Benshi barawugendana, ukabamarako igihe kirekire kumbure bafise n’udufaranga two kuwivuza, ariko ntibirirwe baritura abaganga kuko bibaza ko ata co boba bagisha bokora, bihweje uko ungana. Yamara uravurwa ugakira.
Nta cigwa kirakorwa ku rwego rw’igihugu cerekana igitigiri c’abagwaye umwingo. Ariko, yishimikije icakorewe mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, mu mwaka wa 2017, ibice 11% vy’ababagirwa mu gisata ca ORL bari abafise umwingo. Muri 2020, muri ico gisata nyene, kuri ivyo bitaro, bangana 9%. Icabereye kuri kira hospital mu mwaka wa 2020 nyene, cerekanye ko ibice 58,8% bari abafise umwingo. Abo ni ababa baje kwivuza.

Muganga Léonard Bivahagumye, umuhinga yanonosoye ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi, agira ati : « Ni agace k’umubiri kari kw’izosi kitwa « glande tyroïde » kavyimba buhorobuhoro kagakura kagateba kakaba ikintu kimeze nk’ikivyimba kinini ».
Ntiwitiranywe n’igihute. Wo uterwa ahanini n’ukubura icunyunyu bita « iode » mu mubiri bivanye n’uko uno muntu adafungura ibigize ingaburo yikwije irimwo n’umunyu ukwiye. Ariko rero umwingo urashobora no kuva ku karonda k’abavyeyi.
Ibimenyetso vyawo n’abo ukarira
Bivanye n’igice co kw’izosi umwingo uherereyemwo, umuntu aragira ikibazo c’ukumira zaba imfungurwa canke ibinyobwa. Imvo nuko ka gace kavyimba gasanzwe gakikijwe n’umuringoti wo kumira gaca kawufyonda.
Igihe umuntu ahema nabi hari aho bivana n’uko umuringoti w’uguhema uzibirwa na ka gace kavyimvye ariko kataribonekeza, bigatuma impwemu zidasohoka neza. Ni nk’uko kandi umuntu ashobora gusohora ijwi bikagorana canke na ho akavuga nk’uwasaraye kubw’imvo z’uko udutsi nsozabwenge (nerfs) tuba twabanzwe, mu gihe ari two dutuma imirya y’amajwi (cordes vocales) ikora neza.
Muganga Bivahagumye amenyesha ko umwingo ukarira cane abakenyezi n’abigeme bivanye n’igihe baba bagezemwo, canecane igihe bari mu bihe vy’ubutinyanka, kuko hari ikintu gihinduka mu nkabuzo zabo (estrogènes na protesterons) agaca awubona nk’igihe afise inda canke yibarutse. Hari n’aho rero biva ku kibazo ca kanseri canke igihute.
Uravurwa utabazwe …
Umwingo uravurwa. Bivana n’icawuteye. Iyo ari ka gahimba « glande tyroïde » kavyimvye, ako karabagwa kagakurwayo kandi umuntu agakira neza. Umwingo ubaye utaravyimba ngo ube munini, ukaba watewe n’uko ivyunyunyu vyabaye bike mu mubiri, uno mugwayi arahabwa umuti w’ukwongereza vya vyunyunyu ingwara y’umwingo ikazimangana.
Uwo muhinga rero agahamagarira abantu bose bafise ivyo bimenyetso vyawo vyadondaguwe kudatinya kuja kuwipimisha kuko uwuwugwaye bikamenyekana hakiri kare avugwa atarinze kubagwa. Asaba kandi ikigo kijejwe gusuzuma ibidandazwa vyinjira mu Burundi, gusuzuma neza ko umunyu winjizwa uba urimwo icunyunyu ca « iode » gikwiye kuko abanyagihugu bawihereje atakirimwo bashobora kugwara iyo ngwara.




