Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Inda z’indaro n’amabi yazo mu rwaruka : intahe ya Tuyisenge

Tuyisenge ni umwigeme yibarukiye iwabo, haraheze imyaka itanu. Akwije imyaka 20 y’amavuka muri uku kwa Nyakanga 2020. Uwu mwigeme avuga ko yibarutse ageze mu gice ca gatatu giheza umwaka w’indwi, biranka ko asubira kubandanya ishure kubw’ukubura uburyo. Umwe muri benshi bimaze gushikira.

Mu gihe inda z’indaro zatse indaro mu rwaruka haba mu kibano, eka no ku mashure, ishirahamwe « Cordaid » rirafasha kuzituza biciye mu mugambi Menyumenyeshe. Kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2020, ihiganwa ry’ibikino bigwiriyemwo ubutumwa bwo kuzigwanya ryahuje urwaruka rwo mu ntara ya Bururi, muri komine Mugamba, ari na ho twakuye intahe ibabaje y’umwigeme Tuyisenge (iri zina ni iryo twamutaziriye kuko atashimye ko iryiwe ryandikwa).

Nta nyina afise, muka se na se ntibamuha nirwere. Jeanine avuga ko mu gihe yari yibungenze yaturatuye bikomeye kuko abavyeyi biwe bamwagiriza ko yahemutse, yabamaramaje, ari agatukisha mu muryango. Abagenzi yari afise baramuvuyeko asigara enyene aho yarira atagira uwo ayaha, yicuza ata co akigarura.

Amenyesha ko yiyumviriye kuyikorora bimwanka mu nda. Mu gihe kuva aho aba gushika kw’ivuriro ribegereye hagendwa iminota 15, we yahitamwo kugenda gupimisha inda ahantu hagendwa isaha n’iminota mirongo itatu kuko yatinya ko ahava ahurirayo n’abavyeyi bagiye gupimisha imbanyi bakaba baramushimanga.

Igihe c’ukwibaruka ntikigeze, uwayimuteye tiyarushe anaturukira aho ari ngo amukeze nk’abandi bavyeyi, mbere n’umwana yamwemeye barinze guca mu mburano.  Agira ati : « Ese gusonzera mu kiriri ! Uwogomba yokwiyubara ntaze abone ayo nabonye. Ubu n’agasabuni ndonka ndagakesha umugambi Menyumenyeshe kuko watwigishije kuziganya no kuguranana. »

Vyari vyifashe gute ku rubuga ?

« Turwanye inda z’indaro n’ingaruka mbi zazo mu rwaruka rutari ku ntebe y’ishure », nico civugo c’ihiganwa mu rwaruka rutari ku ntebe y’ishure rwatunganijwe na Cordaid mu ntara 8 usanzwe uranguriramwo uwo mugambi, kuva ku wa 7 gushika ku wa 13 Nyakanga 2020. Twabonye rero ivy’inda z’indaro kugira uvyumvishe urwaruka, vyiza ari gushimikira ko ngaruka mbi zazo.

Imigwi yariko irakina yaribukije zimwe mu ngaruka mbi z’inda z’indaro. Bamwe bati : « Urwaruka rwinshi rurahendaheshwa ibihinda, bwaca bikabahinda bibataramura mu miryango, kuko vyabananiye kwizigama ngo bifatire ingingo bahebe ubushurashuzi. Nk’uko urwo rwaruka ruri mu mugambi Menyumenyeshe rwavyigana mu dukino, umwigeme atwariye inda iwabo araturatura mbere hari n’aho yangazwa umuryango avukamwo ntube ukimuha nirwere kuko aba yamaramaje abavyeyi bamureze. »

Si mu muryango gusa no mu kibano hari abamwinuba bamubona ayaga n’abandi bigeme, bakamwamirira kure ngo agomba abigishe ubushirasoni. Abandi nabo : « Kenshi mur’izo ngeso atari nziza, usanga urwaruka rwanduye ingwara zidakira zifatira mu bihimba vy’irondoka, ivyo bikonona kazoza karwo. »

Umwigeme rero atwaye inda atipfuje, bivanye n’uko yiyumvira ingaruka zizokurikira imbere agasanga ziremereye nk’urusyo, yihutira kwiyumvira kuyikorora akagwa mu caha co kwica ngo bikunde agume aboneka nk’agakumi. Afashwe, asazira mu mpimba  nayo agahinda ku mutima kakamurenga.

Abavyeyi n’intwaro babivugako iki ?

Cristophe Nkezabahizi, umwe mu bavyeyi bari ngaho, yagize ati : « Mu vy’ukuri uwabonye asasira indaro y’inka, ntiyobona asasira indava inda z’indaro mu muryango. Urwaruka rurakwiye kwihesha agaciro rukamenya ko rutera intuntu abavyeyi kuko bo baba barwipfuriza kuroranirwa ariko impanuro bakaziha umugongo. » Ntiyibagiye  kuvunira akagohe abavyeyi bataganira n’abana babo kuvy’inda z’indaro n’amabi yazo ati : « Barakwiye kwikebuka ntibibuke kuyora basheshe. »

Urwaruka rero ngo rukwiye kumenyera kurya utwo rwabiriye akuya, two tutarukwegera akaga, rukirinda ibihendamaso rukaja mu mashirahamwe yo kwiteza imbere gutyo rukikenura mu vyo rukenye nk’uko bishikirizwa n’umwe mu bajejwe intwaro bari ngaho. Ibirori bikaba vyarangiye ishirahamwe Cordaid ritanga udushimwe tugizwe n’ibitenge n’amasabuni ku barushije abandi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top