Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Barashoboye nk’abandi naho bagendana ubumuga bwo kutabona

Abana bagendana ubumuga bwo kutabona bagera kuri 69, bagizwe n’abahungu 40 n’abigeme 29 bava mu mihingo itandukanye ni bo barezwe n’ikigo Fondation Uwiragiye, kiri muri karatiye Industriel komine Ntahangwa intara ya Bujumbura. Muri ico kigo bakaba bahigira ibitari bike harimwo no kuja kw’ishure.

Ico kigo catanguranye n’abana 13 bagendana ubumuga bwo kutabona muri Ndamukiza 2018. Ubu bageze kuri 69.Ugeze muri ico kigo ntiwomenya ko abo bana bafise ikibazo c’ukutabona neza. Ubona bamwe bariko barakina abandi bagira ubugenegene butandukanye: uri udukino, uturirimbo, ukuvuza igitari, kuvuga amakuru mu kiwani n’ibindi…

Abo bana witegereje impano n’akanyamuneza bafise biragaragaza neza ko batahuye ko naho bagendana ubumuga bwo kutabona bameze nk’abandi bitobatuma batakaza ivyizigiro vyo gutegura kazoza kabo biciye mu kwiga canke mu gukoresha impano bafise bakazikuza. Bamwe muri bo barahejeje amashure yisumbuye bakaba bariko barabandanya na kaminuza abandi bari mu mashure matomato.

Naho biri uko ibibazo ntibibuze

Abo bana kubera harimwo abiga barakenera ibikoresho vy’ishure. Ivyo na vyo ngo ntibidakunda kuboneka cane mu Burundi kugira bungure ubumenyi. Bimwe mu bikoresho bakenera harimwo nk’imashini nyabwonko hamwe na za nyandiko za “braille” nk’uko bishikirizwa na Sylvie Uwiragiye yatanguje ico kigo.

Marie Grâce Nizeyimana asanzwe afasha abo bana ibikorwa bitandukanye muri ico kigo aravuga ko hari igihe binagorana ku bana ba bigeme iyo bageze kuja mu butinyanka kuko bisaba ko babafasha mu bijanye n’ukwitunganya mu vyisuku. Baba rero bakeneye kuronka udutambara bakoresha mu bihe vy’ubutinyanka. Abakiri bato cane na bo ngo barinda kubagirira isuku zose zisabwa kuko usanga badashoboye kuvyikorera, ariko ngo hari abariko baramenyera kuvyikorera bukebuke, nk’uko vyemezwa na Marie Grâce Nizeyimana.

Ngo baracanakumirwa mu miryango…

Bamwebamwe muri abo bana bavuga ko bagikumirwa mu kibano nubwo bo bitahuye. Edouard Nduwayo, umwana asanzwe arerewe muri ico kigo agira ati: « Mu bisanzwe, akenshi umwana avukanye ubumuga bwo kutabona abo mu kibano bamufata nk’umuntu ata co azovamwo. Umuntu ata na kimwe ashoboye. Rero ntiturashobora kwakirwa nk’abandi bana bakomeye mu kibano. »

Uyo mwana ava mu ntara ya Ngozi, mbere amenyesha ko ari kumwe na batoyi biwe 3 muri ico kigo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza mu 2018. Agira ati: « Jewe na barumunanje nta muvyeyi n’umwe arigera aza kuturaba. Sibo babonye turabava iruhande. » Edouard rero avuga ko asanzwe afise n’impano yo kuririmba, mbere amaze gusohora indirimbo 5. Akavuga ko abavyeyi bari bakwiriye ahubwo guca bamushigikira kuko yerekanye ko afise ico ashoboye.

Abantu twese turakwiye kwumva ko abana bagendana ubumuga ubwo ari bwo bwose bakwiye gushigikirwa tukareka kubakumira kuko bafise ubwenge n’ivyiyumviro nk’abandi bana.

Kino gisomwa canditswe na Aude Princia Iradukunda mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top