Itariki 12 Ruheshi, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akazi ku bana. Mu Burundi, bivuye ku mvo zitari nke, abana bakora ubuzi bw’abakuze baribonekeza na cane cane mu bisagara, bagahura n’ingorane zitari nke, nko kuburabuzwa, gukubitwa, n’ukuruha cane.
Muri Fenadeb bati: «Gushika ubu, nta cigwa kirakorwa ngo hamenyekane igitigiri c’abana bakora ubuzi batarakwiza imyaka 16 isabwa n’amategeko. Ariko nubwo biri uko, haribonekeza ku bwinshi, na cane cane mu bisagara, aho usanga utwana tw’imyaka iri hagati ya 10 na 15 dukora ubuzi bw’abantu bakuze, ibikwiye kugwanywa cane.»
Bishikirizwa na Isidore Nteturuye, umuhuzabikorwa wa FENADEB, urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana.
Kubwa Isidore Nteturuye, inkomoko ni nyinshi, ariko iyiza imbere, ni ubukene bwiharije imiryango. «Burya, naho hari abata amakosa ku bavyeyi, ahanini si bo. Ni ukubura uko bagira, bagaca barungika abo bana gupagasa kugira ngo mu muryango harondere benshi, gutyo basahirizanye. Nta miryango yifise yigera ivamwo abana baja gukora ubuzi hataragera».
Isidore Nteturuye ashira umwikomo ku bemera bagakoresha umwana, kugira ngo bamuturubike. «Akenshi abakoresha mwene abo bana, baba bashaka ababakorera ntibanabahembe, canke babahembe intica ntikize. Uzosanga mbere baca banabaha ibikorwa vyinshi, bagira ngo baravuze bagatora inkoni, bagahana kurya kw’abana bato, mbere rimwe na rimwe bagahereza kubirukana.»
Intahe
Bruce Ndiho, aba muri karatiye ya Buterere, uko ici ryinjiye, igikorwa nyamukuru ciwe ni ugufyatura amatafari. Ako kazi akamazemwo imyaka 2 akaba yagatanguye atarenza 13. Akazi ko gufyatura, nk’uko avyivugira, si ako gutuma umwana: «Gasaba inguvu nyinshi. Mu gaturuturu tuvyukira kuvoma amazi tuza gukoresha, izuba riza kwaka twamaze gutangura neza akazi. Nta mwanya wo kuruhuka. Turakora gushika dukwije igitigiri nyene ifuru yatubwiye. Kwitafari rimwe bampemba amahera 10. Birashika kenshi tugakorera ubusa, vyose bivana n’uwugukoresheje.Ayo mahera twitwa ngo turakoreye kenshi aherera kwa muganga. Nka jewe nama nagwaye marariya kubera kuruha.»
Mariko Ndikumwami, na we, w’imyaka 12, avuka mu ntara ya Ngozi muri komine Gashikanwa, adandaza amagi n’ivyema, mu gisagara ca Bujumbura. Agira ati : «Navuye ruguru iwacu kubera ugufatwa nabi na mukadata, akanyima ibifungugwa, akanturubika, gushika aho nta ndomoka. Nje mu gisagara, nari namaze gufata ingingo yo kutazosubira ruguru, iyo bizoja hose.»
Mariko, amaze gutangura akazi ko kudandariza umuntu amagi n’ibiyoba, ntiyorohewe. «Nta kuryama umukondorazosi. Isaha cumi nimwe mba ndi mw’ibarabara nja kurangura, nsubira kuboneka i muhira igihe c’isaha zitanu z’ijoro, nasanzaye. Hari igihe bishika abantu bakarya amagi ntibandihe, canke bakankubita iyo baborewe. Ntashe i muhira, mabuja sindamusigurira ivyanshikiye ngo avyemere. Nawe agira nk’abandi akanyakiriza amakofi. Ntaraba umuruho mba ntahanye, ivyo ntibiba bimuraba.»
Ku bijanye n’icokorwa mu gukingira ivyo bibondo, Isidore Nteturuye ashikiriza ko amategeko akingira abana yoshirwa mu ngiro, ntagume mu mpapuro, gutyo, abakoresha abana bagahanwa hisunzwe amategeko.




