Mu gihe igice ca kabiri c’umwaka w’ishure giheruka gutangura, amashure yo muri Mushasha afise ibibazo vy’utuzu twa surwumwe tuguma twuzura.
Umunsi wa gatatu itariki 6 Nzero, mu mwanya umwe, wari umunezero haba ku bayobozi, abarezi, n’abanyeshure biga ku mashure ya Mushasha I na II, aho bari baramutse bakira iyugururwa ku mugaragaro ry’umugambi « Cantine scolaire », wo kugaburira abana ku masomero, ivyo bigafasha cane mu kugabanya umurindi wo guheba ishure.
Ku rundi ruhande, ayo mashure arahanzwe n’ikibazo kitari gito, aho utuzu twa surwumwe tuza turuzura ukwo indwi iheze, biturutse ku mazi y’imvura yateye muri komine ya Mutimbuzi, zone ya Gatumba.
Nk’ukwo bivugwa na Baziruwiha Vangrine, arongoye Ecofo Mushasha II, ayo mashure amaze amezi 9 atewe n’imyuzurira y’amazi yononye vyinshi, kugeza n’ubu ibidengeri vy’amazi bikaba bicibonekeza imbere y’ibirasi. Vangrine akavuga ko utuzu twa surwumwe twama twuzuye, kubera ayo mazi, ndetse n’ayava mu kuzimu aca yuzuza ibinogo. Asemerera avuga ati: « Twama turiko turagerageza “kuvidura”mugabo ntaco bimara. Twabuze ayo ducira n’ayo tumira. Iyo akayaga ka Tanganyika kahaciye, umunuko uca wimukira mu mashure afatanye n’utwo tuzu twa surwumwe. Ni ingorane ikomeye cane. »
Ku bijanye n’ukwihagarika kw’abanyeshure, bose hamwe barenga ibihumbi 2000, uwo muyobozi agira ati: « Barapfa kujayo ukwo nyene. Nta kundi turi bugire. Dufise ubwoba bwinshi ko ingwara ziturutse kw’isuku rike zishobora kwirara mu banyeshure. »

Hambavu y’utuzu twa surwumwe, no mu bikoresho vy’ishure hari agahaze
Iyo myuzurira ntiyononye utwo tuzu twa surwumwe gusa. Baziruwiha Vangrine amenyesha ko n’ibikoresho bitari bike nk’ibitabo vyo gutegura, ingwa, amasandugu, vyatwawe, ibindi birononekara. «Ubu dusa n’ukwo tutagira ivyo twigishirizamwo. Harokotse ibikoresho bike cane. Turasaba ubufasha kugirango muri iki gice ca 2 dukore neza, abana bige borohewe. »
Ikindi cibonekeza n’ikena ry’ibirasi vy’abanyeshure biturutse ku bwinshi bw’abanyeshure n’ibihari birashaje bikwiye gusubirizwa. Eka ndetse n’ibiro vy’umuyobozi w’ishure ntabihari, n’aho akorera yahatijwe na Ecofo Mushasha I nahonyene ntihakwiye kuko hakorera umuyobozi gusa.
Kuri ico kibazo umuyobozi agira ati: «Turakora uko dushoboye, hama abana n’abo turagerageza kubagabura mu migwi kugira baronke ingene bashobora kwiga bose. Bamwe biga mu gitondo abandi kumugoroba, ariko naho nyene ntabigisha bakwiye dufise n’abahari benshi bageze muzabukuru ntibaheza ngo bitange nk’uko bikwiye.»
Etienne Manirakiza, aserukira inama y’abavyeyi kuri Ecofo Mushasha I, asaba ko amagara y’abana yoshirwa imbere, kuko ngo: « Nta bumenyi bwoboneka amagara ageramiwe. »
Inkuru yatororokanijwe na Joyeux Noël Iteriteka, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




