Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Covid-19 : Ntihagire uwutipimisha muri iri sekeza ngo yohandurira, harapanze

©️ Jimbere / Kuri ETS kamenge, mw'isekeza ryo gupima umugera wa coronavirus, "Ndakira sinandura kandi sinanduza Covid-19"

Gushika isaha umunanini z’umuhingamo, ku munsi wa mbere w’iminsi 30 yahariwe isekeza Ndakira sinandura kandi sinanduza Coronavirus, ibibanza vyateguriwe kwakira abipfuza gupimwa umugera wa Covid-19 ari vyo, Kanyosha, Source du Nil no ku kibuga ca ETS Kamenge, hari hamaze kwakirwa abarenga 400 bonyene. Gitangatange nyabuna!

Hari abaja kwipimisha bafise amakenga ngo barahava bahandurira. Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu arabahumuriza. Amenyesha ko nko kuri Source du Nil bateguriwe ikibanza cabo bapimirwamwo, abasanzwe bariko barakurikiranwa bari ku miti ukwabo, hakaba rero n’ikibanza abavuye hanze y’igihugu bashikiramwo barindiriye ko ikiringo co gusuzuma ko ata mugera boba baje bafise mu mubiri woba warinyegeje kirangira.

Hariho umugwi w’abajejwe isuku kugira ngo abantu bose babone ko bicaye neza ku buryo ata muntu n’umwe yandurira mu kibanza yaje kwipimishirizamwo, hakaba abafata ibipimo n’ukwandika abanyagihugu bariko baripimisha, n’umugwi rero ujejwe gusuzuma no kugenzura ivyo bikorwa vyose. Umushikiranganji yongera kandi ati : « Ibibanza vyo gupimiramwo umugera wa Covid-19 vyashinzwe Kugira ngo ntihabeho ukugundana kw’ibikorwa ngo vyonone ukuvura izindi ngwara mu burere bw’ubuvuzi bwa Kamenge, Bwiza-Jabe na Ruziba ahasanzwe hapimirwa ico kiza. Ntihagire rero uwurinda kuja gutonda kw’ayo mavuriro muri iyi minsi kandi hariho ibibanza vyiyaguye. »

Uwo mushikiranganji aributsa kandi ko isekeza ryatunganijwe kugira ngo hapimwe benshi bashoboka mu mwanya umwe kuko ari bwo buryo burashe bwo kurinda irandagata ry’ico kiza ubona ko haheruka kuwutorwa abatari bake. Hamwe abarundi boryitabira, mu ndwi imwe yonyene hoba hamaze kuboneka aho ubwandu bwoba bugeze.

???? Ubutigu bwa rya sekeza « Ndakira, Sinandura kandi Sinandukiza #coronavirus » burageze: kuri uwu wa 11 Nzero 2021,…

Posted by JimbereMagazine on Monday, January 11, 2021

Kuki uruja n’uruza rw’abegereye imipaka rubandanya batanapimwe ?

Hari imigenderanire isanzwe iri hagati y’abarundi n’abatanzaniya mu ntara za Makamba, Ruyigi, Cankuzo, Rutana na Muyinga ivyo bita « Ujirani Mwema ». Umushikiranganji w’amagara y’abantu agira ati : « Burya kenshi abazana izi ngwara si ababa hafi y’imipaka, barya barimira utwumbati hakurya. Twihweje mu mashini dusanga abantu baza bava kure ari bo nkwezi y’amarere. Mu kugenda baca ku kibuga c’indege, mu kugaruka bavuye mu makungu baca bahitamwo guca i Kigoma, Dar-Es-Salam canke i Kobero n’ahandi, bakaza n’imiduga ntibaheze ngo bace muri ‘quarantaine’. Ni yo mpavu ubu hafashwe ingingo ko bose muri ino minsi babwirizwa guca ku kibuga c’indege ».

Ariko rero, muri ukwo kubana neza hagati y’abarundi n’abatanzaniya begereye imbibe z’igihugu na bo nyene basabwa kwubahiriza ingingo zo kwikingira Coronavirus, bagakaraba kenshi n’amazi meza n’isabuni kandi bakirinda ivyo kuramukanya mu minwe, kugwana mu nda, gusomana n’ibindi vyose vyaboshwe mu ntumbero yo gukinga ico kiza.

Ku bunguruza abantu

Birakwiye ko hejuru y’ugukaraba bogendana nk’aka « désinfectant » kugira ngo, bashikanye abakiriya ba mbere babanze bahanagure intebe neza imbere y’uko abandi burira. Ariko mu vyigwa vyakozwe vyerekanye ko ahanini uwo mugera uhanahanwa mu ntoke. Kwirinda rero gukoranako, kuramukanya bifatanije n’ukwipimisha vyofasha cane mu rugamba rwo kugwanya uwo mugera.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu rero akaba ahamagarira abarundi bose kwima amatwi ibihuha muri ino minsi kugira ngo ntibabayovye. Uwugize akamubakiye, asabwa kwegera abaganga akabaza neza. Ariko kandi uwipimisha agasabwa kunyaruka kuko atevye atazi amagara yiwe uko yifashe aba ariko arigirira nabi, agirira nabi n’abandi ugasanga agiye kwipimisha asize adometse benshi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top