Kuri uyu wa 24 ruheshi, niho hahimbazwa umunsi mukuru wahariwe umutanzi w’amaraso ku rwego rw’igihugu mu Burundi. Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyaranzwe n’iyugururwa ry’ikigo mpuzakarere c’ugutororokanya n’ugupima amaraso mu ntara ya Gitega, cubatswe ku mafaranga 660.000 y’amanyaburuya n’ishirahamwe Cordaid, kikaba cuguruwe icese n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Muganga Thadée Ndikumana.
Ibirori vyatanguye isaha zitanu n’inusu vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe n’abandi banyacubahiro nka buramatari w’intara ya Gitega, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi hamwe n’abandi batandukanye. Uwo munsi mukuru usanzwe uhimbaza kw’isi yose kw’igenekerezo rya 14 ruheshi ukaba wahimbajwe mu Burndi kw’igenekerezo rya 24 Ruheshi ku civugo: » Tanga amaraso urokore ubuzima ».
Nk’ukwo vyamenyeshejwe n’Uwuserukira ishirahamwe Cordaid mu Burundi, Zarir Hugues Merat, ico kigo cubatswe ku mfashanyo y’ubuserukizi bw’Umuryango w’ibihugu vya Buraya mu Burundi biciye mu mugambi « Twiteho Amagara » kikaba kije gusahiriza mu gihe itororokanywa ry’amaraso ryari risanzwe ribera aho batijwe n’ibitaro mpuzakarere vya Gitega aho n’aho hakaba hari hasanzwe haga kandi hadashemeye.
Uwuserukira Cordaid mu Burundi Zarir Hugues Merat yongeye kandi agira ati : « Twebwe nka Cordaid ntaco twoba tubereyeho tutaje turakora ibikorwa nk’ibi kuko ico twiyemeje n’ugufasha ngo ubuzima bw’abanyagihugu bwisununure canecane abanyagihugu b’amikoro make. Dusanzwe dukora n’ibindi, aho ari twe shirahamwe ryo nyene rikora mu bijanye n’ukuvura ingwara ya cancer y’urwinjiriro rw’igitereko.«
Ikigo gishimwa na bose
Buramatari w’intara ya Gitega, Venant Manirambona mw’ijambo ry’ukwakira abashitsi akaba yashimye izo nyubakwa. Aho yagize ati: « Intara ya Gitega, ibandanya yakira inzego z’igihugu, abazikorera eka n’abandi bava mu mihingo itandukanye kuva aho ibereye umugwa mukuru w’igihugu c’Uburundi. Ni vyiza ko abo bantu bose bahasanga inyubakwa n’ibindi vya nkenerwa bibatuma bagira amagara meza »
Mw’ijambo ryiwe Umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yashimye iyo mfashanyo y’iyo nyubakwa ije gusahiriza mu gutororokanya amaraso mu ntara za Gitega, Karusi, Cankuzo, Ruyigi na Rutana. Akaba kandi yateye akamo abo bose bafasha kugira ngo ibijanye n’amagara y’abantu vyisununure mu Burundi bafashe kugira ngo ikigo nk’ico cubakwe mu ntara ya Ngozi n’aho.
Kubwa Anne Koefid ajejwe igisata c’amagara y’abantu mu buserukizi bw’umuryango w’ibihugu vya buraya mu burundi ngo ico kigo casubiwemo na Cordaid kiri mu mugambi « Twiteho Amagara », uwo nawo ukaba ufise intumbero yo kuzamura igisata c’amagara y’abantu mu Burundi. Akaba yaramenyesheje Kandi ko hambavu y’inyubako hatanzwe n’imodoka zibiri hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa ivyo vyose mu ntumbero y’ukwo ico kigo gikora neza mu gusahiriza abagize ingorane z’amagara zibasaba guterwa amaraso, nk’abavyeyi bibaruka, abagira impanuka, abafise ingwara y’ikama ry’amaraso hamwe…
Gutanga amaraso n’igikorwa c’iteka
Uwundi yafashe ijambo ni Déogratias Sinzinkayo amaze imyaka 34 atanga amaraso, akaba amaze kuyatanga incuro 108 ngo gutanga amaraso n’ikintu ciza abantu bakwiye kwijukira. Akaba yatumiriye Intwaro n’abajejwe amagara y’abantu guhimiriza abarundi gutanga amaraso na cane cane urwaruka. Yanasavye kandi ko hoba ihimirizwa rikomeye kugira ngo abanyagihugu birinde ivyo vyose vyotosekaza amagara yabo n’amaraso nk’ukunywa inzoga nyinshi, ibiyayuramutwe n’ibindi.
Uwaserukiye uwurongoye ishirahamwe OMS mu Burundi Muganga Michel Yao nawe akaba atatanzwe gukenguruka abo bose bitanga ngo habandanye habaho itangwa ribereye ry’amaraso mu Burundi, aho yibukije ko ari igikorwa c’iteka kandi ntasubirizwa, ati : » Uyu munsi n’akaryo ko gushimira abatanga amarose k’ugushaka kwabo batarishwe. N’akaryo keza kandi ko guhamagarira uwo wese akwije ibisabwa ngo batange amaraso na cane cane mu gihe habonetse ko abantu bake aribo bitanze mu gutanga amaraso mu gihe ca korona virus mugihe abantu miliyoni 7 bakenera amaraso buri mwaka muri Afrika gusa.« Akaba yarongeye ati : » Gutororokanya n’ugupima amaraso mu buryo bubereye ni kimwe mu bimenyetso bigaragaza ko igisata c’amagara cifashe neza mu gihugu kuko amaraso arokora ubuzima bw’abantu benshi niyo mpamvu haba hakenewe abayatanga benshi ibihe vyose kugirango harokorwe ubuzima bwa benshi.«
Ibirori vyaranzwe kandi n’itangwa ry’ubushimwe ku bantu n’inzego basanzwe bigenza neza mu gikorwa c’ugutanga amaraso aho ni nk’amashure, amaparuwase, amakambi ya gisirikare, ibitaro vya Mutoyi ari navyo bitororokanya amaraso menshi mu gihugu. Ibitaro vya Gitega vyari bicumbikiye ico kigo mu ntara ya Gitega hamwe n’abandi.
Zahrir Hugues Merat akaba yarangije amenyesheje ko ishirahamwe Cordaid ritazohengeshanya kubandanya rifasha mu gutez’imbere igisata c’amagara y’abantu nk’ukwo ari naco kiza imbere mu bisata Cordaid isanzwe ifashamwo mu Burundi.




