Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Agateka k’abana : «Ugusegerereza twifashijije abana, si vyo twari twipfuza, n’ubuzima bwanse»

Mu gihe hariko harahimbazwa umunsi mpuzamakungu w’umwana w’umunyafirika kuri uyu wa 16 Ruheshi, agendera abana bo muri Site Sobel mu Maramvya, umushikiranganji w’ugushigikirana, imibano n’iterambere rusangi yamenyesheje ko abavyeyi basegerereza bitwaje abana, ko hari amategeko ashobora kubahana mu gihe batohindura ingendo.

Muri iyo site ya Sobel yagendewe, hakoranirijwe abantu barenga 8000, abana bonyene barenga 5000. Bose bakoranirijweho bahujwe n’ikibazo kimwe: Imyuzurira yateye mu bice vya Gatumba, Rukaramu, na Kajaga. Ubuzima bwaho nta ko bwifashe, nk’uko bishikirizwa na Alain Jimmy Igiraneza, arongoye site ya Sobel. « Ivy’aha ni amabanga. Abana benshi barahevye kwiga kubera ko ibikoresho vyabo vyatwawe n’amazi y’imvura. N’aho turonka abagiraneza badufasha, haracakenewe vyinshi. Ahantu hakoraniye abantu benshi nk’aha, ingwara zica ziba umurengera, na canecane iziturutse kw’isuku rike, aho ntitwokwiyobagiza ubuhumbu. Na bwo ntibushobora kubura. »

Benshi baraja gusabiriza

Maragarita*, w’imyaka 46, aremanga ko kuva ashikiwe n’ivyago vy’umwuzurira, atunzwe n’ugusabiriza, agataha buhwibiriye muri site. «Ndafise uruhinja umugabo yantanye. Kuva dushikirwa n’isanganya, akazu twari dupanze kagatwarwa n’imvura, utwo twari dutunze twose tugatwarwa, umugabo yaciye anyika, n’ubu sindamukubita ijisho. Rero, mu gihe ngiye gusabiriza, uru ruhinja nta muntu norusigira muri iyi kambi. Umwe wese araba utwiwe. Kandi bisubiye, abantu baragira impuhwe ku ruhinja gusumba abakuze. »

Maragarita rero akabona ko n’ubundi, kuguma bicaye muri site Sobel barindiriye abagiraneza batazi iyo bazova canke umunsi bazozira, n’ivyo bazozana, ari ubundi buryo bwo gusegerereza, bwobwo bwemewe n’amategeko.

Cécile Kanyange, aba ku buterere, na we akaba ari muri abo bakoresha abana mu gusegerereza, amenyesha ko kuba babikora atari ukwo ari wo mwuga bashimye, ariko ubuzima bubi babayemwo bwatumye bafata iyo nzira. Kubwiwe, ibihano si vyo vyoshigwa imbere, ahubwo hakwiye uburyo bwo gufasha ba ntahonikora, kugira ngo ntihabe abafata ingingo yo kuja mw’ibarabara. « Ntawo biryohera kwama yicaye ku ruzuba azera inze, kandi nta n’uwokwipfuza ko umwana wiwe yokurira mw’ibarabara

Inzira yo gutorera umuti ivyo bibazo…

Muri Fenadeb, bashikiriza ko muri rusangi, ubukene buzura inzara ari bwo ntandaro y’ugusabiriza kw’abavyeyi n’abana. Ku bwa Isidore Nteturuye aserukira Fenadeb imbere y’amategeko, avuga ko abavyeyi, naho harimwo ababishiramwo uruhara mu kutagerageza kwihanganira ibibazo bagahitamwo inzira isa n’iyiboroheye yo gusabiriza, harakwiye umugambi w’igihugu wotuma haranduranwa n’imizi iyo ngeso yo gusabiriza ku bavyeyi no ku bana, mu bice bisanzwe bizwi ko ari vyo bigeramiwe.

Alain Hatungimana, arongoye ishirahamwe ry’abanonose ivy’inyifato « psychologues sans frontières », amenyesha ko, n’ubwo abatungwa urutoke ahanini ari abapfasoni, kenshi abagabo babo baba babifisemwo uruhara rutari ruto, kuko baba barataye ibanga ryo kuba umutwe w’urugo. «Hari abata abagore babo, bakabatana ibibondo, bakomoka. Abandi na bo bakabaharika, bakabaturubika, gushika aho abo bapfasoni bata bakomoka

Ku bwa Alain Hatungimana, harakwiye kugwizwa inyigisho z’inyifato zibereye, zijanye n’uruhara rw’umwumwe wese mw’itunganywa ry’urugo, izo kwitaho bishemeye abana, hatibagiwe kwiga uguhangana n’ibiza, kuko bimaze kuboneka ko abenshi bibagora kugumana ubuntu iyo habaye ibibazo mu ngo.

Kino gisomwa canditswe na Aude Princia mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top