Muri ino minsi abanyagihugu batari bake bari bamaze igihe badebukiwe mu bijanye n’ugukurikiza ingingo zo kwikingira Covid-19, irasubiriye kuvyura umutwe : abantu 40 bose bava mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco ni bo batoweko uwo mugera ku magenekerezo ya 4 na 5 Nzero 2021.
Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bugitangaza ko ico kiza cashitse mu Burundi muri Ntwarante 2020, umurundi wese yaratekewe n’ubwoba aho wasanga hari uguhinda agashitsi kuko cariko kirasasika inganda mu bihugu vyo hanze ku rugero ruteye ubwoba. Ibibazo mu gihugu vyari : « Mbega twoyikingira dute ?» Gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabuni, kwirinda kuramukanya umuntu akorana mu minwe n’uwundi canke guhoberana, ni zo nyishu zatanzwe n’ubwo bushikiranganji bubijejwe, abatari bake barabigendera.
Uko iminsi yagiye ibisa iyindi, ni kwo ishirwa mu ngiro ry’izo mpanuro ryagiye rikamangana gushika uno munsi, n’aho nyene ubushikiranganji bwo bwakomeje gusemerera. Abantu basigaye basomana ukuri kwamye, bahoberana kurusha mbere. Icibagiwe ni ugukaraba, abenshi babikora batewe n’akadugumba mu minwe canke bagomba bagire ico bihereza. Biteye ubwoba. Hagati aho twibukanye ko abakera bayamaze bati « Imbarágasa yiiséma yuurira umuruúndi w’ínkokó. »
Nk’uko vyigaragaje mu rugendo rwagizwe n’umushikiranganji ari kumwe n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa 6 Nzero 2021, haba ku bituro vy’imiduga yunguruza abantu ari na ho hahurira abantu benshi bavuye mu mihingo itandukanye, abiyunguruza bacunga ku kigohe « convoyeur » bakirasa mu muduga nk’abacika kw’icumu, kandi aho amazi n’isabuni atari ivyo barihishwa. Ku bwinjiriro bwose bw’isoko ya Cotebu, nta na hamwe harangwa akadobo k’amazi. Icibagiwe co ni imbere y’ibiro vy’amashirahamwe yunguruza abantu mu gihugu hagati. Ishirahamwe Tramwex ryonyene ni ryo ryasanzwe ryitunganije.
???? Inyuma y’aho Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu, atangarije ko hari abanyagisagara ca Bujumbura bashika 40 baraye…
Posted by JimbereMagazine on Wednesday, January 6, 2021
Twese duhamagarirwa kumera magabo
« Amahoteri yakira ingenzi zivuye hanze mu kurindira ko ya masaha 72 ahera (ubu akaba ari indwi), yibuke amasezerano yagiranye n’Ubushikiranganji bw’Ubudandaji aho ayazofatirwa mw’ikosa ryo kurekura ingenzi ngo zegerane canke ziyage n’abandi bantu begeranye igihe c’ukurekurwa kitarashika, azotanga ihadabu y’imiriyoni 2 », nk’uko bishikirizwa n’Umushikiranganji Thaddée Ndikumana. Ku bw’ivyo basabwa kwiyubara cane n’ukuba maso mu ntumbero yo gukinga irandagata ry’uwo mugera.
Yishura ku kibazo c’imvo ituma igitigiri nyamwinshi c’abatorwako umugera wa Coronavirus cigwije kuva aho ikibuga c’indege cugururiwe, n’impamvu abava mu bihugu vyo hanze baza bazanye urupapuro rwemeza ko ata mugera bafise ariko bagashika bawutorwako mu Burundi, Umushikiranganji Thadée amenyesha ko bariko baraba ukuntu hoba ugukorana hagati y’ikigo gipima uwo mugera wa Covid-19 n’ibindi vyo hanze biba vyatanze izo mpusha kugira ngo bavyigeko neza.
Umushikiranganji akaba asaba abajejwe intwaro n’umutekano gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo zo kwikingira umugera wa Coronavirus kuva kuri uwu wa 7 Nzero 2021, bibaye ngombwa uwoca kubiri n’izo ngingo agatangishwa ihadabu n’ababijejwe canke agakurikiranwa n’ubutungane.
Tubibutse ko ibimenyetso vy’ico kiza ari : kumeneka umutwe, ubushuhe, ibicurane n’inkorora, kutamoterwa n’ukwuma mu mihogo. Ku banyagisagara ca Bujumbura, abantu bose bikeka ko bagendanye n’uwatowe umugera wa Coronavirus, basabwa kwihutira kwipimisha ku bitaro vy’akarere vya Bwiza-Jabe, Kamenge na Ruziba, naho nyene ata kimenyetso na kimwe boba baribonako.




