Mu myemerere y’abarundi baho hambere, igitoke cari igiterwa kidasanzwe. Cari cubashwe kandi kigafatwa nk’igiterwa ceranda. Uretse ko cavamwo urwarwa rwahuza imiryango, igitoke carakoreshwa no mu migirwa myinshi, nk’iyo mu muryango havutse umwana, iyo abakuru bagendeye ahantu canke mu migirwa yo kubandwa no gutisirika (guhamura) ibintu kandi bikagira insiguro ikomeye.
Iyo umugore ahejeje kwibaruka, asohoye ingovyi ya nyuma baca bafata ivyo vyose umwana yari arimwo mu nda bakavyegeraniriza hamwe. Umwakirizi yamwakiriye akabijana inyuma y’inzu kubishingura (kubikira ingovyi). Ingovyi bayishiramwo ubwoko butandukanye bw’imbuto. Uri inzuzi, intore, uburo, amahonda, ibiharage, n’izindi nyishi hama bakimba ikinogo bakabishiramwo bagaca bahatera igitoke. Muri ico kibanza, bahita kw’isohorero ry’umwana. Ni ho yaba yataye uruzogi. Uyo mwana agafatira umuryango aho, hakaba ku gisokuru, ari umujiji akitwa umujiji, ari umunyakarama canke umuzirankende bikandurukiraho. Naho atokurira aho, uyo mwana aronka uburenganzira bwo kuhitirirwa, kuhaburana no kuhagirako ubwene muryango. Kandi ubwoko bwose bw’imbuto bahateye zaramera, umwakirizi akaba ariwe yaza araja kuzisoroma havuyemwo igitoke. Ivyo bivugwa na Pascal Niyongabo umwigisha w’ikirundi akaba n’umuyobozi w’ishure rya Ecofo Rumonge II asanzwe yarananonosoye ivyigwa vy’imico n’imigenzo nyafirika.
Igitoke gifatwa nk’umuntu
Pascal Niyongabo avuga ko mu kwipfuriza umuntu ivyiza hari abagira bati: «Uragahabwa n’iyahaye igitoke co kivyara kitagira umugabo». Rero nk’uko ku muntu canke ku nka bavuga ko bivyara, ni igitoke ni ukwo. Igitoke kiravyara kandi kikagira imiryango gikomokamwo nk’uko biri no ku bantu. Iyo igitoke kivyaye kizana amashashi y’ibitoke. Mu gihe amashashi yagwiriye bayita ingundu. Hari ingundu y’umutsiri, ingundu y’igisahira, ingundu y’igihonyi, y’inkashi, y’igipaca, ya nandibu, y’igisukari, y’ikayinja, y’imarasenge, … ubwo bwoko bw’ingundu bwose n’imiryango y’ibitoke.Igitoke iyo bagiteye urwego bavuga ko kiba gifise intege nke. Igitoke kandi kiragira umwanana, uwo na wo abana b’abakobwa akaba ariwo bakunda guheka bawugereranya n’abana.
Igitoke ngo ni ceranda kandi gifise ububasha
Uyo mwigisha w’ikirundi avuga kandi ko mu kwerekana ko umuntu w’umutegetsi afise ubukuru n’ububasha bikomeye, ku munsi mukuru bamusasira ingwiza (utwatsi tumera mw’ishamba turandaranda tumeze nk’udufise ubwoya) iruhande yaho bagashiraho ibitoke. Aho umwami canke umuganwa yaca agendeye akarere kanaka, kugira bamwereke ko bamwiteganye igishika n’ugweze barahatera ibitoke kuko babona ko bifise ububasha. N’ubu nyene umutegetsi akomeye agiye ahantu baracabigira.
Ibituma igitoke cubahwa n’ivyinshi. Mu kubaga ibitungwa, babibagira ku mitoto y’ibitoke kuko idahumanye eka mbere no mu gutota bahejeje kubandwa kiranga avuye ahantu, yarafata umugonzo (umunyu) akawuhambirira mu mitoto akaza arakoza mu mazi amijira ku bintu canke ku bantu abasabira imihezagiro.Ku mwanana w’igitoke havako ibigovyigovyi, ibi na vyo akaba ari vyo abantu kera banweramwo imiti itandukanye ihamuye. Mu guhamura ibitoke bitaritse mu ruhinda (urugarama) barafata agaheto bakakaboherako umuno (umuhanyu w’igitoke) bakagashinga ku rugarama bakakarabisha iyo ukwezi kuzoserukira mu gihe kwacuye, kugira bizoshe neza. Batsirika ukwezi ngo ntikubicemwo kugira ntbiborere mu ruhinda.
Mwomenya kandi ko n’aho hambere umuntu agemuye inzoga canke ibindi yashirako ishishiro ry’imitoto y’ibitoke haba ku biseke, inkangara, imibindi, inkoko n’ibindi. Inzoga ntibashobora kuyinwa hakiriko ishishiro, carazira. N’ishishiro bazikuye ku bigemurwa ntibapfa aho bazitaye. Barazegeranya zose bakaziterera hejuru ku nzu. Inzu yaba irundagiyeko ishishiro nyishi, yerekana ko urwo rugo rugwa ingata, rugendwa, nk’uko bisigurwa na Ntakarutimana Pantaléon yize ivyigwa vy’imico n’imigenzo nyafirika.




