Abana bavukana impano zidasanzwe baribonekeza mu kibano, ariko kenshi ntibafatwa mu mugongo kugira bateze imbere izo ngabirano, mbere bakanabitukwa ngo bibabuza gukurikira amashuri. Twarayaze na bamwe muri bo.
Burya ngo ubuja gusha buratagata. Impano z’umwana si ikinyegezwa. Barakunze kubita ngo ni abagira utugenegene, mbere rimwerimwe bagafatwa nk’abatandukanye n’abandi bana. Aha twovuga nk’abakunda kuririmba, abacafyi, abakina inkino, abatamba, ababumba, n’abandi.
Davy Nikuze, afise imyaka 12, aho twamusanze ariko akina agapira k’amaguru ku kibuga ca ETS Kamenge, ashikiriza ko yifitiye indoto yo gukina mu migwi ikomakomeye, nka za Chelsea zo mu gihugu co mu Bwongereza, mbere agakinira n’umugwi nserukiragihugu. Naho biri ukwo, Davy Nikuze ashobora kugira intambamyi zo gushika kuri izo ndoto ziwe. Arabisigura: «Neza na neza, aha nshobora gushikira ku nkoni zishushe hamwe nosanga umuvyeyi yamaze gushika muhira. Ntiyerekwa ivy’imipira. Ngo vyotuma mba umuhimbiri ata co yimariye. Ngo mu Burundi nta wotungwa no kwiruka inyuma y’agapira. »
Izo ntambamyi azisangiye na Jovit Ntakaburimvo, w’imyaka 21. Yavukanye impano zo gushushanya utuntu n’utundi. Jovit yaratinze araheba ibijanye no gucapa, kuko yariwe umutima bihagije, mu gihe ata n’umwe yashaka kumubona aguma acapa aho ari hose. Ayaga ati: «Ni ibintu vyanyorohera cane. Burya ugucapa ni uburyo bwiza bwo guserura iciyumviro, bigatahurika neza. Kandi igicapo ni ikintu gishobora kubikwa, kikaba ikimenyetso ca kahise. Jewe narakubiswe cane nzira gucapa, ndatinda ndabiheba, biturutse ko nayobewe mu mwaka w’icumi na rimwe, abavyeyi bakavuga ko vyandurutse kuri ivyo vyo gucapa. »
Iyo bafashijwe biragenda neza
Birashika abavyeyi, canke incuti ishika mu muryango, bagatahura impano z’umwana. Ivyo rero biratuma umwana yoroherwa, agateza imbere iyo ngabire. Billy Scott Irakoze, umunonotsi mu bijanye n’ukwoga (natation) ni umwe mu rwaruka rumaze kuduza ibendera ry’uBurundi mu makungu incuro nyinshi.

Ku myaka 24 y’amavuka, Billy Scott Irakoze aremeza ko iyo abavyeyi batamufata mu mugongo, aho ageze ata ho yari gushika: « Naratomboye kugira abavyeyi bantahura, kuko na bo mu buto bwabo babaye abanonotsi. Natanguye ivyo kwoga nd’umwana muto cane, ntangura kuja mu mahiganwa mfise imyaka 10 gusa. Guhera aho, abavyeyi bagumye bari hafi yanje, baramfasha kugira umwuga ivyo kwoga. »
Billy Scott akaba abandaniriza kwoga mu gihugu c’ubwongereza, aho asanzwe yiga muri «Master», mu kigo mpuzamakungu citaho inkino (International sports Management), kiri mu murwa mukuru Londres, akaba ari mu mwaka wa mbere. Billy Scott agashikiriza ko iyo atitaho ivyo kwoga atoronse amahirwe yo kuja kwiga mu mashure ateye imbere.
Aloys Ndabambarire, yanonosoye ivyigwa bijanye no kunonora imitsi, ahanura abavyeyi ko bofata mu mugongo urwaruka, mu gihe bamaze kubona ko hari impano bafise: «Uretseke ko ukwiga amashure maremare, mu bisata bikunzwe kuvugwa ko ari vyo vyiza canke bitanga akazi keza, umwana amaze kwankirwa gukora ico asanzwe akunda kandi ashoboye bitamugoye, aba yiciwe vyinshi mu buzima bwiwe. Naho yononosora ayo mashure, ni gake anezererwa ivyo akora mu nyuma. »
Aloys agahamagarira abavyeyi kurabira ku burorero butari buke bw’abatunzwe n’impano zabo, birigwa baratera iteka igihugu mu makungu, haba mu nkino, mu mvyino no mu gucuraranga.
Inkuru yatororokanijwe na Joyeux Noël Iteriteka, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




