Kugira bishike umuvyeyi avume umwana, biba vyageze kure, umwana yananiranye, impanuro zanse. Nk’ukwo tubiyagigwa na Didace Ndayikengurukiye, yanonosoye ivyigwa vy’inyifato n’imibano, umwana avumwe bihera ataco avuyemwo, akaba nka Gahini wo muri Bibiriya.
Uwo muhinga arabanza gusigura neza iyo mivumo ingene imeze, ico ivako, n’ibiba mu nyuma. Agira ati : « Kuvuma umwana wari nk’umugirwa wogusabira ibihano umwana ku Mana, iyo yananiye abavyeyi, barahanuye kenshi ntiyumve, bagateba bakarengerwa n’ivyo akora kandi akuze. »
Nukwo rero, ngo abavyeyi barakoranya umuryango, n’ukwenga inzoga bakenga, bakababwira ko hari ijambo bashaka kubabwira. Ico gihe nuwo baza kuvuma yaba ari aho kuko ataba azi ijambo ry’urwo rubanza.
Umuvyeyi rero yarabwira abaraho igituma agire avume umwana wiwe, kandi kenshi yaba yarahanuje. Hanyuma akavuga amajambo yokumuvuma ariyo bita imitongero. Kwari nko kumusabira imihezagiro mibi.
Didace arongera akavuga ko imivumo itandukanye n’amajambo y’ibitutsi akoreshwa ku mvo yo kwimara ishavu, kuko kenshi uwuyavuga ataba yabanje gushishoza. Ariko ku mivumo, umuvyeyi aba yavyiyumviriye igihe kirekire, kuko ari ingingo ikomeye : « Birafitaniye isano n’umugenzo wo guca umuntu, aho bamufata nk’uwutakiri uwabo mu muryango canke mu murwi yahora mwo iyo yabaye igihemu. »
Didace amenyeshako umuvyeyi avuma umwana amaze kumenya ikibi n’iciza, vyananiranye kwahanurwa ngo ahinduke ave mu makosa akomeye akora. Akenshi ngo bishika iyo yarenze ihaniro, agashirako urushi ku muvyeyi, nyina yamuvyaye, ico kikaba ari ikizira ca mbere umwana yokorera umuvyeyi.
Abishingira intahe, Bertrand Ngingo, w’imyaka 17, amenyesha ko afise mukuru we w’umuhungu yavumwe na nyina, kuko, hambavu yo kuba umusuma, akanywa ibiyayura mutwe, yubahutse arakubita uwamwibarutse : « Ubu turamuraba akadutera agahinda. Ameze nk’uwasaze. Ntashobora kwegera muhira iwacu, yaromotse. Yarakora amakosa menshi tukihangana, mugabo amaze gukubita umuvyeyi yari yageze kw’isunzu ry’inuma, yarenze ihaniro. Uwo muvumo nibaza ko wamufashe, kuko vyaciye vyanka na gose, amera nk’uwuyinze. »
Hari abatemera ko imivumo ifata
Quintin Igiraneza, umusore wo muri karatiye ya Nyakabiga, avuga ko ivyo kuvuma umwana bidafata, ko aba ari uwusanzwe yarabaye nabi. Kubwa Quintin, nta muvyeyi afise umutima w’ubuvyeyi, yovuma umwana yivyariye, ukwo yoba ameze kwose. Aba ari ishavu, kuko riheze nibaza ko asubira akagira ka kagongwe k’umuvyeyi, nakare ngo igito gitabwa iwabo. Canke naho, kubwa Quintin, ngo ni uburyo abavyeyi ba kera boba baratoye kugira ngo batere ubwoba abana, bagire ico batinya.
Kuri ivyo, umuhiga Didace Ndayishimiye amenyesha ko imivumo iri mu mayagwa y’akaranga k’abarundi, kandi ko ifata vyukuri. Agaheza agasaba urwaruka kugendera ubuntu, bakubaha abavyeyi, bakagira ikizira, kuko uwumaze gukurwako icizere n’abavyeyi, kenshi ntakintu ashobora kwimarira.
Inkuru yatororokanijwe na Edmond Sabindemanyi, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




