Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Ngo abahungu bicuruza umubiri babita «abapfubuzi»

Hari ho imisore usanga umenga nta co ifise ikora, izindukira mu bibanza bimwebimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura ariko ukabona yiyambariye neza, bafise uduterefone tuzimvye, bamwe binywera agakawa, akavinyu, abandi bibereye mu guterura ivyuma. Burya ngo muri barya harimwo abapfubuzi. Abo n’abo ngo bakora nk’abakobwa bigurisha umubiri.

Abo bapfubuzi rero twari tumenyereye bavugwa mu Rwanda. None no mu gisagara ca Bujumbura ngo barahageze. Si abahungu batagira amagara. Oya, ahubwo ni ibigatanya bikomeye. Ni abahungu bitoto bamota ifaranga bakura mu bagore n’abakobwa barifise. Ibi-flecheur vyabo biba bijejeta. Bambara neza bakaberwa. Bafise ibituza vyavyimbijwe no guterura ivyuma. Barasokoza ubwanwa bugashoka ku matama bugatuma bashimwa n’abagore. Abo rero kubera igikorwa cabo ngo bama biteguye.

Mu gatondo bavyukira ku ga siporo, bagapompa udupompaje, bakarya ivyuma, bagafata ikawa, tangawizi canke utundi tunyobwa tubongerereza inguvu. Hama bakambara neza bakaja kw’isoko yabo. Bakicara, akaguru bakagereka ku kandi, bamwebamwe agatabi bagatumura, bagafata uduterefone twabo bakaba barisamaza barindiriye ibimama biza kubasuma. Bari henshi mu gisagara. Mu bunywero, amahoteri no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi ni ho babarizwa.

Abakiriya…?

Ngo ugira gutya ukabona ibimama mu miduga isa neza biraje buhorobuhoro vyamanuye ibiyo, bikagenda biraca aho ya misore y’imisonga yicaye. Bikihweza. Vyabona abakwije ivyo vyipfuza bigaparika hama nya bimama bikabahamagara. Bakumvikana ibiciro. Bahuje, nya misore ikinjira imiduga bakagenda. Bahuzwa n’igikorwa c’abajanye n’ifaranga gusa.  Bahejeje, umuhugu asubira kw’isoko kwicuruza, ikimama na co kikaja mu vyaco.

Abo bapfubuzi ngo bakora nk’abakobwa bigurisha. Nako ni bamwe. Ibiciro bizimba bivanye n’uwuje kubashorera ku mibiri yabo mvukanwa. Ari umugore yiyemera ku kanoti, ngo bamuca menshi. Iyo basavye ko batikingira na ho nyene bongerako ayandi. Ariko uwuryosha ibikorwa ngo ni we yama aronderwa. Mbere ngo hari n’abahava bagabanye amatungo amw’amwe bahawe n’abo bapfuburirwa. Bagenzi isi igeze kure. Birateye ubwoba. Mbere ni akamaramaza. Turakwiye kwirinda.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top