Kuva aho ikiza ca Covid-19 cinjiriye mu Burundi, urugero rw’amaraso yegeranywa n’ikigo CNTS rwaragabanutse : mu gice ca mbere c’umwaka wa 2019, imbere y’ico kiza hari hegeranijwe udusaho tw’amaraso 20.500. Umwaka wa 2020, muri ico gice nyene hegeranijwe utungana 17.375.
Muganga Félicien Nzotungwanayo, umuyobozi w’ikigo CNTS agira ati : « kare mu mashure yisumbuye, ni ho twahora turonka amaraso menshi, ariko ubu amaraso yaragabanutse ku bice bishika 40% ufatiye ku yo twahora twegeranya dukuye muri ayo mashure.» Kubw’uwo muyobozi, imvo yoba ari uko ubu muri ayo mashure higa abana bakiri bato, batarakwiza imyaka yo gutanga amaraso (bafise munsi y’imyaka 18).
Muri za kaminuza na ho nyene, amaraso yahora avayo atari make. Hari mu bihe baba hamwe, begeranye nko mu bigo vy’uburaro. Ariko rero, bivanye n’uko uno munsi abatari bake baba mu makaratiye atandukanye, ntibiheza ngo vyorohe ko begeranira hamwe. Ni cokimwe no mu mugwi ugizwe n’abasirikare n’abaporisi, ubu bari kure na kure nk’uko uwo muyobozi abandanya abisigura.
Amakenga mu batanga n’abongererezwa amaraso
Steve Nimbona, yibaza nimba bitoshika akandurira umugera aho agiye kuyatangira ubona ko haba hakoraniye abantu benshi kandi umuganga umwe akaba yakirira abantu benshi mu kibanza kimwe. Kuri ico, muganga Félicien arahumuriza abahora bayatanga aho amenyesha ko abaganga bakora ico gikorwa co kwegeranya amaraso baronkejwe inyigisho zijanye no kwikingira umugera wa Covid-19. Kukaba nkakwo, n’aho baba bariko barakorera ngo habanza gutunganywa neza, hari amazi meza n’isabuni abaje kwipimisha umugera bakabanza gukaraba n’amazi meza n’isabuni.
Hari n’abagwaza b’abakamye amaraso kandi bize bakididaniwe, bibaza nimba umugwayi wabo atoshobora guterwa amaraso arimwo umugera wa covid-19. Muganga Félicien aratanga umuco : « Hisunzwe ivyigwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, nta na hamwe berekana ko uwo mugera wandukira biciye mu maraso. Ni na co gituma, ata n’igipimo cawo cigera gikorwa n’ikigo CNTS. Ahubwo turaba ko ayo maraso ata mugera wa sida uyarimwo, umugera w’igitigu c’ubwoko B na C n’uwa sifirisi.»
Umugambi wo kugabura amaraso gutatu…
Burya mu maraso ngo hasanzwe harimwo uduce twinshi twa nkenerwa mu mubiri w’umuntu. Hari aho rero umugwayi usanga akeneye kamwe muri utwo duce (globule rouge, plasma, plaquette) ntabe akeneye twose. Hamwe n’ivyo, muganga Félicien amenyesha ko mu migambi izorangurwa mu myaka 5 harimwo kugura icuma gitandukanya utwo duce kugira umugwayi aze ahabwa agace umubiri wiwe ukeneye, utundi dufasha abandi adukeneye, vyumvikana ko amaraso azoca yiyongera.
Muganga Félicien rero akaba aremesha abarundi anabasaba kugira umutima w’urukundo, kwijukira gutanga amaraso mu ntumbero yo kurokora ubuzima bwa benshi, kuko kugira ngo amaraso ntakehe bisabwa ko n’imiburiburi umuntu umwe ayaha abantu 1000 ku mwaka . Ariko rero, uwugwaye canke akeka ko yanduye umugera wa covid-19 ngo ntiyemerewe kuyatanga.




