Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo, Uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara y’igisukari. Icivugo kizoshika mu 2023 kigira giti «Umugwayi wa diabete wese ahabwe umuti ». Mbega ivyayo vyifashe gute ?
Mbega ingwara y’igisukari yoba ari iki ? iva kuki?
Nk’ukwo twabiyagiwe na muganga Raissa Kaneza akorera mu kigo kijejwe gukinga ingwara y’igisukari co mu Ngagara, ingwara y’igisukari ituma mu mubiri urugero rwayo ruguma iri hejuru y’urwemewe (hyperglycémie chronique), ivyo bikava k’umubiri uba utagishoboye gukora inkabuzo insuline ijejwe gucungera isukari mu mubiri ; bikava kandi ku mubiri utakira neza iyo nkabuzo insuline ngo ikore ico ijejwe. Iyo ngwara rero ngo mu nkomoko zayo hakaba ahanini ari ukwihereza ivyo kunywa no kurya birimwo ikigero kinini c’isukari mu gihe kinini, hakaba hariho n’igihe ishobora gukomoka ku muryango biciye mw’ihanwahanwa ry’amaraso (hérédité).
Ibimenyetso vy’iyo ngwara ni vyinshi ariko muri vyo harimwo ukuja ku mwanda gato kenshi gashoboka umuntu agasohora umwanda muto mwinshi, ukunyoterwa cane ku buryo umuntu ashobora kwihereza ama litiro 5 y’inzoga, kubura intege, gutakaza ibiro, gutakaza akayabagu n’ibindi.
Mbega ingwara y’igisukari yoba iri mu bwoko ubuhe ?
Muganga Raissa Kaneza wo mu kigo kijejwe kurwanya ingwara y’igisukari avuga ko iri ubwoko bune ubwo nabwo akaba ari :
*ubwoko bwa mbere (type 1) ikunda gufata abantu bonze, abakiri bato bari mu nsi y’imyaka 30 mugabo ntikibuza ko nabafise imyaka myishi ibafata.
*ubwoko bugira kabiri (type 2) : iyo nayo ifata abantu barenza imyaka 40 kubera ibiro vyinshi baba bafise. Ariko muri kino gihe irashobora no kwibonekeza mu bakiri bato nkuko nabo bashobora kugira ibiro vyinshi (obesité)
*ubwoko bugira 3 (diabète gestationnel) : ifata abapfasoni bibungenze, iyo itowe inyuma y’indwi 20 zaho aherukira kubona ubutinyanka (20-24 semaines d’aménorrhées ), iyo ibonetse imbere ico kiringo iba iri mu bundi bwoko.
*ubwoko bugira 4 ni diabète ivuye ku ngwara z’urwagasha pancréas mu rurimi rw’igifaransa kuko arirwo rujejwe gukora inkabuzo insuline icungera urugero rw’isukari ngo ntirube umurengera (hormone hypoglycémiante). Izo ngwara z’urwagasha nazo akaba ari : Pancreatite (itosekara ry’urwagasha rivuye ku migera canke utundi turwara), bivyimbe (cancer y’urwagasha) n’izindi.
Indwara y’ igisukari iravurwa igakira ?
Indwara y’igisukari ntikira ni indwara ngendanwa, naho mu buvuzi hamaze kw’ibonekeza abantu bamara igihe kinini hagati y’amezi atandatu n’imyaka icumi badafata umuti urugero rw’isukari rukaguma rumeze neza kandi ata muti bafata ariko benshi iragaruka inyuma y’igihe. Nubwo biri ntawokwihebura kuko umuntu ashobora kubana iyo ngwara igihe kirekire mu gihe uba ufata umuti neza ni ukuvuga ko aba yitera urushinge: Insuline, birashoboka ko umuntu arambana Diabète kandi akaguma ameze neza.Uwuyirwaye, Umuganga amuha impanuro, ubumenyi Ku vyerekeye kwitunganiriza ingwara canke imiti ituma isukari isubira kandi ikaguma mu rugero rwiza rutonona ibindi bihimba vy’umubiri. Umuganga akanamukurikirana kugira amufashe gukinga ingaruka mbi ngendanwa (complications chroniques mu rurimi rw’igifaransa) canke ivyuririzi (morbidité mu rurimi rw’igifaransa) bijanye n’indwara y’igisukari.
Mbega mu Burundi, indwara by’igisukari yoba yifashe gute ?
Mu Burundi ibiharuro vyerekeye indwara y’igisukari ntibiraja ahabona nkuko bivugwa na muganga Raissa Kaneza wo mu kigo kijejwe kurwanya indwara y’igisukari , ariko afatiye ku biharura vy’abarwayi bakira, iriko iragwirirana ku rugero ruteye ubwoba. Kuva uno mwaka bamaze kwakira abantu bababa 1400 bashasha baje kwikurikiranisha ubwa mbere kubera Iyo ngwara( 1400 nouvelles consultations par an). Kuva 2018 bamaze kwakira abantu 20 000 bamaze kuza kwivuza kuri iryo vuriro kandi 90% baba bazanywe n’ingwara y’igisukari. Ku bw’uwo muganga ngo ikibabaje cane ni uko abarenga 50% ry’abagendana ingwara y’igisukari batazi ko bayirwaye, ivyo ni ibiharuro vya IDF( fédération internationale du Diabète).
Mbega umuntu agwaye indwara y’igisukari yo kwitwara gute ?
Nkuko muganga raissa abandanya abivuga, iyo umuntu bamusanganye ingwara y’igisukari hari ivyo ategerezwa gukora kandi akubahiriza impanuro ahabwa ivyo navyo akaba ari : guhindura imibereho ku vyerekeye gufungura no kunonora imitsi, gufata imiti iyo bikenewe, kwisuzuma mu gukinga ingwara z’ivyuririzi (complications), gukurikiza amasango yokwisuzumisha no kubonana na muganga, guhimiriza umuryango w’uwurwaye iyo ngwara ko bokwipimisha igisukari kubera ko biba bimaze kuboneka ko hariho abayirwaye , kugira barabe ko itoba ari ingwara y‘umuryango (maladie héréditaire). Mu ncamake agahanurwa gukurikiza impanuro aronswa, harimwo no kwirinda ubugunge, akumva ko atari wenyene. Muri iki gihe c’ikiza koronaviisi, hoho ngo abagwaye ingwara y’igisukari bokwikingira kuko iyo bayanduye irakunze kubasinzikaza




