Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Burundi: umwimbu w’ibigori ugiye kuja mu minwe ya Reta

Mu gihe umurimyi yahora arima ibigori akimbura ariko agatahira imvune, maze inyungu igataha mu bagwizatunga bavuna amaboko abarimyi, ubu umwimbu w’ibigori mu Burundi ugiye kuja urakurikiranwa na Reta ishinga ibiciro vyo kugura intete z’ibigori yongera ibigarukana kw’isoko vyaheze, kugira abarimyi bahatorere akoyoko.

Déo Guide Rurema, Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije kuri uwu wa 01 Ruhuhuma 2021 mu nyubakwa y’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta yatangarije abarundi na canecane abarimyi ko, ikiro c’intete z’ibigori kigiye kugurwa amafaranga 680 Fbu mu Burundi bwose.

Ivyo rero bikaba vyatewe n’uko umurimyi yahora arima, agakoresha inguvu nyinshi, ariko hagera kwimbura, abadandaza bakabapfukama mu nda babigura ku giciro bishakiye, kibavuna amaboko.

Umushikiranganji Déo Guide Rurema avuga ko, bamaze kugira umwihwezo w’inguvu abarimyi bagira kugira baronke ikiro kimwe c’intete z’ibigori, basanze umurimyi aba yakoresheje uburyo bwababa amafaranga y’amarundi 560Fbu.

Ariko naho ikiro c’intete kiboneka kibatwaye uburyo bwinshi, mu mwaka uheze ikiro c’ibigori abadandaza bakigurira umurimyi ku mafaranga ari hagati ya 350 na 400 Fbu, canke bakabamena amaso babaha imigwazo ku mafaranga ari musi ya 350Fbu, ariko abadandaza bo bakazobigurisha ku mafaranga ari hejuru ya 1000Fbu inyuma y’amezi make gusa.

Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko ari muri iyo ntumbero yo guhesha agaciro umurimyi w’ibigori, Reta yashimye kw’ifatira mu minwe umwimbu w’ibigori vyimburwa mu Burundi kugira abarimyi bazoze baragurirwa neza biyuhe agatuguta, kandi no mu gihe vyogaruka kw’isoko ivyo babitse vyaheze, umurimyi ashobore kubigura bitazimvye cane.

Umwimbu w’ibigori ugiye kuza uregeranirizwa hamwe

Muri iki gihe bamwe bariko barasarura ibigori. Hari n’abandi vyeze ariko biri mu mirima. Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko hagiye kujaho ibigega mpuzantara aho umurimyi wo mu ntara ahereyemwo azoronka aho ashorera ibigori vyiwe ku giciro cashinzwe na Reta. Amenyesha ko vy’abigega rusangi abarimyi bahora babikamwo umwimbu ariho n’abarimyi bashobora kuza barashorera umwimbu wabo kugira uzoce wegeranirizwa hamwe mu bigega mpuzantara imbere yuko bihakurwa bijannwa mu mahinguriro canke mu kigega c’iyegeranirizo (stock stratégique).

Immaculée Ndabanezwe, umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro amenyesha ko, uwo mugambi wo kwegeranya umwimbu w’ibigori ugiye gutuma amashirahamwe akomeye ashiraho ihinguriro rinini rihingura ifu y’ibigori kuko amashirahamwe yari asanzwe ahingura ibigori afise uburyo buke butoshobora guhingura umwimbu wokwegeranywa mu gihugu.

Yagiriye ko anamenyesha yuko hari abo mu bihugu vyo hanze bamaze iminsi basaba kugura umwimbu w’i Burundi. Reta ngo igiye kuraba ingene umwimbu bazoza baregeranya uzoba ungana barabe ko hozoboneka n’uwushoka mu makungu gutyo ubutunzi bw’igihugu bw’iyongere, binongereze inguvu abarimyi.

???????? Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bw’Uburimyi, ihejeje gutangaza ko igiciro c’ikiro c’intete z’ibigori…

Publiée par JimbereMagazine sur Lundi 1 février 2021

None ubwo umwimbu witezwe ungana gute?

Umushikiranganji Déo Guide Rurema, amenyesha ko kuva hafashwe ingingo yo kugwiza umwimbu, abarimyi bayijukiye kuburyo umwimbu uguma wiyongera ukwo iyimbura riza ribisa irindi. Afatiye mu mwaka wa 2015, avuga ko hari habonetse umwimbu w’intete z’ibigori ungana n’amatoni ibihumbi amajana atatu (300.000T), ariko kandi anamenyesha ko mu mwaka wa 2019, ubwigenge bwo kugwiza ibigori bwari bugeze ku bice 95%. Ariko ko ubu muri iri yimbura, uyo mushikiranganji amenyesha ko biteze umwimbu w’umusesekara kuko hategekanijwe kuzimburwa umwimbu w’intete z’ibigori ungana n’amatoni umuriyoni (1.000.000T).

Nk’uko igiciro co kugura umwimbu mu barimyi catanzwe na Reta, ni na yo izotanga igiciro co kuwudandaza imaze kubona uwegeranijwe uko ungana nk’uko bishikirizwa na Déo Guide Rurema. Ariko kandi ngo kubera ko intete z’ibigori zitaruma neza, amenyesha ko ukugura ivyo bigori bizotangura vuba bitazorenga nko mu kwezi kwa Ntwarante. Akanagabisha ko abaguzi bazobigura ku mafaranga ari musi ya 680 Fbu ko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top