Ibikoresho bijanye n’ukubaga, ivyo gupima aho igihimba c’umubiri cakenyukiye n’ivyo gusinziriza abagwayi bifise agaciro k’umuriyaridi w’amarundi ni vyo ishirahamwe MSF kigobe (Médecins sans frontières) ryashize muri Hôpital Prince Régent Charles mu ntumbero yo kwitegurira kwakira no kuvura abagwayi bagize amasanganya, kuva kuri uwu wa 1 Ntwarante 2021. Bimwe biramaze gushikanwa, ibindi biri inyuma.
Hari ku wa 19 Nzero 2021 aho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya sida bwagiriranira amasezerano n’ishirahamwe MSF avuga ko ibikorwa vy’ukwakira n’ukuvura abagize amasanganya vyahora bikorwa n’iryo shirahamwe bigiye kuja mu minwe y’ibitaro Prince Régent Charles kuva ku wa 1 Ntwarante 2021, mu mezi 10 ya mbere kuva kw’iryo genekerezo abagize amasanganya bakazovurwa ku buntu.
Oscar Nimpaye, umuyobozi w’ibitaro Prince Régent Charles amenyesha ko ivyo bitaro vyiteguye. Vyari bisanzwe bifise abaganga 4 b’abahinga mu vy’ukubaga : uwubaga ibijanye n’amagufa, uwubaga ivyo mu nda, uwubaga ibijanye n’ibihimba vy’irondoka vy’abagabo, n’uwukurikirana ibijanye n’amahaha.
Hambavu y’abo, ishirahamwe MSF rigiye guca ritanga abandi baganga 2, umwe araba ivy’amagufa uwundi ivyo mu nda : « Hazobaho akarusho kadasanzwe. Mu vyumba 600 ibitaro Prince Regent Charles bifise, ibishika 280 ni vyo vyari ibigenewe kwakira abafise ibikomere. Mu ntumbero yo gukurikirana neza abo bagwayi turi kumwe na MSF hongeweko ibindi 60, kandi bija vyaratunganijwe neza, n’ivyuma bitari bike vyarashitse. »
Uwo muyobozi arongera agashikiriza kandi ko, mu ntumbero yo kwitegurira kwakira abo bagwayi bagize amasanganya, abaforoma 18 mu gisata gishikiramwo indembe, 18 mu gisata co kubagiramwo abakomeretse bikomeye na 20 bazokurikirana abari mu bibanza ababazwe bagwariramwo, bamaze kuronswa inyigisho zikwiye. Bimwe mu vyo abo baganga bakaburiwemwo ubwenge nk’uko uwo muyobozi abandanya abishikiriza ni nk’ukuntu abagwayi bagize amasanganya bakirwa ata mvugo ivuna ikoreshejwe nk’uko biri mu karangamutima k’abaganga, inyigisho zibungura ubumenyi zijanye n’ubuhinga bwo kuvura abafise ibikomere bivuye ku masanganya n’ibindi.

Si abagize amasanganya bose bazovurwa ku buntu
Hippolyte Mboma, umuhuzabikorwa muri MSF-Kigobe amenyesha ko, nk’uko hari abagwayi bahora bitura iryo shirahamwe baje kuhivuriza ku buntu ntibakirwe, ari na kwo no mu bitaro Prince Régent Charles bizogenda. Agira ati : « Gushika itariki 31 Kigarama 2021, ku bushikiro bw’indembe, mu bitaro Prince Régent Charles hazoba hari umukozi wa MSF ajejwe kuraba ko vy’ukuri uwo aje abigana ari uwokwakirwa akavurwa ku buntu canke yokwirihira. Aho, haraheza hakisungwa ububabare.»
Gielen Nathalie aserukira ishirahamwe MSF mu Burundi akamenyesha abarundi ko kuba ibikorwa vy’ukwakira abagize amasanganya bihagaze bitokwitiranywa n’ihagarika ry’ibikorwa vyaryo mu Burundi. Ngo rizoguma rikorana n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kandi rizoterera igihe cose bikenewe na cane cane ku ngwara z’ibiza nk’amacinya, marariya, n’izindi zishobora kwaduka mu gihugu.




