Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Menyumenyeshe ishira imbere ikibano ciza kw’ishure kugira indero n’ubumenyi vyisununure

Mwari muzi ko ikibano c’ishure gishobora gutuma habaho gufatwa ku nguvu, isuku rike ndoragitsina, canke abanyeshure bakiga umutima utari mu nda? Mu mugambi wa Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose, (AGE), harashirwa imbere ko ishure riba ikibanza ciza gifasha umwana kwiga yisanzuye. Muti gute?

Jean Berchmans Mateso arongoye ishure shingiro ryo ku Murima niwe atuyagira ati:  » Kubera ko tuzirikana ko indero y’urwaruka ari karahara mu ruganda ntibacura, mu bijanye n’ukwubaka kazoza keza k’igihugu. Mu mugambi wa Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose turicara hamwe tukihweza kumwe n’abo bose babifisemwo uruhara, mbega ni gute ishure ryacu, ryofasha umunyeshure kwiga atekaniwe kugira ngo ingorane ahura nazo ntizimutume atakaza urukundo rw’ivyigwa, canke ngo ahahamuke bize bimugireko ingaruka mbi muri kazoza? »

Ku bw’uwo muyobozi ngo ntivyama vyorosheː« Kenshi na kenshi ukunda gusanga ivy’uburyo bitagiye biravyorosha, usanga ibikorwa twokora bidakunda kubera ko uburyo ishure rifise ari buke. » Ariko ngo ntibaca basha coba ngo barekeraho.

Indinganizo nshasha ya AGE, yadufashije gutahura vyinshi mu gutunganya neza ikibano c’ishure

Paul Ntukamazina, umwigisha wo kuri Lycée communal Kiganda akurikirana umugwi w’abanyeshure bahurikiye muri Menyumenyeshe atiː«Ico umugambi wa Menyumenyeshe mu ndinganizo yawo nshasha uhurikiyemwo bose yadufashije n’uko twicara hamwe n’abanyeshure, canke bonyene ubwabo bakaza bakatubwira bati, iki nticifashe neza tugaheza tukagira urunani tukagifashanya.»

Kukaba nk’akwo ibikorwa kw’iryo shure arongoye birivugira. Marie Grâce Muhoza, umunyeshure waho ati: » igikorwa ca mbere cabaye, kwabaye ukugira uruzitiro rw’ishure. Kubera ko turi hagati y’imihana wasanga kenshi bigenda biragorana ugasanga abanyeshure bacerewe bihisha mu mihana canke ugasanga, abo muri iyi mihana baguma baca ng’aha barengana kubera harimwo n’ikiyira.ugasanga biratuvuruze cane twebwe nk’abanyeshure, ugasanga tuguma dusamara. Mu buryo bwacu buke twaciye tuvugana n’ubuyobozi, dukora uruzitiro rw’imbingo n’aho ruriko rurasaza. »

Kw’ishure rya Rutegama ya mbere muri Komine Gitega ho bidogera ukuntu ishure ritagukiwe kubera rikikujwe n’imirima y’abanyagihugu: » Twebwe ng’aha dufise ikibazo c’ukwo tutagukiwe. Co kimwe n’ibarabara rica aha hepfo yacu. Birasamaza abanyeshure. » ivyo bishikirizwa na Galine Kaneza arongoye iryo shure.

Ariko rero ngo ntibatanye n’ikigazuzo, Albert Nshimirimana, umunyeshure wo kw’ishure rya Rutegama atiː  » Mu mugambi Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose, twebwe nk’abanyeshure b’abahungu twaratuhikiwe uruhara rwacu mu kugira ishure ryacu rise neza, ubu turagerageza gukora isuku ryo ng’aha kw’ishure na cane cane mu tuzu twa surwumwe kugira ngo ntitwicwe n’umwanda canke umunuko. Ikindi naco twaraganiriye n’abigeme kubijanye n’isuku ry’utuzu twa surwumwe, ubu ntabagita ibitambara canke cotex bakoresha iyo bari mu butinyanka mu tuzu twa surwumwe kuko waca usanga tuguma twuzura. »

Alexandre Niyonsaba, umukorerabushake wo mu runani rwa Kiganda twasanze kuri Lycée Kiganda ati: “ indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose, yatumye n’abahungu batisigaza inyuma mu bikorwa vy’ishure.  Nk’ubu iyo hageze gukoropa amashure canke utuzu twa surwumwe, co kimwe niyo hageze gukata n’ugushira ku murongo igazo canke kurikuramwo urwiri hose tuba turi kumwe kandi bakitanga ukabona ko babikunze. »

Alexandre Niyonsaba aheraheza amenyesha ko ivyamwa vy’uwo mugambi, abanyeshure babitahura cane, banabigize rwabo, ku buryo n’aho uwo mugambi wohera, bobandanya muri iyo ntumbero nziza y’ukugira ishure ryabo ryame ari ryiza kandi ryamane isuku.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top