Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Evon’s Hope irafungurira abanyeshure barenga 2.000 biciye mu mugambi « Cantine scolaire »

©️ Jimbere / Gufungurira abana bigabanya ingeso yo guheba amashure

Ivyo vyamenyeshejwe mu birori vyo kwugurura icese uwo mugambi vyabereye ku mashure Mushasha I na II yo muri zone Gatumba kuri uwu wa 6 Nzero 2020. Ingeso yo guheba amashure bitewe n’inzara ikaba igiye kugabanuka.

Uwimana Astère, aserukira vyagateganyo ishirahamwe Evon’s Hope imbere y’amategeko agira ati: « Buri munyeshure afungurirwa amagarama 150 y’umuceri canke ifu y’ibigori, amagarama 40 y’ibiharage, n’ amagarama 4 y’amavuta. » Agirako amenyesha ko banafise umugambi wo kwongereza amashure bokorerako ico gikorwa.

Ciza Raphäel, Umuyobozi w’indero mu ntara ya Bujumbura, arashima cane umugambi wa Evon’s Hope, agirako atanga ibiharuro ku mashure agaburira urwaruka. « Ku mashure angana 262 ari mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural, amashure 100 ni yo yonyene agaburira abana ku mashure. Intambwe iracari ndende. Kubona aya mashure abiri yiyongereye ku yayahora, vyerekana ko bukebuke ayandi mashure na yo azoshikirwa. »

Ciza arongera akavuga ko uwo mugambi uzotuma n’abarimyi, na canecane abari mu ma koperative, batera imbere kuko baronse aho bazohora bashora umwimbu wabo, na wo ugaheza ukagaburira abana babo. Yongera agasaba abarongoye ishirahamwe Evon’s Hope ko ico gikorwa kitohagararira mu nzira, ko corama.

Ciza Raphäel : « Ku mashuri 262 yo mu ntara ya Bujumbura, amashure 100 ni yo yonyene afungurira abana. »

Haracariho agahaze

Naho abo bana bafungurirwa, Baricako Clarisse, umuyobozi wa Ecofo Mushasha I amenyesha ko hari utubazo tw’inkwi n’ikibanza co gufunguriramwo bikigoye:« Imfungurwa zitegurwa n’abavyeyi, mugabo inkwi turazirondera. Mu myaka iheze twazikura mw’ishamba cimeza rya Rusizi, ubu na ho Reta ikaba itatwemerera kujayo. Vyongeye, nta kibanza categekanijwe co gufunguriramwo. Abana bakaba bafungurira mu mashure canke hanze mu kibuga. »

Clarisse agirako asaba ubufasha ku bijanye n’isuku na canecane iryo ku tuzu twa surwumwe, kuko ayo mashure ageramiwe:« Abana turabahimiriza cane gufungura bakaravye n’isabuni, kandi bagafungurira ku masahani yogeje neza. Mugabo turafise ikibazo c’utuzu twa surwumwe twuzura ningoga kubera amazi y’imvura canke ayava mu kuzimu. Mu gihe abo bana bariko barafungura, hari naho haza ibisazi bivuye muri uyo mwanda bikanduza izo mfungurwa, gutyo ingwara ziturutse kw’isuku rike zikaba nyinshi. »

Twomenyesha ko uwo mugambi watanguye itariki 30 Munyonyo 2020, ukaba warafashije mu kugumiza abana kw’ishure mu gice ca mbere giheze, nk’ukwo vyemezwa n’uwo muyobozi wa Ecofo Mushasha.

Inkuru yatororokanijwe na Edmond Sabindemanyi, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top