mu badandaza bakorera kw’isoko yo mu Kamenge aremeza ko yigeze kubwirwa amajambo nk’ayo. Uwo mugabo avuka muri komine Nyabikere, intara ya Karusi avuga ko yubakanye n’umufasha badasangiye ubwoko. Yemeza ko yakuze yumva ko ubwoko umukenyezi wiwe avamwo ari bwo nkwezi y’amakuba yose abarundi bagiye baragira mu myaka iheze. Ariko naho biri uko, uwo mugabo w’imyaka 25 amenyesha ko hageze ko yubaka urwiwe yumvise umutima ushimye kwibanira n’uwo mwigeme nyene batari basangiye ubwoko. Uno munsi bavyaranye kabiri kandi urukundo rwabo rwagumye rwiyongera aho gutituka.

Kugeza uno munsi, umuryango wa Nasoro ntuhimbawe na mba. Kwabaye uguca mu misonga n’amahwa kugira ngo amushire mu nzu. Ariko nubwo biri uko, agira ati : « Ndabizi neza ko umuryango wanje ukibabajwe n’ivyo nakoze, uracamfitiye agashavu ariko ntaco bintwaye kuko muri jewe mfise umunezero udasanzwe. Ivyabaye vyarabaye ntaco ndabihamako, nizigiye ko n’ivyo bitameze neza mu muryango bizotungana »

Birashoboka ko umuntu ahakana ivyo abwirwa ata nguvu zirenze akoresheje ?

Umuntu yisunze ico gishingantahe catanzwe, yokwibaza ukuntu yokwirinda amajambo abiba urwanko na cane cane iyo ariko ava mu kanwa k’imiryango ya hafi  azeyeko uburaro n’uburamuko. None nyene ni ivy’ukuri birashoboka ko umuntu ahakana ata we akomerekeje ata n’inguvu zirinze gukoreshwa ? Patrice Sabuguheba, umuhinga mu vy’imibano ati : « Birashoboka gose »

Ubwo hoho amajambo abiba urwanko ntashobora kubura aho amenera igihe habaye ukwifatira ingingo ?

Kwubaha abavyeyi ni vyiza, ariko kwubaha vyose n’ivyo ubona ko ari biibi si vyo. Haragera aho umwana ashobora gutoranya ibibereye n’ibitabereye, agatandukanya ivyiza n’ibibi hanyuma akifatira ingingo bivanye n’ivyo ariko arasabwa gukora. Ibi kandi birafasha uwo muriko murayaga kuko bituma na we asubira kwiyumvira gushasha ku vyo yariko arashikiriza

Hari isano ryoba hagati y’uguhererekana inkuru z’ivy’akahise kababaje n’ukuvuga amajambo abiba urwanko ?

Umuntu ahaye avuga amajambo abiba urwanko na cane cane abaye avugwa n’umuvyeyi, mw’ico gihe uwuriko aramwumviriza na we abaye ari nk’umwana akiri muto abifata nk’ukuri kuko ariko abibwirwa n’uwumusumvya ubushobozi, yubaha kandi azigako vyose. Ariko rero uno mwana abaye akuze, ashobora kurobanura ibibereye mu bitabereye, akifatira ingingo. Muri ico gihe, ikwiragizwa ry’ayo majambo atari meza rishobora kugira aho rigarukiye, kwa kugomba gutanga inyigisho zitabereye kukabura uburenganzira bwo kurandagata. Umuntu amaze kugira imyaka y’ugutandukanya icatsi n’ururo ashobora kwakira ubutumwa ahawe uko bwaje, igice cabwo, canke wagomba nk’ica gatatu cabwo kuko aba abona ati : ubu butumwa burafise ico bwoterera haba ku muntu we nyene ubwiwe, mu kibano, mu gihugu, nk’uko anabona ko butanakenewe.

Hoba ari kuva ku myaka ingahe umwana ashobora kwifatira ingingo ku vyo abamufiseko ububasha bamubwira ?

Ivyo bivana n’ukuntu umwana yakuze. Honyene kuva umwana akiri muto cane arerekana ibimenyetso bisigura ko yemeye canken yanse ivyo umuntu ariko aramubwira, canke ariko aramukorera. Ariko nko mu myaka 11, 12, 13 y’amavuka, umwana aba yatanguye kubona iciza n’ikibi

Ageze nko mu myaka ya 6, 7, 8 y’ishure shingiro ho, umwana aba azi vyinshi kuko yiga kw’ishure, mu muryango, mu kibano kandi aho hose agenda agerageza kugereranya n’ugushira ku munzane amajambo yumvise mu bavyeyi, mu miryango, mu bagenzi, mu bigisha, mu bo bigana n’ahandi. Muri ico gihe, bivanye n’ivyo yumvise aho hose, ashobora gufata ingingo yo kwumvira ivyo abavyeyi bamubwiye canke akabihakana ariko atagararije ngo yerekane ko umenga ntari munsi y’ububasha bw’umuvyeyi wiwe.

None mu vy’ukuri ni gute umwana ashobora guhakana atagararije iryo abwiwe n’uwumukuriye ?

Nk’uko vyamye hambere hose, umwana arashobora kwakira ijambo yiganiwe, abaye yarakwije imyaka yo gushobora gucira urubanza ikibi n’iciza akabikora, ivyo abonona ko bishobora kumugirira ingaruka nziza muri kubu canke kazoza akabibika muri we, bibi na vyo ntabihe ikibanza. Ubwo burenganzira rero bwo guhakana ibitari vyiza umuntu wese arabufise, arabugendana kandi ni shingiro

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top