Sinzi ko ari amajambere canke ari ugutituka kw’imico. Aho hambere, ahantu umuntu yitavye Imana, wahabwirwa n’amarira, amaborogo y’uko babuze uwabo, babuze incuti, canke umubanyi. Mu kibano ntawaja gukora ibindi bikorwa. Bifadikanya n’umuryango wabuze mu kuwuremesha. None koko ubu inguvu zo kwifotoreza ama “selfies” tunezerewe ku kiziga tuzikurahe? Njebarikanuye.
Mu minsi yahera wumvise ahari umuntu uzi yitavye Imana, utari umuntu arinda vyarakugora kuhegera. Kuko warasimbwa n’umutima, ivyiyumviro, amaganya, intuntu n’agahinda bikakwuzura inda. Hari n’abarengerwa bagaturikisha bakarira bivanye n’ingene uwutabarutse bamuzi.
Muri iki gihe, ni ukuri kwose birateye isoni. Sinzi ko nawe umaze kuvyibonera. Nimba utarabibona nta nkeka ko umaze kwumva abavyidoga ko urupfu rusigaye rurangwamwo umwanya wo kwinezereza (reka ndabivuge ukwo nimba ntunyuye).
Usanga amapozi atandukanye, iminwa n’amafyeri ku mafoto. Aho rero nyakwigendere bahera kumwifotorezako ari ku musego mu bitaro aho arambitse agasaya agaburirwa muri serumu. Bakira kwumva ngo aracikanye “selfie” ziva ku kiziga, kw’isandugu ashinguwemwo, ku miduga itwaye ikiziga, gushika mu kaburi aho arangiriza urungendo rwiwe.
“Statuts” zerekana ikiziga kuri WhatsApp?
Bagenzi, hari ikintu ceze ubu, muri WhatsApp bacita Statut. Biramaramaje kubona bamwe bari mu mubabaro wo kubura uwabo, abandi baba bariko bacanacanako mbere bahenagura abariko bararirira uwabo bihigira ikibanza bahagararamwo kugira bafate amafoto meza yuzuye amafyeri ku musaraba w’ahashinguwe uwitavye Imana. Ayo yose akira gufatwa aruhukira kuri statut. Aho rero usanga banezerewe berekana ko kanaka yashengeye. Erega ikibabaje ni uko uravye ayo mafoto yo kurupfu wohava uyitiranya n’ayerekana ibihe vyiza (urubanza rwo kuryoherwa).
Oya pe! Karashize ingani koko tube muri bamwe bagira bati: « Urupfu rubabaza uwo rutwaye? », canke ngo: «Agapfuye kabazwa ivu? » Kuki tutorirana n’abarira hama ngo dutwengane n’abatwenga? Ubwo nta buryarya burimwo mu gihe bamwe baba bariko barasezera uwabo abandi bariko bifotoreza mu bababaye?
N.F Umuhinga azobereye mu bijanye no gufotora, yagize ati: «Ifoto si ikintu upfa uko ufashe. Kugira ifoto y’umuntu ukwo yoba ameze kwose ifatwe hama ije ahabona bisaba ko umuryango wa nyene gufotorwa canke nyene gufotorwa ubwiwe abanza kuvyemera. Rero kwifotoza ku kiziga ufise amafyeri igihumbi ugaca ushira ku rubuga mu gihe abandi bababaye, si vyiza. »
Mbere, ngo hari n’aboshobora kukwibazako vyinshi, kuburyo honavamwo urwanko ku muryango wabuze uwabo. Bagafatira ku kuntu bo bari mu bihe vyo kurira nawe ukabiyorobekamwo mu mafoto. Mwikebuke! Je ndavuga ariko simvura.




