Jimbere

ikirundi French English
INDERO

« Ni agasaga buruhuko, ni agasaga mbanyi ku ntebe y’ishure »

Kuri uwu wa 1 Nyakanga 2020, ku murwa mukuru wa komine Kabezi, mu ntara ya Bujumbura, umugwi w’abahinga ujejwe ishirwa mu ngiro ry’umugambi Menyumenyeshe (GTT), ufashwe mu mugongo na Care International Burundi, waratunganije ibirori vyo gusezera ibikorwa vyo mu buruhuko «Bye Bye Vacances », aho waboneyeho akaryo ko guhimiriza urwaruka ku bijanye n’ubuzima bw’irondoka rijanye n’amagara meza.

Umurisho w’ingoma ni wo wivugira ku murwa mukuru wa komine Kabezi, aho twahashika isaha zitanu zo mu gitondo. Isinzi ry’abanyeshure bava mu ntara ya Bujumbura baje mu birori vy’ugusozera ibikorwa vyo mu kiruhuko vyo mu ci (« Camp d’été »). Abanyeshure ngo bakoze ibikor’inka muri iki kiruhuko mu guca imikobeko, gukora amatuta n’ugutera ibiti, eka mbere n’ugusahiriza mw’iyubakwa ry’inyubakwa rusangi. Ariko n’ubwo biri uko, ngo  ishamba  si ryeru, inda z’indaro n’ubwandu bw’umugera wa Sida ngo birakoze ibara mu rwaruka rwo muri iyo ntara.

Ibiharuro vyonyene ubwavyo birivugira. Nk’uko bishikirizwa na Joël Nibigira, atwara intara y’ubuvuzi ya Bujumbura, ibiharuro vyatororokanijwe mu mwaka wa 2019, mu turere tw’ubuvuzi tugize iyo ntara, ngo mu karere ka Isare, ku rwaruka 2.961 bipimishije, 98 basanze bafise inda kandi baranduye umugera wa sida. Nayo mu karere ka Rwibaga, ku rwaruka 2.121 rwipimishije, 41 ni bo basanze baranduye. Hama mu karere ka Kabezi, ku rwaruka 2.352, umwe ni we yanduye akagira n’imbanyi.  Eka mbere ngo n’akageso ko gufata ku nguvu ngo ntikabuze muri Bujumbura ngo muri urwo rwaruka rwose, 11 ni abituye amavuriro magenzi y’urwaruka kwipimisha kuko bafashwe ku nguvu.

???? Muri komine Kabezi, mwa wa mugambi Menyumenyeshe wa CARE International Burundi, haramutse hahimbarizwa kuri uwu wa…

Publiée par JimbereMagazine sur Mardi 1 septembre 2020

None vyoba biterwa n’iki ?

Nk’uko urwo rwaruka rwo nyene ruvyivugira biciye mu dukino n’ibindi biganiro, gutwara inda n’ukwandura umugera biva ku bintu vyinshi bitandukanye. Aho mu Kabezi, co kimwe no mu ntara ya Bujumbura, hasanzwe hagwiriye abarovyi benshi, abatwara amapikipiki, eka mbere n’abigisha basambanya abana bakiri ku ntebe y’ishure, hatibagiwe n’abasambanirizwa mu vyumba vy’amasengesho.

Ibishimangirwa n’uwusanzwe arongoye ikigo kijejwe iterambere ry’imibano muri iyo ntara. Ingendamuvano ya vyose ngo ni ukutamenya bivuye ku kuntu imiryango itagira ikiyago kijanye n’irondoka ryisunze amagara meza, iyo bidatewe n’ico naho ngo biterwa n’ubukene, canke indyane ziri mu miryango zituma abavyeyi badakurikirana indero y’abana.

Ku bijanye n’ingorane ubuyobozi bw’indero bukunda guhura na zo mu bijanye n’abanyeshure batwarira inda z’indaro ku mashure, Raphaël Ciza, arongoye indero muri iyo ntara, agira ati: « Iyo hari umwigeme yatwajwe  inda akitura ubutungane, ikibazo ca mbere bamubaza ni: « ufise imyaka ingahe ». Basanze akwiza imyaka 18, uburemere bw’icaha buca bugabanuka ku wayimutwaje. Birakwiye ko nyabuna amategeko yosubirwamwo umwana w’umwigeme akiri ku ntebe y’ishure akaguma afatwa nk’ « umu-mineur, uwutarakwiza imyaka 18, imbere y’ubutungane. »

???? Intambamyi 3 nyamukuru intara y’indero ya #Bujumbura igira mu bijanye n’abanyeshure batwara inda z’indaro nk’uko…

Publiée par JimbereMagazine sur Mardi 1 septembre 2020

Uwo muyobozi arongera atiː « Iyo hari umwigeme yatewe inda mu kibano, abatware bo ku mitumba bihutira kwumvikanisha imiryango yabo n’ababafashe ku nguvu, aho kubashengeza. Abigisha bagoka ku zo baragiye na bo nyene ngo bakwiye kuza barashirwa ahabona hakiri kare ntibisubire kubaho ko bagumirizwa ibanga. »

Nubwo biri uko, umugambi Menyumenyeshe ngo ni kirumara

Igipfungu naho ari cinshi, ngo umugambi Menyumenyeshe ufasha vyinshi. Estelle Irimbere yiga kuri Lycée Communal Kabezi, umwe mu banyeshure bafashe amajambo, agira ati: « Menyumenyeshe itaraza sinarinzi ibijanye n’ihindagurika ry’umubiri eka mbere n’ubuzima bw’irondoka rijanye n’amagara meza, ubu ndavyigisha abandi. Menyumenyeshe yanyigishije kwijukira amashirahamwe y’ukwiteza imbere y’urwaruka n’ugukurikirana ivyigwa ntasamara. »

???? Ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko ahantu umugambi #Menyumenyeshe umaze gushika, inda z’indaro zagabanutse bishemeye:…

Publiée par JimbereMagazine sur Mardi 1 septembre 2020

Kubwa Muganga Joel, we ngo biraboneka ko ibijanye n’ubuzima bw’irondoka rijanye n’amagara meza babizi kuko bavyigishijwe muri Menyumenyeshe kanatsinda ngo nko mu mwaka w’ishure wa 2017-2018, abanyeshure bari batwaye inda z’indaro ngo bashika ibice 8% vy’abiyandikishije kw’ishure mu gihe mu mwaka w’ishure wa 2018-2019 vyagabanutse bigashika kuri 6,2 % gusa.

Joel akabona ko ikibazo gihagaze ku kuntu umugambi Menyumenyeshe utarashika ku mashure yose, ari na co gituma n’uwo mugwi w’abahinga GTT wa Care International Burundi wasavye ko hoba icigwa mu ntumbero yo kugereranya amashure uwo mugambi ukorerako n’ayo utarashikamwo ku bijanye n’umuvuduko w’imbanyi mu mashure.

Wumvirije abanyeshure canke urundi rwaruka rwo mu kibano ico rugona,bashikiriza ko izo nyigisho z’umugambi Menyumenyeshe zobandanya. Ni mu gihe uwo mugambi uherana nuyu mwaka. Ibirori bikaba vyarangiye Ishirahamwe Care International Burundi, n’abandi bafashanya gukurikirana urwaruka batanga, amasabuni n’amakaye y’ugusahiriza abavyeyi narirya umwaka w’ishure wé 2020-2021 wegereje gutangura.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top