Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Abasabiririza baguma biyongera. Ni iyihe nyishu irama kuri bo?

Birababaje guca ku muntu aryamye ariko arataka atakamba ko ashonje asaba uwomufasha ukamucako ukarengana. Ariko kandi birababaje gusumba kubona umuntu ariko aravundagara abesha ko ashonje wamufasha, hagera ku mugoroba, mugahurira mu kabare amacupa yujuje imeza ahagatiwe n’abo ariko arasororera. Je, Njebarikanuye, vyananiye gutandukanya uwushonje n’uwabigize umwuga.

Mu bisagara, ugira gutya uzindutse uja ku kaminsi yose, wagera mu mahwane y’ibarabara, ugasanga hari uwusabiririza yamaze kuhagera. Uri abagore, uri abagabo, eka ndetse n’abana batagira ubumuga na bumwe, ubona ko ikibanza cabo cari gikwiye kuba kw’ishure. Uko utera intambwe uza wumva ngo: « Bosi, mfasha ijana ry’igitumbura ndashonje. » Uravye uko asa n’uko yambaye, bikagutera ikigongwe, ufise ukamuha. Muga, ntimuhuye ku mugoroba w’ijoro yoze yakuye n’izo mpuzu, uribaza ko ari uwuraho mwahuye mu gatondo bikagusiga.

Umuntu umwe asanzwe akorera iruhande y’aho abasabiririza bakunda kw’icara we avuga ko barya bantu basabiririza badakenye bose. Ngo zirya mpuzu baba bambaye ni impuzu z’akazi, bazita « inkima ». Muri barya ngo harimwo n’abafise amararo y’inka, eka n’amatongo manini cane.  N’abo vyari vyumvikana ko bosabiririza n’ink’abamugaye cane, ariko na bo babihinduye umwuga. Ubu ngo hari n’abantu basigaye bikika muri iyo ngeso bakaja gukotesha abamugaye kugira babacishe amafaranga, hama bakagira amahera baza baraha ab’iwabo w’uwukoreshwa mu gusabisha ubumuga.

Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango

N’ubwo biri uko, benshi bakaba babigize umwuga, ntibisigura ko bose badakeneye ubufasha. Muri bo harimwo abashonje. Hari abantu baja gusega kw’ibarabara kubera ukubura ukwo bagira. Bagahiga aho bakura ico guhendesha umunwa, ariko bakarwa mu mporero kubera abo babigize umwuga.

Intahe y’umuhungu y’inubwe kubera umwikeko irabisigura neza. Agira ati: « Jewe naravuye ruguru nje i Bujumbura, ndahashika ata n’umwe ndahazi. Namaze iminsi mw’ibarabara. Harageze igihe mbaho ntaronka na kimwe co gutamira. Numvise ngeze habi, naciye nja imbere y’urusengero ndicara. Naguma ntengurwa umubiri wose kubera inzara. Benshi bancako bigira. Hari n’ababwirana ngo ni amayeri nigirisha barabimenyereye. Nararindiriye n’uwogira ikigongwe ngo antahane ndabura kandi bavuye gusenga.  Narababaye kubona bancako aho ndiko ndapfira imbere y’urusengero bakarengana. »

Bigirimana umugabo amenyereye igisagara avuga ko bigoye gutandukanya uwushonje n’uwigirisha. Narirya ubuho hadutse n’abandi biziziwe n’ibiyayura mutwe na cane cane imwe bita « boost ». Abo bo usanga bizwi ko imiryango yabo yifise ariko mu gahura asabiriza ngo ntarya ibi canke biriya ari kubera ingaruka mbi z’ivyo biyayuramutwe. Erega ivyo vyose bituma n’uwuba afise agatima ko gufasha adebukirwa. Ubu uwusabiriza kenshi ngo arabwa nk’icimbwa ihaze.

Uwubonye uriko urafasha, abona ko ari amahera utaye kuko ubu abantu biyumvira ko ari ingeso. N’abakozi b’imana, kiri no mu mihamagaro yabo babacako birenganira. Ubegereye bakubwira ko bamaze guhinyura ko ari abatekamitwe.

Reta ngo yohagurukira iyo ngeso…

Haraheze igihe uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura buvuze ko bugiye gutuza iyo ngeso idaha agateka na gato igisagara. N’ibikorwa vyo kuburiza imiduga babasubiza iyo bavuye vyarakozwe ariko biragaragara ko ata nyishu irashe biratanga. Abari bamaze gutahura ko ari idiri idahomba idasaba n’umutahe, batanga imodoka z’abaduganye kugaruka mu gisagara. Ubu na ho umukuru w’igisagara aheruka kuvuga ko hazokoreshwa inguvu zishoboka kugira batuze abasegereza n’abantu bo mw’ibarabara gushika naho abakuze bazokoreshwa ibikorwa bisaba inguvu, ariko na ho nyene ntibumva. Bagumyeho.

Nahayo (izina ryahinduwe) yize ivyigwa vy’imibano abona ko izo ngingo za Reta zo gukura abasegereza mw’ibarabara kugira zishoboke zoherekezwa n’imigambi yo kwitaho abatoronka uko bigira, nk’ababa bamugaye cane. Reta yoshiraho ibigo vyinshi vyo kwakiriramwo abagendana ubumuga bakurwa kw’ibarabara bakabigisha imyuga n’ibindi vyoba bihuye n’ubushobozi bwabo. Abakomeye batega amaboko abahita na bo bakirukanwa mu bisagara, bakigishwa kwihangira imigambi ku mitumba iyo baje bava.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top