Ico kigo kiri muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, catanguye gukora mu kwezi kwa Nyakanga 2020 kikaba gifasha abana b’impfuvyi hamwe n’abana ba ntahonikora bo mu mihingo yose y’Uburundi. Ubu gifasha abana ba batwa biga mu mashure y’intango baza gufungura sasita hamwe n’abandi bana baba mu ndaro.

Urwaruka 33 nirwo rufashwa nico kigo : 10 bahiga bakongera bakaharara na 23 ba batwa baza kuhiga bataha mugabo bagafungurirwa. Ico kigo c’urwaruka citiriwe Michel Kayoya kikaba catangujwe n’imvukira yo muri iyo Komine Patiri Ferdinand Kajuju.
Inkingi zaco mu kurera urwo rwaruka akaba ari : ubumenyi (savoir), ishaka (volonté), umuvukano (fraternité), akanyamuneza (joie) igisabisho (prière). Ico kigo kikaba gikoresha abakozi bagera kuri 10 kikaba kandi cigisha urwo rwaruka ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.
Naho biri ukwo, ico kigo ngo nticikwije muri vyose kigasaba ko kugira abana babandanye babaho neza coshigikirwa kugirango kironke abakozi bakwiye n’ibifungurwa bikwiye kugira gishobore gufungurira abanyeshure neza. Eka mbere n’umuduga wo kwiyunguruza kugira ibikorwa vyayo vyorohe. Ico kigo kirakenye kandi inyubako zikwiye kuko izihari zikiri nke.
Kuki ico kigo citiriwe Michel Kayoya
Patiri Ferdinand Kajuju avuga ko ico kigo (Centre Jeunes) bacitiriye patiri Michel Kayoya (yavutse itariki 8 Kigarama 1934 i Kibumbu, agasandaba itariki 15 Rusama 1972 i Gitega) kubera ikibanza yaha ukwemera gushingiye k’ubuntu (humanisme) ubutungane, akaranga k’Uburundi n’iterambera … Yaha ikibanza gihambaye ugwaruka.
Agira ati: « Inyigisho ziwe dusanga ahanini mu bitabo 2 yanditse : « « Entre deux mondes », n’icitwa » Sur les traces de mon père « , vyatumye tumwitirira Centre Jeunes ngo ayibere umuvunyi. Ibigo bitari bike vyitirirwa aberanda ba kure tutanazi, turengana aberanda b’iwacu. Aho hagati yacu, abantu b’inda yera (=umweranda) baruzuye. Abantu barazwa ishinga no kubona abantu batera imbere ku mutima no ku mubiri, abantu b’ineza baruzuye. Ni co catumye dushira mu minwe ico kigo uyo mweranda kugira acitirwe yongere abere akarorero ugwaruka ruzohaca. »
Ku kibazo c’impavu muri ico kigo bita Michel Kayoya umweranda kandi ataratanganzwa icese, Patiri Kajuju agira ati: « Igihambaye ni akarorero keza k’ukwemera, k’iterambera, k’ubuntu, inyigisho yasize no kwigura abandi… abamubonye, abo vyagendanye bamubonyeko. »

Iyo Centre Jeunes iremewe mu gihugu
Centre Jeunes Michel Kayoya ni ikigo kirekuwe n’amategeko. Ku ruhande rwa Ekleziya, Patiri Kajuju avuga ko cashizweko umukono na Nyene icubahiro Musenyeri Mukuru w’i Gitega Simoni Ntamwana itariki 21 Mukakaro 2019. Ku ruhande rw’igihugu,
Ico kigo cahawe uburenganzira bwo gukora ku mugaragaro n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere kw’izina rya Reta y’Uburundi itariki 7/9/2020.
Patiri Kajuju arongera akamenyesha ko ico kigo kiri muri Mwaro muri commune Nyabihanga, mu Mbogora Cari gushobora kuja n’ahandi hose ariko niho habonetse : « Igihambaye n’uko umwana wese aje agana ico kigo yakirwa atawukumiriwe. »
N’ikimenyamenya abana bahari bava imihingo myishi: Gatumba, Bujumbura, Nyabihanga, Giheta, Gitongo.
Abanyeshure biga batahaho, ni abahungu n’abakobwa, kandi bari mu madini atandukanye. Babanye nka gishiki na gisaza, birateye igomwe. Vyose bishingiye ku ndero no ku nyigisho runtu, ndundi… bahabwa.




