Gusubiza ijambo intahe yo ku mugina ni umwe migambi yihutirwa umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayisimiye yashikirije ko agiye kurangura vuba. Tugaruke kuri bimwe mu vyayiranze aho hambere hahise, agaciro n’ikibanza yari ifise mu kibano. Ni muri iyi nkuru.
« Intahe yo ku mugina ni intahe twasigaranwe na basogokuru. Ni ukuri, ni ubutungane bashizeho barondera ingene botunganya imibano yabo ubona ko ahari abantu hama urunturuntu kandi ababana bakaba batabura ico bapfa. Uko urunganwe rwagiye rubisa urundi, rwagiye rurayihanahana, iguma ari kiremesha mu mibano y’abantu. », umushingantahe Cassien Simbare, buca yuzuza imyaka 80 hirya y’ejo muri Nzero 2021, aratuyagira.
Ku mugina ni harya umuntu aba, harya ku gatumba. Iyo ntahe yamye ikora mu kibano, mu bantu begeranye, basangiye ivomo, babangikanije amatongo, basenya hamwe. Ni co gituma mu bihe vya kera intahe yamye ikorera mu muryango, mu kibano ari uwa renganijwe, uwatutswe canke uwarengerewe akarimbi akitura abashingantahe na bo bakabanguka bagashika mu kibanza ikosa ryabereyemwo intahe igasasa.
Basokuru ubwabo ni bo bitunganya bagatoranamwo abaja imbere y’abandi, ab’ingeso nziza, batagira inda ndende, imvugakuri, bafise akaranga k’ubuntu bakerebutse, basonera abandi, batarenganya. Abo ni na bo biswe abashingantahe bayibumbatirira ku mugina bakayishinga berekana aho ukuri kuri batabera, badahengama.
Uwisabiye kwatirwa wese yoba ategerezwa kubikorerwa ?
Adrien Sibomana arongoye urwego rw’abashingantahe, yishura ati : «Na mba. Iyo inyifato yiwe itari nziza arasubizwa inyuma. Uwusaba kwatirwa abisaba ku mutumba asabzwe abako canke muri karatiye abamwo (ari na ho yatirirwa) maze bakamukurikirana bakamusuzuma bakanamwigisha mu kiringo c’amezi ashika nk’atandatu, basanga arabikwiye, akarahira ishengero rikoranye ko azotunganiriza bose ata co abasavye agaheza akatirwa, iingeso ziwe zitari nziza agasubizwa na ho agasubizwa inyuma ».
Uko abazungu baje barondera kurukisha intahe abarundi
Nk’uko bishikirizwa na Simbare, abazungu bagishika mu Burundi bakihweza ingene abarundi bacuditse hamwe bihutiye kurondera gutamika umurundi imigenzo yabo. Intahe bayibonamwo ikintu gikomeye kibatangira gukurikiza ingendo n’imigambi yabo bari bafise. Ni ho rero babona ko badashobora kubikura mu barundi kuko vyari vyarinjiye mu maraso, baraheza bashinga amasentare akorana n’intahe yo ku mugina ariko bagenda bayaka ijambo buhorobuhoro.
Simbare yongera ati : « Umuzo w’abo bazungu uri mu vyatumye intahe igenda iragira amagorwa. Aho hambere hahise intahe yarasasa nta co baka umuntu nta n’impembo abashingantahe bigera baka carazira, bashira imbere ukuri, bahembwa n’icubahiro c’ineza abanyagihugu babazigamwo ari na yo mpamvu vyavugwa ngo ni iy’abakene, iy’impfuvyi n’abapfakazi. Ariko vyatevye bihinduka aho benshi bagiye barashira imbere uburuhe bagira bagiye gutunganiriza abantu haba mu matongo canke ahandi ivyo biba icitwazo co kuza barasaba amacupa ari na ho hahavuye havuka ijambo ngo agatutu k’abagabo ».
Mwomenya ko uno munsi urwego rw’abashingantahe rwitunganije gushasha aho hari intahe yo ku mugina canke ku mutumba, ku rwego rwa komine, ku ntara, no kurwego rw’igihugu aho haciye hakosorwa n’utunenge twagiye turinjira kubw’amaronko, urwego rw’abashingantahe ruhabwa amategeko mashasha.




